Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Hasabwe kurungikwa mu maguru masha inteko za ONU
 Centrafrika : Hasabwe kurungikwa mu maguru masha inteko za ONU
 Centrafrika : Hasabwe kurungikwa mu maguru masha inteko za ONU
				
				vendredi 14 Ruhuhuma 2014
Ingwano iriko ibera mu gihugu ca Centrafrika yabaye kayoberabahinga, igikorwa co kugarukana umutekano kikaba cananiye n’inteko mpuzamakungu zarungitsweyo.
Igihugu c’Ubufaransa gisanzwe carungutse inteko zaco muri Centrafrika, casavye inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe ONU kuri uyu wa kane wa 13 Ruhuhuma 2014 ko hokwongerezwa inguvu zose zishoboka mu kurungika inteko mpuzamakungu za ONU muri Centrafrika kugira zifashe kugarukana umutekano.
Mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa kane wa 13 Ruhuhuma n’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe ONU yashizeho urutonde rukwiye gukurikizwa mu maguru masha mu kurungika izo nteko za ONU, mu migenderanire isanzwe ihari hagati y’ishirahamwe ONU n’ishirahamwe ry’ubumwe rya Afrika.
Izo nteko zindi za ONU zikaba zasabwe mu gihe izari zisanzwe ziri muri Centrafrika ziva mu gihugu c’Ubufaransa ziri kumwe n’izindi zo muri Afrika harimwo n’abarundi, zari zisanzwe zitorohewe mu gikorwa co kugarukana umutekano.
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bangui babandanya basukwamwo amasasu atagira uko angana, batazi n’iyo aturuka, kandi vyitwa ko ico gisagara kirimwo abasirikare b’abafaransa n’aba MISCA.
Mariella Bukuru
