Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire : Uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu (...)
 Côte d’Ivoire : Uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yashikanwe i La Haye
 Côte d’Ivoire : Uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yashikanwe i La Haye
				
				dimanche 23 Ntwarante 2014
Charles Blé Goudé, uwahoze ari umushikiranganji w’urwaruka mu gihugu ku ntwaro y’umukuru w’igihugu Laurent Gbagbo yashikanwe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye, yagirizwa uruhara yagize mu bwicanyi bwakurikiye amatora yo mu gihugu ca Côte d’Ivoire.
Uwo Charles Blé Goudé akurikiranwa n’ubutungane mpuzamakungu yahoze ari somambike w’umukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire Laurent Gbagba, akaba kandi yari n’umukuru w’urwaruka rwegukira umugambwe wari ku butegetsi rwica rugakiza ku ntwaro ya Laurent Gbagbo. Charles Blé Goudé yashikirijwe sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye.
Amashirahamwe mpuzamakungu akingira agateka ka zina muntu yamye yagiriza Charles Blé Goudé yahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko ariwe yatumye haba ubwicanyi kuva muri Kigarama umwaka w’2010, gushika muri Ndamukiza umwaka w’2011, inyuma y’amatora yabaye muri ico gihugu ca Côte d’Ivoire.
 
- Charles Blé Goudé yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka mu gihugu
Charles Blé Goudé yahagaritswe muri Nzero 2013, afatiwe mu gihugu ca Ghana, inyuma y’umwaka urenga yari amaze yinyegeje. Yahambije shebuja, umukuru w’igihugu Laurent Gbagbo apfungiwe i La Haye kuva mu mpera z’umwaka w’2011.
Egide Nduwimana

Messages
23 Ntwarante 2014, 14:32, par Matwi
Ndibaza ko imbonerakure zimwe zimwe nazo nyene boba barazitegurira ikibanza aho i LAHE
23 Ntwarante 2014, 15:34, par willy
Charles BlE GoudE ntabwo yari ministre de l’interieur yari Ministre de la Jeunesse kuri Bagbo
23 Ntwarante 2014, 16:18, par Sivyubu
kuvugimbonerakure gusa?erega na edouard muga ntiyera pourquoi ça na petero
23 Ntwarante 2014, 16:45, par Nzeyi
Ahobwo abe yibutse kwambura iriya CHAPURE y’UMUBYEYI BIKIRAMALIYA yama yiyambaje mu josi.
23 Ntwarante 2014, 16:46, par Nzeyi
Ahobwo abe yibutse kwambura iriya CHAPURE y’UMUBYEYI BIKIRAMALIYA yama yiyambaje mu ijosi.
23 Ntwarante 2014, 18:21, par Kirinyota
nagende abe arategura ikibanza ca nduwimana, dorufo, bunyoni, na pita.
24 Ntwarante 2014, 02:27, par mico
mbega ko muvuga imbonerakure mukibagira aba jrr-aba sanzechek canke aba sanzefete.. mwibagiye abana buburundi bamariyemwo imiganogano ururimi ruvuga abandi ruragororoka imyaka ihaciye ntitwibagiye ivyo mwakoze imbonerakure niba arizo muvuga zo muracarikumwe na bado kandi nibaza ko bazoza babasangayo .
24 Ntwarante 2014, 02:45, par Come
Nagenge mugabo ntaze aryame hose amusigire ikibanza Adolphe , Umukuru wimbonera kure , Nduwimana, Nkurunziza, Rwembe, Ndakugarika ........
24 Ntwarante 2014, 08:39, par bip telecom
BASHA BWIRA AMAKUNGU ANYARUTSE GUTWARA ABA B’IBURUNDI HATARUZURA.CANKE NTACO BOBO TUZOKORESHA GACACA
24 Ntwarante 2014, 12:08, par barupas
mbe ko mwibagira ba Mjr Bikomagu namabi bakoreye igihugu!!! aba sans echecs, sans defaites, ba mjrBusokoza bisha Ndadaye n’abo bashanya!!! akarimi kavuga na ngore karagororoka!!!
3 Munyonyo 2014, 22:19, par nduwimana.hermas
uko ina bi ikaguhekeza,wakoneza ukasisangimbere