Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > “Chris Brown yagukubise kubera utari mwiza”
 “Chris Brown yagukubise kubera utari mwiza”
 “Chris Brown yagukubise kubera utari mwiza”
				
				lundi 27 Rusama 2013
Inyuma y’uguhagarikwa n’igipolisi kubera inyifato mbi n’ukuba yanyoye ibiyayuramutwe, umuririmvyikazi akaba n’umukinyi w’amareresi Amanda Bynes yarasubiye gusotora umuririmvyikazi Rihanna.
Amanda Bynes arahaye arerekana ko afitiye urwanko Rihanna. Mu mpera z’iyi ndwi, Bynes yarongeye gusotora Rihanna aciye ku rubuga rwa Twitter. Aho yagarutse ku makofe Chris Brown yakubise Rihanna mu mwaka w’2009.
 
- Amanda Bynes
Ati: “Chris Brown yagukubise kubera utari mwiza”. Ubwo bwari ubutumwa bwiwe bwa mbere yanditse yerekeza kuri Rihanna. Bidatevye na gato, Amanda Bynes yaciye yandika ubundi butumwa aho yagize ati: “ Imbwa yanje narahatswe kuyita Rihanna”.
Uwo mukinyi w’amareresi yaciye afuta ubwo butumwa uko ari bubiri. Ariko, Rihanna bwari bwerekeye yari yamaze kubumenya. Niko guheza akishurana agahemo kenshi ati “Nuko bigenda iyo wanse uwugufasha”. Aho Rihanna yarafatiye kw’ireresi ivuga abanywi b’ibiyayuramutwe bagerageza guheba bikabagora cane. Ivyo rero bikaba vyaciye bitera agashavu kenshi Amanda Bynes.
Biturutse kuri iryo shavu, yaciye anishura ubwo butumwa bwa Rihanna akoresheje ibitutsi biteye isoni ariko yahavuye abufuta mu nyuma bidatevye.
Mugabo ico mwomenya n’uko uwahoze akundana na Rihanna ariwe Chris Brown, yasubiranye n’uwo bakundana kera yitwa Karrueche Tran. Uyu nawe akaba ariwe yakundana na Chris imbere y’uko afatana na Rihanna.
 
- Karrueche Tran, akundana na Chris Brown
Luc Noel Ingabire
