IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke: Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu ruzi Nyabagere

Cibitoke: Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu ruzi Nyabagere

dimanche 20 Nyakanga 2015

Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe mu ruzi Nyabagere rugabura Zone Cibitoke na Zone Ngagara mu gatondo ko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20 Nyakanga 2015.

Amakuru ava aho mu Cibitoke amenyesha ko ico kiziga catowe nk’igihe c’isaha zine n’igice,akaba yaboneka ko yoba yiciwe ahandi aza gutabwa muri urwo ruzi.

Idephonse Nduwimana arongoye quartier ya 5 amenyesha ko ayo makuru yayamenye avuye gusenga,aho yasanze ico kiziga gisa n’aho carashwe hanyuma aracumitwa,ariko ko ata numwe yamumenye.

Ildephonse Nduwimana avuga ko barushe,kuko mu ndwi zitatu,mu ruzi nyabagere hamaze gutorwa ibiziga bitatu nyene,biboneka ko vyicirwa ahandi bikaza gutabwa aho.

Abanyagihugu baho mu Cibitoke basaba ko boronka uburenganzira bwo gukorana n’abajejwe umutekano kugira ivyo bintu bihagarare,kuko biboneka ko ivyo biziga bizanwa kuko ata gikorwa co kwirarira gikorwa muri iyo micungararo.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.