IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNC : Abamenyeshamakuru bibutswa akarangamutima k’umwuga

CNC : Abamenyeshamakuru bibutswa akarangamutima k’umwuga

lundi 22 Kigarama 2014

Ibimenyeshamakuru birakwiye kumenya uko bikwiye gukora mu gutanga amakuru yizewe mu gihe c’amatora, kugira ntihabe ugukwega akarambaraye mu gihugu.

Mu ntumbero yo gukarishiriza ubwenge abamenyeshamakuru ku ngendo bogira mu gihe c’amatora, ikigo CNC catunganije umwiherero, uzomara iminsi ibiri, kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo 22 Kigarama 2014.

Mw’ijambo ryiwe ry’ugutanguza izo nyigisho z’iminsi ibiri, umukuru wa CNC (Conseil National de la Communication), Richard Giramahoro, yashimiye ibimenyeshamakuru uko vyitanze mu gutanga amakuru no guhamagarira abarundi kwitaba igikorwa co kwiyandikisha kugira bazoje gutora bazokwitabe amatora Uburundi bwimirije mu mwaka w’2015.

JPEG - 68.9 ko
Richard GIRAMAHORO (hagati), umukuru w’urwego CNC

Nk’uko vyashikirijwe n’umuhinga yakoze icigwa, Innocent Nsabimana, ibihuvya abamenyeshamakuru mu gihe c’amatora ni vyinshi, aho akavuga ukutamenya akarangamutima ko kumenyeshamakuru, ugukavya mu gutanga amakuru, ugutwarira hejuru mu gutanga amakuru adatohojwe, n’ibindi.

JPEG - 896.5 ko
Innocent Nsabimana, umuhinga yakoze icigwa

Richard Giramahoro, umukuru wa CNC agahamagarira ibinyamakuru bitandukanye bikorera mu Burundi ko vyomenya akarangamutima ko kumenyeshamakuru, kugira baze batange amakuru yizewe mu gihe c’amatora. Giramahoro Richard ati : "Umumenyeshamakuru akwiye gukora ataho yegemiye mu gutanga amakuru atohojwe kandi ataca ivutu umunyagihugu ariko arayaronka."


Alida Sabiteka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.