IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNC n’iradiyo RPA ntibicana uwaka

CNC n’iradiyo RPA ntibicana uwaka

mercredi 5 Munyonyo 2014

Urwego rwo gucungera amakuru CNC rumenyesha ko rwakiranye umubabaro amakuru yashikirijwe n’iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihuhu, ku nkuru yerekeye ingingo zafashwe n’urwo rwego ku bijanye n’ibirego vyashikirijwe n’umugambwe CNDD FDD na buramatari wa Bubanza.

Mu kiganiro umukuru w’urwo rwego yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Richard Giramahoro, yavuze ko urwego CNC rutitwariye RPA, ahubwo ko urwo rwego rwashize mu ngiro ingingo ya 20 n’iya 66 ziri mw’ibwirizwa rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, zitegekanya ububasha bwa CNC bwo kurungikira inzego z’ubutungane zibifitiye uburenganzira ibirego bidahanwa n’iryo bwirizwa.

Richard Giramahoro akabandanya avuga ko kwemeza y’uko inama ya bose y’urwego CNC atamakosa yigeze ibona mu vyitwariwe n’umugambwe CNDD FDD hamwe na buramatari w’intara ya Bubanza, kandi ko bose babihurijeko kiretse icegera c’umukuru wa CNC, avuga ko ari ingendo yo gushaka gucanishamwo urwo rwego, mu gihe ingingo itigera ifatwa n’umuntu umwe gusa.

Mukamenya ko iradiyo RPA yari yashikirije amakenga ifise kw’ijanwa mu butungane ry’urubanza rwayo n’umugambwe CNDD FDD hamwe na buramatari wa Bubanza, aho babona ko ivyo bifise intumbero yo gushaka kuzivya iyo radiyo. Bob Rugurika, umuyobozi w’iyo radiyo amenyesha ko bamaze kuronka amakuru ko hoba hari umurwi w’abacamanza uriko urategurwa kugira uzosase muri urwo rubanza, insamirizi RPA isabwe amahadabu y’amafaranga menshi n’ibihano bikomeye


Aristide Nizigire

Messages

  • RPA niyikubite agashi. Ntivyumvikana ukuntu ariyo radio nkayonyene yama iriko irakurikiranwa canke ihanganye n’ubutungane canke inzego canke n’abanyagihugu bamwe bamwe.

  • Mbenku Burundi bwatsemwo umuriro kombona RPA ikaziyayo arugukomezayenyegeza yatsa mumbenera inyungu yocironka ariyihe? Ntibikabe arikobibaye nkarokoka nkababona ahotwahungiye mubiti nobaseka! Kandintibihende ngobahunze ngovugakobakomeye arazobazabamwe mubategetsi baribahunze mugihe Ndadaye yitswa ukuntu birirwa bazingurukana ibidomori bagiye kurangura imitiritiri (inzogazivamubigori) harihi abo Sinduhije yahenze ngonihabahoguhunga ngwazoca abahamagara bamusange iburaya nobabwirako kuvigabiroroshe hagezigihe cokubishira mungiro’ haha! Mwashaka mworeka kugumamusamburana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.