IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNIDH : Urwaruka rureke gushihana rwijukire ibikorwa vy’iterambere

CNIDH : Urwaruka rureke gushihana rwijukire ibikorwa vy’iterambere

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Umurwi wigenga w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, umenyesha ko urajwe ishinga n’inyifato z’urwaruka ruhurikiye mu migambwe imwe imwe.

Umukuru w’uwo murwi CNIDH furera Emmanuel Ntakarutimana, avuga ko arajwe ishinga n’itana mu mitwe rimaze iminsi ryibonekeza hagati y’urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye, na cane cane ku biherutse kuba ubu vuba mu ntara ya Kirundo, aho ku murwa mukuru w’iyo ntara urwaruka rwo muri CNDD –FDD ari zo Imbonerakure, batanye mu mitwe n’urwaruka rwo mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegesti.

Kuri ivyo vyabaye rero ,umukuru wa CNIDH asaba urwo rwaruka kwijukira imigambi y’iterambere, aho kwirirwa biruka mw’ihohoterana ata na kimwe ryinjiza atari ugusubiza igihugu inyuma gusa, bongera bahonyanga amasezerano y’i Arusha. Yasavye abakuru b’imigambwe babahenda bagatuma bakora amakosa ko vyoza biraja ku gatwe kabo banyeporitike. Furera Ntakarutimana arangiza abahamagarira kwigishwa abanywanyi b’iyo migambwe uko bigenza babicishije mu nyigisho zijanye ahanini nogusoneranirana, kuko ku bwiwe ari naco kintu gikomeye mu ntwaro rusangi.

Tubibutse rero ko, Imbonerakure zaho mu kirundo, zakubise abanywanyi b’umugambwe FRODEBU umunani, babiri barakomereka cane. Mu mugambwe FRODEBU Nyakuri hamwe n’iyindi migambwe na cane cane iyi muri ADC IKIBIRI hamwe na UPRONA, bakavuga ko ingorane ziterwa n’Imbonerakure mu gihugu n’amakungu amaze kuzimenya, kandi abikurikiranira hagufi, nabo bakavuga ko bagiye kuva hasi bazikenyere, biyamirize ibikorwa vy’ihohoterwa bagirirwa n’Imbonerakure.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.