Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo : Abantu bane bapfunzwe bagirizwa guha ivyabona igiturire
 Congo : Abantu bane bapfunzwe bagirizwa guha ivyabona igiturire
 Congo : Abantu bane bapfunzwe bagirizwa guha ivyabona igiturire
				
				lundi 25 Munyonyo 2013
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha imenyesha ko abanyagihugu bane bo muri Congo bafashwe bagirizwa guha igiturire ivyabona mu rubanza rwa Jean Pierre Bemba.
Abo bagabo bane bakomoka muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bagirizwa ko bahaye igiturire ivyabona kugira bibeshe mu rubanza rw’uwahoze ari icegera c’umukuru w’ico gihugu.
Muri abo banyagihugu bane harimwo n’uwufasha kubarana Jean Pierre Bemba, hamwe n’umushingamateka. Uko ari bane, bose nta n’umwe yafatiwe hamwe n’uwundi. Bafatiwe mu bihugu bine ari vyo Ubufaransa, Ububirigi, Ubuhorande hamwe na Congo.
Jean Pierre Bemba amaze imyaka irenga itanu apfunzwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara n’ivyo guhohotera ikiremwa muntu bivugwa ko vyakorewe mu gihugu ca Centrafrique.
IGIHE
