IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo Brazaville : Général Jean Marie Michel Makoko agiye guhiganwa na Denis (...)

Congo Brazaville : Général Jean Marie Michel Makoko agiye guhiganwa na Denis Sassou Ngwesso

lundi 8 Ruhuhuma 2016, par egide

Uwahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Congo Brazaville, Général Jean Marie Michel Makoko yamenyesheje ko azokwiyamamaza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, ahiganwe na Denis Sassou Nguesso aramutswa Congo Brazaville.

Amakuru dukesha RFI avuga ko Général Jean Marie Michel Makoko yafashe iyo ngingo y’ukuzokwiyamamaza kuko yababajwe n’ivyakozwe na Sassou Nguesso, mu guhindura ibwirizwa shingiro kugira ashobore gusubira kwiyamamaza.

JPEG - 31.7 ko
Général Jean Marie Michel Makoko yahoze arongoye ibiro bikuru vya gisirikare

Général Jean Marie Michel Makoko yashize ahabona mu mwaka uheze ko yitandukanije n’umukuru w’igihugu Denis Sassou Nguesso, asezera akazi ka gisirikare, avuga ko adashobora kubandanya kurabisha amaso ibiriko bibera mu gihugu ciwe.

Iyo ntwazangabo ivuga ko izi neza kahise k’igihugu hamwe n’ibibazo bihari, akaba arivyo Général Jean Marie Michel Makoko avuga ko agiye guhangana navyo mu gihe yokwizerwa n’abanyagihugu mu matora yimirije.

Muri ayo matora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 2016, Général Jean Marie Michel Makoko yahoze aserukira intumwa idasanzwe y’umukuru w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika mu kugarura amahoro muri Centrafrique, azokwiyamamaza kw’uwigenga.


IGIHE

Messages

  • raba ahandi! none nguesso ko yemera guhiganwa n, abandi ugira uyo mugeneral azomwica canke ngo amwomore nk,uko bikorwa hano iwacu?

  • Mwebwe mushaka ubutegetsi kuri bano ba perezida ba afrika nimucire birarura namba mutashoboye gufata inkoho mubakureko kunguvu ntayo murimwo abanyagihugu bashake bakwizere aho babihindurira barahazi rero namba mukivuga ngo murindiriye kwizerwa nabanyagihugu ahoho muzohora murivyo kugeza yesu aje ahubwo fata imbunda hama mucekane nubutegetsi atarivyo muzoherera mukuvuga!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.