IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo : Umukuru w’ikiroberi mu buraruko bushira ubuseruko yishwe

Congo : Umukuru w’ikiroberi mu buraruko bushira ubuseruko yishwe

mardi 15 Ndamukiza 2014

Umukuru w’ikiroberi Paul Salada, azwi cane kw’izina rya Morgan, yari agiye mu buraruka bushira ubuseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kuwa gatandatu. Akaba ari naho yahavuye yicirwa, mu gihe yariko agerageza guhunga.

Amakuru ashikizwa n’igisirikare co muri ico gice ca Congo kibicishije ku muvugizi waco, Lieutenant-Colonel Jean Claude Kifwa, avuga ko uwo murwanyi yagomvye guhunga mu gihe hari imishamirano hagati y’umurwi wiwe n’igisirikare c’igihugu (FARDC).
Morgan akaba yarakomeretse ku maguru, akaba ari naho yakuriye gupfa.

Uwo muvugizi arongera akanamenyesha ko hapfuye abaroberi bane, hakomereka abasirikare babiri n’abanyagihugu babiri.
Iyo mishamirano ikaba yabereye i Molokayi ku birometero 30 uvuye i Epulu, ishamba cimeza rikingiwe ryegukira ishirahamwe UNESCO.
Muri Ruheshi mu mwaka w’2012, Morgan n’ingabo ziwe barishe abacungera 10 iryo shamba n’ibikoko ata handi ubisanga atari muri ico gice ca Congo.

Mu cegeranyo cakozwe n’abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU casohotse muri Nzero, baragiriza Morgan ivyaha vyinshi nko guhohotera agateka ka zina muntu (harimwo gufata ku nguvu), gutera ahacukurwa ubutare no kwica ibikoko nk’inzovu ata ruhusha abifitiye. Akaba yapfiriye mu ndege ya Monusco, igisata ca ONU gikorera muri Congo, mu gihe yari atwawe kuvurwa.


Isabelle Simbarakiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.