Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Corse : Umukobwa yatemaguwe na se amuziza gukundana n’umuhungu (...)
 Corse : Umukobwa yatemaguwe na se amuziza gukundana n’umuhungu w’umwirabure
 Corse : Umukobwa yatemaguwe na se amuziza gukundana n’umuhungu w’umwirabure
				
				lundi 12 Rusama 2014
Mu gisagara ca Brando hafi ya Bastia mu gihugu ca Haute Corse hari umugabo w’imyaka 45 y’amavuka yahatswe kwihekura mu gutemagura umukobwa wiwe n’umupanga amuhoye ko akundana n’umuhungu w’umwirabure.
Urukundo, n’ikigumbagumba bishobora gutuma umuhungu akunda umwigeme yashimye ataravye urukoba rwiwe, ubwoko, umuryango, intara avamwo, canke amashure n’imyaka yoba afise.
Ariko rero, naho biri uko, hari igihe urwo rukundo rushobora gutera intambanyi n’urwanko mu muryango mu gihe abavyeyi badatahuye ico umwana aba yahisemwo. Iyo rero badashimye uwo umwana wabo yahisemwo gukunda, abavyeyi yaba ab’umuhungu canke umukobwa, bagerageza uburyo bwose bwo kumutesha ntibagumane.
Mu gihugu ca Corse havugwa inkuru y’umugabo atashimye na gato ko umukobwa wiwe afise imyaka 19 y’amavuka akundana n’umuhungu badasangiye urukoba, uwo nawe akaba ari umwirabure.
Kugira amuteshe uwo muhungu w’umwirabure bakundana, se w’umukobwa yahitanye umupanga asanga aho abo bana babiri bari bibereye, ajako arabatemagura. Umukobwa wiwe amukomeretsa mu kiganza, umuhungu nawe, ku kuboko no ku kuguru. Aho hakaba hari isaha zitatu zo mu gitondo co kuri uwu w"iamana wa 11 Rusama 2014.
Bimaze kugenda uko, umukobwa yaciye akorokera mu muduga wiwe yirukanga kurondera icobatabara, aca arondera ahari ikirindiro hafi c’abaporisi, se nawe amuja inyuma aramukurukira gushika aho bagera n’imbere y’abajejwe umutekano aca arishikana ari naho baciye bamufatira.
Abajejwe kugira amatohoza, inyuma yaho iryo bara ribereye kuri uyu w’Imana wa 11 Rusama 2014, bavuze ko badatangajwe niyo nyifato yo gukumira uwo mugabo yerekanye, kuko bisanzwe birwiriye mu batari bake muri ico gihugu.
Tukabamenyesha ko ubu uwo musore w’umwirabure afise imyaka 26 y’amavuka yakomerekejwe na se w’umukobwa bakundana, ariko aravurwa.
Mariella Bukuru

Messages
12 Rusama 2014, 16:14, par Komodjo
Ahubwo abazungu ntimubazi basi inzigo yakazikira nka’abatutsi nubwo tubona batwanikirir’amenyo urambaza jewe mba muri africa yepfo umuzungu waho ntagusange kurugendo urumwirabure ngo araguha lift agupfuy’agasoni naho akayiguha menya ko wicara mwi bakkie ,jew nabonye apartheid yabo itarabavamwo na niyo mpamvu nubwo ndabakorera sindabaraba ryiza baragatumbagana muga barindir’umunsi wabo uriho
14 Rusama 2014, 18:49, par Buteku Gosper
Sha uracari inyuma y’amajambere ,wewe ugifise amacakubiri gushika aho ugereranya abazungu n’abatutsi , mbe uva mu ntara iyihe? Ko jewe nzi ubu abubakanye b’ubwoko budasa benshi basigaye baruta abubakanye basangiye ubwoko. Genda utereze akajisho ku manza z’ubugeni zibera harya mu gisagara c’i Buja.
21 Rusama 2014, 16:42, par Remesha Remy dreva
Uwo muzungu ngira ntakomeye ntiyoba ayo aramacakubiri gusa.nahanwe bimwe vyakarorero nabandi bagifise amacakubiri nkawe ntibazosubire.uwo nawe avuze ko afise inzigo nkiyabatutsi,araza arabe aha ibujumbura aho abahutu baviriye mwishamba ubu nta muhutu akirongora umuhutukazi birongorera abatutsikazi gusa
21 Rusama 2014, 16:45, par Remesha Remy dreva
Uwo muzungu ngira ntakomeye ntiyoba ayo aramacakubiri gusa.nahanwe bimwe vyakarorero nabandi bagifise amacakubiri nkawe ntibazosubire.uwo nawe avuze ko afise inzigo nkiyabatutsi,araza arabe aha ibujumbura aho abahutu baviriye mwishamba ubu nta muhutu akirongora umuhutukazi birongorera abatutsikazi gusa
22 Rusama 2014, 12:31, par mukobwajana
RACISME IRAVUKANWA NAHO BOGIRA GUTE ..GUSA NI GOUVERNANCE MU BAZUNGU BATURUSHA ..BOBA BANKA UMWIRABURE ARIKO NTIBAKWICE ..ARIKO URUMVA WE KO ATANABAGABISHIJE ...EREGA UMUNTU ATEGEREZWA KUBAHA IKIREMWA MUNTU NDIZEYE KO BAGIRE BAMUHANE
22 Rusama 2014, 12:31, par mukobwajana
RACISME IRAVUKANWA NAHO BOGIRA GUTE ..GUSA NI GOUVERNANCE MU BAZUNGU BATURUSHA ..BOBA BANKA UMWIRABURE ARIKO NTIBAKWICE ..ARIKO URUMVA WE KO ATANABAGABISHIJE ...EREGA UMUNTU ATEGEREZWA KUBAHA IKIREMWA MUNTU NDIZEYE KO BAGIRE BAMUHANE