Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire : Charles Blé Goudé yagirizwa ivyaha bikomeye
Côte d’Ivoire : Charles Blé Goudé yagirizwa ivyaha bikomeye
mardi 30 Nyakanga 2014
Charles Blé Goudé, umunyanya Côte d’Ivoire, yakorana n’uwahoze ari umukuru w’ico gihugu Laurent Gbagbo, arenguka kuva kw’igenekerezo rya 29 nyakanga imbere ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu (cour pénale internationale) mu manza zizokwerekana kwazocibwa urubanza ku bwicanyi, gufata kunguvu n’ibindi vyaha vy’agahomerabunwa.
Uwahoze atwara imiyabaga « jeunes patriotes », Charles Blé Goudé, yikekwako kuba yarimwo mu mugambi wa Laurent Gbagbo wo kuguma ku butagetsi, muri myandagaro umwaka w’i 2010. Mu mezi atanu,abantu barenga 3000 barishwe i Abidjan no mu burengero bw’ico gihugu.
Charles Blé Goudé, kuva ejo, aritaba imanza zibera i La Haye. Ku bwa Fatou Bensouda, umushikirizamanza mukuru wa sentare mpanavyaha mpuzamakungu (CPI), Charles Blé Goudé « niwe abazwa ivyaha bimwe bimwe vy’agahomerabunwa » vyakozwe inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu muri myandagaro umwaka w’i 2010 muri Côte d’Ivoire. Bakamwagiriza kuba yari umwe mubagendana n’uwahoze ari umukuru w’igihugu Gbagbo, agafasha gushira mungiro umugambi w’ubwicanyi
Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru bivuga ko hari ivyemezo vyerekana ko Blé Goudé yaha impanuro Gbagbo kandi ko yahabwa amategeko ya Gbagbo. Abakorewe amabi basaba ubutungane kubatunganiriza.
Nadege
Messages
1er Gitugutu 2014, 11:24, par NDAVUGASIMVURA
muraba mwumva mwagwaruka muhendwa mubona mugakwirikira ivyo mutazi isi irababona ntimwibagire ko amazi ashuha mugabo atibagira ibumbeho.
2 Gitugutu 2014, 13:01, par Franck
Ndagize mwiriwe. Kuberiki?abanya frika tuguma twicana kandi turibamwe nikuki?ivyovyose niku bera amahera.imana igarukire.afrika murakoze.