Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire: SFI yiyemeje gufasha imiriyoni 700 mugisata c’abikorera (...)
 Cote d’Ivoire: SFI yiyemeje gufasha  imiriyoni 700 mugisata c’abikorera utwabo
 Cote d’Ivoire: SFI yiyemeje gufasha  imiriyoni 700 mugisata c’abikorera utwabo
				
				mercredi 30 Nzero 2013
Icegera c’umukuru w’igisata c’ibanki y’isi kijejwe guterera mu gisata c’abikorera ivyabo Dorothy Berry yaragendeye igihugu ca Cote d’Ivoire,yaremeye ko bazoshira umutahe w’amafaranga imiriyoni 700 z’amadorare gushika mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2013.
Nk’uko Dorothy Berry yabimenyesheje,ico gisata c’ibanki y’isi kijejwe igisata c’abikorera ivyabo camenyesheje ko cari kirindiriye guteza imbere ibikorwa mu gihugu ca Cote d’Ivoire mu gukorera ahanini mu bijanye no guhingura umuyagankuba hamwe n’igisata c’amahinguriro y’ibifungurwa.Ico gisata kandi cipfuza guteza imbere ibijanye no guterera mu gisata c’amahinguriro mato mato.
Muri uro rugendo mu gihugu ca Cote d’Ivoire,Berry yarabonanye Niale Kaba umushikiranganji w’ubutunzi n’ikigega,Jean Louis Billon umushikiranganji w’ubudandaji hamwe na Jean Claude Brou umushikiranganji w’amahinguriro.Yarabonanye kandi n’abikorera ivyabo hamwe n’abandi bafasha mu gisata c’ubutunzi.
Nk’uko amakuru ava mu kinyamakuru JeuneAfrique abivuga,ngo Berry yemeje ko SFI yiyemeje kuguma ifata mu mugongo igihugu ca Cote d’Ivoire kugirango kive mu bihugu bivugwa ko bitifashe neza biciye mu gushigikira igisata c’abikorera ivyabo bari mu ba mbere batanga akazi.
Tubamenyeshe ko SFI yemeye gutanga izo miriyoni 700 azofasha mu gushigikira amafaranga reta ya Cote d’Ivoire izokoresha gushika mu kwezi kwa Ruheshi inyuma yo gutanga ayandi angana imiriyoni 125 z’amadorare yo gushigikira igice Azoto 3 nk’uko vyateweko umukono mu kwezi kwa Gitugutu kw’umwaka uheze.
Marie Claire Ingabire
