Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire: Umukuru w’abacunga Simone Gbagbo yaciriwe gupfungwa imyaka (...)
 Côte d’Ivoire: Umukuru w’abacunga Simone Gbagbo yaciriwe gupfungwa imyaka 20
 Côte d’Ivoire: Umukuru w’abacunga Simone Gbagbo yaciriwe gupfungwa imyaka 20
				
				mercredi 5 Myandagaro 2015
Sentare ya gisirikare mu gihugu ca Cote d’Ivoire yaciriye igihano co gupfungwa imyaka 20 commandant Anselme Seka Yapo,yahoze ari umukuru w’abasirikare bacunga ubuzima bw’umugore wa Laurent Gbagbo,Simone Gbagbo
Anselme Seka Yapo yagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi vyakozwe inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu muri Cote d’Ivoire hagati y’imyaka k’2010 n’2011.
Naho yari yejejwe ku caha co kunyuruza amatungo ya Reta,n’ibikoresho vya gisirikare,Anselme Seka Yapo yaciriwe ico gihano yagirizwa gukora ubwicanyi abishaka,gukubita no gukomeretsa.
Séka Yapo Anselme azwi kuba ariwe yishe arashe umudereva yatwara imodoka y’uwahoze ari umushikiranganji w’agateka ka zinamuntu Joël N’Guessan, mu magume yabaye inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2011.
Komiseri wa Reta yavuze ko mu gihe commandant Anselme Seka Yapo azoba acidegemvya igihugu ca Cote d’Ivoire kitazoronka amahoro.
Van Naris Mugisha

Messages
8 Myandagaro 2015, 11:24, par Muhuza
abazungu nibagire ivyobashaka vyose ariko ndazi yuko fin de fin nzobahindurira kuko jewe sinkina nabapinga imana.