Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire: Umushikiranganji wa mbere yagenye Reta nshasha
 Cote d’Ivoire: Umushikiranganji wa mbere yagenye Reta nshasha
 Cote d’Ivoire: Umushikiranganji wa mbere yagenye Reta nshasha
				
				mercredi 13 Nzero 2016
Umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Cote d’Ivoire Daniel Kablan Duncan yashinze Reta nshasha igizwe n’abashikiranganji 36.
Reta nshasha yamenyekanye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Nzero 2016. Mu gihe iyahahora yarimwo abakenyezi 5 gusa,Reta nshasha irimwo abakenyezi icenda kuko hongeyeko abakenyezi bane.
abatavuga rumwe na reta bamaze kumenyesha ko iyo reta ata kinini izofasha igihugu.
Abashikiranganji bane nibo bakuwe muri Reta abo nabo ni umushikiranganji w’abakozi ba Reta Cissé Bacongo, umushikiranganji w’amazi n’amashamba Badaud Darret ,umushikiranganji w’ubutungane Gnenema Coulibaly hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire Charles Koffi Diby.
Mwomenya ko umushikiranganji wa mbere yagenywe kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016.
IGIHE

Messages
13 Nzero 2016, 10:25, par Inkuru atariyo
Mwihenze nta mushikirangaji wambere agena Reta!Reta igenwa n’Umukuru w’Igihugu!