Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Daniel Galvan Vina yagirizwa ugusambanya abana yahagaritswe
 Daniel Galvan Vina yagirizwa ugusambanya abana yahagaritswe
 Daniel Galvan Vina yagirizwa ugusambanya abana yahagaritswe
				
				mardi 6 Myandagaro 2013
Daniel Galvan Vina, umunya espagne yari yahawe we ikigongwe n’umwami wa Maroc, Mohammed wa 5, biturutse ku kwihenda, yafashwe n’ubutungane bwo muri Espagne.
 
- Daniel Galvan Vina
Galvan yagirizwa ugusambanya abana 11 bo muri Maroc, bafise hagati y’imyaka 4 na 15 y’amavuko yahagaritswe n’ubutungane bwo muri Espagne. Uyo munya espagne akaba yari yahawe ikigongwe n’umwami wa Maroc, Mohammed wa 5, kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro. Ico kigongwe c’umwami kikaba caciye gitera iruhagarara mu gihugu. Abanyagihugu baca batangura imyiyerekano. Ivyo vyatumye Mohammed wa 5 asubira ku ngingo yari yafashe, amenyesha ko mugutanga ico kigongwe atari yatohoje neza ivyo Daniel Galvan Vina yagirizwa.
 
- Daniel Galvan Vina
Mu 2011, Galvan Daniel Vina akaba yari yaciriwe imyaka 30 yo gupfungwa. Ubushikiranganji bwo muntwaro yo hagati bwo muri Espagne bwamenyesheje ko uwo mugabo yafashwe. Akaba aza kurengutswa imbere y’ubutungane bwico gihugu kuri uyu wa kabiri. Urwo rubanza rukaba ruza kuba imbere y’urwego rukuru rw’ubutungane bwo muri Espagne.
INGABIRE Luc-Noël

Messages
8 Myandagaro 2013, 05:30, par niyongere frederic
iyro nivumwe.umutama nkuyo akubahuka umwana wimyaka ine?