IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Dawn Liberi : Abanyamerika ntibabujijwe kuza mu Burundi

Dawn Liberi : Abanyamerika ntibabujijwe kuza mu Burundi

dimanche 16 Munyonyo 2014

Uwuserikira igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi amenyesha ko ubuserukizi bw’ico gihugu mu Burundi butigeze bubuza abanyamerika kuza mu Burundi, ahubwo ko bwatanze gusa ubutumwa bwo kugabisha.

Mu mubonano wahuje umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Laurent Kavakure, hamwe na Dawn Liberi, aserukira Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, bagarutse ku biheruka gushikirizwa ku bijanye n’ingendo z’abanyamahanga mu Burundi, kubera umutekano umaze iminsi uvugwa ko utifashe neza. Dawn Liberi yamenyesheje muri uwo mubonano, ko ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi butigeze bubuza abanyamerika kuza mu Burundi, ahubwo ko babagabishije gusa.

Tubibutse ko ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bwaheruka kugaruka ku mirwi y’abitwaje ibirwanisho yiyerereza mu Burundi, ibirwanisho vyibonekeza mu banyagihugu, abahoze ku rugamba bakora ubwicanyi canke bagahohotera abo badasangiye ivyiyumviro vya poritike, hamwe n’ibitero vy’iterabwoba bishobora gukorwa na Al Shabab mu Burundi. Ubwo buserukizi bwasavye Abanyamerika baba mu Burundi ko bokwirinda ingendo zidakenewe mu Burundi (les voyages non essentiels au Burundi). Ubwo buserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bwaragarutse kandi ku mirwi y’abitwaje ibirwanisho itegera imiduga ku mabarabara asohoka igisagara ca Bujumbura, bagasaba Abanyamerika baba mu Burundi kwama bakurikirana ku munsi ku munsi amakuru atangwa n’ibinyamakuru bikorera mu Burundi, imbere y’ugufata ingendo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Oyamuserukizi wa leta zunzubumwe bwa America turarindiriye muzoduhumurize kukomwaravuzeko abantu bakwiyekwirinda nokuba mumazuyohejuru mugisagara ca Bujumbura, egome uburundi bwaragabishijwe nivyihebe vya Al shabbab kobizotera uburundi, ariko umutijewenibaza ntiwarikwiye kurondererwa mukubuzabantu gusubira kuba canke gukorera mumazuyohejuru, muvyeyi niwibuke ko ivyihebe nkivyo mumwaka 2001 bimaze kwihitumbi munyubakwa zagatangaza zirezire muri America ivyihebe vya Al quida vyaciyebitangaza ko bigiyeguhigana numuntuwariwewese wumuny’America aharihohose, ariko America ntiyaciye ibwira abantu ngo birinde gusubira kuba mumazuyohejuru kandinunomusi ivyovyihebe ntibirisubirako ngobavugeko ivyobavuzeko vyoguhigana naburi uwitwa umuny’America, kubarundirero riryatangazo umwanyumwe niryiza arikuyundimwanya riradusubizinyuba kukoririmwo niteranyuma kugihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.