IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Domitien Ndayizeye niwe azoserukira Urunani ’’RANAC’’ mu matora

Domitien Ndayizeye niwe azoserukira Urunani ’’RANAC’’ mu matora

lundi 20 Ndamukiza 2015

Uwahoze atwara Uburundi, Domitien Ndayizeye niwe yashizwe imbere n’Urunani RANAC Dushayuruburundi bwogorore, kugira aze abaserukira mu matora y’Umukuru w’igihugu.

Mu nama yakoranije kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 19 Ndamukiza, abatwara Imigambwe PASIDE, ANADE na ADR, ihurikiye mu runani RANAC Dushayurubundi bwogorore, kugira batore uwuzobaserukira mu matora yimirije mu Burundi, Umukenguzamateka Domitien Ndayizeye, yahoze arongoye u Burundi, niwe yaciye agenwa.

Umukenguzamateka Domitien Ndayizeye azoserukira Urunani ’’RANAC’’ mu matora

Mw’ijambo ryiwe, uwo mukenguzamateka akaba yashimiye abamwizeye bakamushira imbere mu matora, yongera anabizeza ko ayo matora bazoyatsinda kandi ko ihinduka rizoboneka mu gihugu. Ku bwa Domitien Ndayizeye, Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arakwiye kuva mu gacerere arimwo, akamenyesha abarundi n’amakungu ko atazitoza.

Umukenguzamateka Domitien Ndayizeye, yahoze atwara igihugu c’Uburundi kuva inyuma y’ishigwa mungiro y’amasezerano y’i Arusha gushika mu mwaka wa 2005, aho yaciye asubirigwa k’ubutegetsi n’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza. Uwo mukenguzamateka akaba yari amaze iminsi biboneka ko yariko ariyunga na Muganga Yohani Minani mu mugambwe FRODEBU Nyakuri, inyuma yaho hafatiwe ingingo ko yirukanywe mu mugambwe wa Ndadaye FRODEBU, yagirijwe ko yariko afashanya n’abandi banywanyi b’uyo mugambwe mu kuwusambura.

Tukabibutsa ko urwo runani rwizeye umukenguzamateka Domitien Ndayizeye rwarimwo ubwa mbere imigambwe yemewe n’amategeko nka PASIDE, ANADE, ADR na FRODEBU Nyakuri, hamwe n’amashami y’imigambwe nka UPRONA irongowe n’umushingamateka Karori Nditije, FNL yigenga irongowe na Agathon Rwasa. Abo banyuma, bakaba baciye bava muri urwo runani RANAC bashinga urwabo bise Abigenga AMIZERO Y’Abarundi, nayo muganga Yohani Minani arongoye FRODEBU Nyakuri, akaba atarunani na rumwe biravugwa ko bari kumwe, mu matora.


Alida S.

Messages

  • Nibaza ko mubantu bafise igihagararo muri polutike yuburundi uwu mutama ari mubambere shasigaye nahabarundi botora imigambi bakarika gutora amarangamutima

  • hahaaaa!yavuye muri frodebu ageze muri ranac? tubirindire

  • WAAPI DOMITIEN NASHAKA YIREKERE....ARABONA KO YOHIGANWA NA NKURUNZIZA KWERI HAHHAHAHHHHAAAA......ARIKO IGIHUGU KIRAKUNDWA ASHAKA AKANDI GA KIOSQUE!EREGA UBU HARIHO GENERATION ZIGEZWEHO NAREKE TUBANZE TWIPIME TWEBWE NAYUBUNDI DOMITIEN NTACO YATUMARIYE NASHAKA YIREKERE KUKO NTACO AZOBAZA

    ARIKO REKA TUMUHE IMPANURO KUKO....MBEGA ARIMWO MUBASHAKA KUJA MWIBARABARA...?UMUNTU WESE AGUMURA NGO ABANTU BAJ MWIBARABARA UWO UMIUHAYE IGIHUGU WUMVA ATOGITA MWIBARABARA.....!

    IL FAUT KO ABARUNDI TUHACIRA UBWENGE KWELI.......!!!!!

  • Quelle blague, wa wundi ati mama yangu!!! Cette coalition entre PASIDE, ANADE et ADR me fait rire!!! Monsieur Ndayizeye, on vous appelle Monsieur le Président, vous l,avez été pendant 2 ans!!!. Je trouve rigolo de vous voir pousser par cette «coalion» àla course aux Présidentielles! D’une part, c’est diluer les honneurs que vous avez pour avoir occupé certains postes dont la Présidence de la République. Imaginez-vous un Ancien Président qui aura un score que je n’ose pas ici qualifier. D,autre part, c’est un grand mépris de votre part au Parti Frodebu de Ndadaye qui vous a propulsé àces postes. Mais, hahaaah, ibintu biribwa aho biri. Abigize iyo coalion ata mugambwe wawe urimwo barakurya inoti pe! Bon courage Honorable Président Sénateur àvie. D’entrée de jeux, je trouve qu,on perd parfois le sens des calculs et qu,on ne retient rien de notre passé pourtant récent!

  • hahahahaaaa ngo agira aserukire RANAC ? Mbega yemwe umutama yashaje nabi kabisa, mutama wavuye frodebu, uja muri nyakuri ubu naho ugeze muri ranac? mbega muri RANAC waserukiye umugambwe uyuhe? ADR? canke. Tekana yaco mt ubwoko ngo nimpaka mije imbere, bizobagora, burya irya nzu wubatse muri 18 mois ntikwiye????????????

  • Nduwimana uruwashetani ntuzosubire kwiyitirira Imana!!ndabona KO uru mu dd ubu igihugu mukigejeje hehe?mwaracishe muragihamba gusigaye kubora!!iyo wabuze ivyo uvuga bukaziba kuko DD Imana yarabakuyeko amaboko nkakumwe kwa Pharaon naba Égyptiens

  • Nukuri. Ubutegetsi bura ryoha.ubwo uwomutama Domitien ntiyogumana iteka yarafis.Yoba yizew ari mumugambw uwah? Iyomigambw itazwi kuri Scene politique izomufasha iki? Ntacoyanze!

  • ibyaya matora abahinga barabiriramo amahera menshi. banyarucari nitwe tuzopfa nabi.

  • Gezaho Muta ntiwirigwe urata umwanya iyo RANAC abarundi ntayo tuzi ubona iyuseruka nkumu Frodebu basi?

  • NTIBIZOROHA.HAAAA,MBE NONE BIZOHERERA HE?KO IYO RANAC ITASERUKIWE MURI MPANUZWAJAMBO YA KOMINE MUMA KOMINE AMWE AMWE,NIHO BIZEYE INTSINZI MW’AY’UMUKURU W’IGIHUGU?SINZI,NIBAKORESHA ABADAYIMONE.

  • Non kwishira mukibuga kandi agisemerera ngo:Umukuru w’igihugu nave mugacerere avugeko atazitoza hama agaca yemeza urunani ngo :turizeye kotuzotsinda!Je novugako...............!Ahubwo barikubanza bakagwana urugamba rwambere rugahera bakareka kwiruka n’umwanya wa CENI kuko niho hari code itazwi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.