IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Domitien NDIHOKUBWAYO yatanguye amabanga y’umushikiranganji w’ikigega ca (...)

Domitien NDIHOKUBWAYO yatanguye amabanga y’umushikiranganji w’ikigega ca Reta

lundi 23 Rusama 2016, par egide

Domitien NDIHOKUBWAYO aheruka kugenwa mu kibanza c’umushikiranganji w’ikigega ca Reta y’Uburundi yarahiye imbere y’umukuru w’igihugu hamwe n’abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 23 Rusam 2016.

Domitien NDIHOKUBWAYO yahora ari umuyobozi mukuru w’ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi ya Reta agiye mu kibanza cahoramwo Tabu Abdallah MANIRAKIZA aheruka gushingwa ayandi mabanga yo kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale), risanzwe rifise icicaro mu gihugu ca Gabon, mu gisagara ca Libreville.


IGIHE

Messages

  • duhejeje kumwemeza iyonincabwenge.rondera ubutunzi ncuti turakwizeye!

  • nivyiza,abagabo nkabo nibo ikigega cuburundi gikeneye,twezereko batazomuremera ngo nigihagararo bitwaje!uyu numukozi vraiment,akora ivyo azi kandi yumva!ndamukeje kandi ndamwifuriza kuroranirwa no kubombora ikigega ca leta!go ahead Dr

  • igihugu nimukigabangane mumenye ko bitazohr uko twaruze ivyodukora ubukene buraturembeje erega mwibuka twese koturabarundi.ndihokubwayo arabishoboye

  • Ewe Burundi uragasimba imanga!

    Domitien NDIHOKUBWAYO, hezagirwa.

  • Imana Iguhezagire Ugire Ibikogwa Vyiza Turagukeje .Itangara

  • Turamukeje,nakomere mumabanga yaraye atewe na sebarundi.turizigiye ko finance du bud igiye kuvoboka gusumba.

  • Gabangane Basha Zarabahaye! Mubash Kwangaz Abana Bigihugu Ngo N’amashure Shingiro Namwe Gwanyu Bari Hanze Turabona Basha

  • Uyu n’umuntu w’incabwenge ikmeye cane kandi afise imico myiza. Twizeye ko ikigega kizobomboka. Barondere umusubirizi abikwiye muri OBR ntidusubire inyuma.

  • Ntumaramara buca uhava weho buguhenze uzotwara kumwanya urume rumura urakekuza amazuru neza araba hejuru.

  • Kurondera Ubutunzi Nikimwe Kubasebarundi Nkabandibanyabahwa Naho Nikindi Komera Nyakubahwa Uburundi Bujimbere Murekanenabo

  • Ahindure ntabandanye akora nkuko yakora muri OBR

  • Ndabisubiremwo Domicien Ndihokubwayo hezagirwa hezagirwa teza Uburundi imbere. Naho barundi mwese nimuze turwanye izo mbonerakure n’interahamwe dusenga kanndi tunakoresha inuvu nyene, maze muce muraba ko Uburundi butogorora mubisata vyose.

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!

    Uyununtu yanditse asanuwukeza iyindanga Domitien akoresheje izinaryanje arahumiwe nka Kiranga.
    Umva womukeza arivyukuri ukongera igartyoza abanyacubahiro ntashikirwa twubahacane kazozaku Burundi IMBONERAKURE!?
    Nzokomezandababwira Ko ubwengebwanyu buracuritse!
    Mumatora mukorekuba mudashobora kuyajamwo ariko mukaca mushaka ngomusubirire uwayagiyemwo akanatsinda, nine nomumazina yacutwebwe Imbonerakure murashaka nayo muyatwake! Ntibikunda Muzoguma muri izimujeri.
    Ndashaka kwisunga mwinomisi ababantubakoresha izinaryanje ndashaka kucamboneraho akaryo kokubabwira akarimurore kumafusiyabo rekanjenokuvyandika kuri Fcbk.

  • NUBWO BAHINDUYE UWIKIGEGA CA LETA. JEWE NDAVYE IVYU BURUNDI NAMANYANGA GUSA MBONA UWURI KUBUTEGETSI WES YAMA AGUMA ASHIRA INYUNGU ZABIWE GUSA ABARUNDI TUZOKWAMA DUSEGA AMAKUNGU KANDI IKIGEGA CARETA KIVUGWA

  • So akwanka akuraga ivyamunaniye!! Niwashobora kugwanya ubunyonyezi bwa Peter naba Bunyoni tuzogukurira inkofero utaravye neza naho uzote womoke nka Kazoviyo canke uwo usubiriye agiye yiruka ahunga akabesha ngo bamushinze amabanga yandi. Ubwato buriko buribira uraba ufise veste de sauvetage

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.