IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi basavye Denise Nkurunziza kubafasha kugondoza uwo (...)

Abakenyezi basavye Denise Nkurunziza kubafasha kugondoza uwo bubakanye

dimanche 10 Rusama 2015

Abakenyezi bo mu gisagara ca Bujumbura, bahuriye mu myiyerekano aho basavye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, guhanura umushingantahe wiwe, mbere bagasaba Denise Nkurunziza ko yoza kwifatikanya nabo mu myiyerekano, yo gushigikira amasezerano y’i Arusha.

Abo bakenyezi bari bavuze ko bahurira aho bita kuri Jardin Public, ariko igiporisi gica kirahazibira, mu nyuma baca baza guhurira mu gisagara ca Bujumbura mu bibanza bitandukanye. Abo bakenyezi hatanguye kuza imirwi ibiri, ihurira ahakorera ubushikiranganji bw’ubutungane, abaporisi barabazibira, baca bakatira hafi y’ubushikiranganji bw’amashure, n’ubundi barabazibira, ariko haca haza uwundi murwi wari uvuye hagati mu gisagara ca Bujumbura, ivyaciye bisa n’ibicanze abo baporisi bari barwiriyemwo abakenyezi.

Abo bakenyezi bari mu myiyerekano, bakaba bagumye baririmba indirimbo z’amahoro, indirimbo z’Imana, ibisabisho bisabira amahoro Uburundi, eka nk’abo mw’isengero Gatorika bo, bamwe bari bafise isanamu ya Yezu na Bikira Mariya, basaba ko bobafasha, Uburundi bukagira amahoro, nayo Petero Nkurunziza akibuka iminsi myinshi yazanye abakozi b’Imana basengera igihugu, nawenyene akaba yarasengera igihugu, gutyo bagasaba Nyakubahwa umukuru w’igihugu kutibohera ku maronko y’isi.

Marina Barampama yahoze ari icegera ca kabiri ca Petero Nkurunziza nawe yari yitavye iyo myiyerekano, yasavye abagumyabanga ba CNDD FDD gutanga uwundi aserukira uwo mugambwe. Ati:’’Uwo mugambwe narawuhozemwo, ndazi ko wubahiriza intwaro rusangi, nubu rero, nibavyubahirize’’. Marina barampama kandi akaba yasavye abantu bariko bakoresha zimwe mu mbonerakure kwica, kwisubirako, bakareka gukoresha urwaruka mu bwicanyi. Eka nawene, yasavye Denise Nkurunziza ko ka buvyeyi, yogira ico ahanuye, kuko abana b’Uburundi bahonye kubera ico kiringo kidakurikije amategeko, ikiringo gihonyanga amategeko y’Uburundi.

Abari muri iyo myiyerekano rero, babonye igiporisi kigira gikoreshe inguvu, baca bicara hasi, babonye bihoshorotse, bagahaguruka, mbere bakaba banyuzamwo bakiruka, bavyina imvyino nyinshi, zifise umudiho wo kwiruka, bakaba basavye ndetse n’abakenyererarugamba ba CNDD FDD, ko boza kwifatikanya nabo mu kwanka ico kiringo, nk’uko n’uwari asanzwe abarongoye umushingamateka Genevieve Kanyange, ico kiringo yaciyamirije.

Twobamenyesha ko hari n’umwe mu baporisikazi yatangaye rwose abonye umwana wiwe w’umwigeme ariko aragira imyiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo ca Petero Nkurunziza. Abari bitavye iyo myiyerekano rero, tukaba twabonye nka Justine Nkurunziza arongoye COSOME, Beatrice Nyamoya, Christine Mbonyingingo arongoye UFB, Alice Mukandanga arongoye Green Bugesera Cooperative, bamwe n’abandi barongoye amashirahamwe y’abakenyezi atandukanye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Merci beaucoup bavyeyi.
    mutubarize izina ryuwo mu police anyegeje grenades mu mugongo.twese tumumenye.

  • Burya umwana w indero agamburukira abavyeyi, akagendera kumpanuro bamuhaye! Reka nshimire aba ba mama bacu ku kamo bashikirije Umwana wabo Petero Nkurunziza naho ari prezida wigihugu ariko imbere y umuvyeyi aguma arumwana murantunga! Agasozi k intahanurwa kahiye abagabo babona,So na Nyoko,bene wanyu,bashikawe ugira umarire kumacuniro kubwo gukunda kwita Se Burundi!
    Iyaba witwa Se Barundi wukwikebuka ukarabinyuma iyo wavuye gutyo bigatuma ugirubwenge bwo kuraba hakurya kure iyuja utabonesha amaso ariko umutima nubwenge birahabona!
    Rero uri mukuru wanje ariko burya kuvuka kare siko gucubwenge!
    Uzufate akanya wiyumvire gushika isaha icenda zijoro ivyuburimwo nukuba usa iminsi yose...haraho wibaza ko arubwenge bwawe canke abasirikare bakurinda,canke alarme iyariyo yose bituma wikangura ukabona uwundi musi,ihibambew ndakurahiye! Niwaba wiyumvira neza uraheza umenye ikibituma nyuma yivyo uheze ufate umwanzuro!
    Mufite amaso ariko ntimubona,mufite amatwi ariko ntimwumva,uko niko isi iteye,ntibitangaje kuko vyaravuzwe! Ngaho ikomereze urugamamba uriko ariko haburana babiri hagatsinda umwe! Ubwo rero uwutsinzwe abatsinzwe nyene araheza agategereza impembo ye nyimba ari gihenomu canke ijuru jewe simbizi!

  • Raba uyo mupolisi afise grenades zibiri agomba atere abakenyezi, abavyeyi ata nguvu bariko barakoresha!! Abakenyezi? Twese turabubaha kuko ni ikimenyetso c’amahoro, ubwitonzi n’urukundo.

  • Nkurumbi biramukomereye!! none abo bavyeyi ko bamuviriye hasi, nabo abagira gute? turasavye n’abagitinya bose, va hasi, dushire inguvu hamwe. nta muntu n’umwe arwanira urugo rwawe nawe witekerereje.
    uwo mu polisi wa grenade ntawamumenye ga yemwe ngo twese tumuvume aho aca hose! yaraziko yanyegeje

  • Mbe Yemwe Ubutumva!Uvumwe Nabana,ukavumwa Nabenewanyu,ukavumwa Nabavyeyi,habahasigayiki?Ntazosubire Kwigira Umuvugabutumwo.Arahinyutse Pe!

  • Abo bakenyezi murakobona ko bariye barahaga none bahimvye amhoro bihereje amabarabara.
    Nibatahe bareke iyo migumuko .

  • turashimiye mwebwe abavyeyi bacu kurico gikogwa ciza mwagize imana ibahezagire

  • komera mwabapfasoni! urugamba rurashushe ariko rugira ruhere kuko isi yose yaviriye hasi peter. na Jacob Zuma yari yishimirije yiyamirije mandat ya gatatu. Inama ya Eac izoba kuwa gatatu kandi ndazi ko bazomugondoza agaheba, yanse naho bamutoze intoki

  • NDAKEJE ABAKENYEZI KUKO VYAKUNZE KO BASHIKA MU GISAGARA CA BUJUMBURA ABAHUNGU VYARATUNAYE GUSHIKAYO,,,NONE RERO BAZE TUJE HAMWE TUBANDANYE URUGAMBA,,,,GUSHIKA PETERO NKURUNZIZA YISUBIYEKO,,,,GUKO BIRAGARAGARA KO PETER NKURUNZIZA AFISE INGUVU ZIDASANZWE,,, NATWE BISABA KO TUGIRA UMURINDI UKOMEYE PROPORTIONNEL A SA FORCE POUR LE PRESSER A QUITTER,,, NAHO GACIYUBWENGE YADUKUYEKO AMABOKO NTAZOTUMARA,,, NTAKOMEYE GUSUMBA HERODI,,YARISHE MAIS ARANANIRWA ARATA AROMOKA,,AHEZA APFA NABI,,, SINZI KO GACIYUBWENGE AGIYWE KWEMERA KO IZINA RYIWE RITA AKANOVERA A JAMAIS ET POUR TOUJOURS,, ARIKO A DEPRECIANT SON IMAGE,,,YARI GUPFUMA ANUMA NTAVUGE IKINTU NA KIMWE HA KUVUGA YIVUGURUZA

  • Komere bavyeyi kuko abana banyu mutavyeneza peter arabamarira mukuzimu. Imana ibaj imbere

  • ivyo nibiharawe ejo muzogira ibindi reka turindire turabe uwuzomara kabiri.

  • mbega porisi kombona yagabirije imgonba imarizè abobakemyezi ’gwego gwasirikare hagarika akokajagari muhereye kuri petero nkurunziza umukuruwako
    .

  • mbega porisi kombona yagabirije imgonba imarizè abobakemyezi ’gwego gwasirikare hagarika akokajagari muhereye kuri petero nkurunziza umukuruwako
    .

  • Akabura ntikaboneke ni Nyina w umuntu,aserutse gusa twese ama gaz lacrumagenes tuyashira imugongo ikitavuzwe nibigombo ngo ninkoho ziraba hasi zose! Ntawuburicatinya,numusazi atinya Nyina! Komera bavyeyi muje hageze nakajede ko kwicara hasi kuko mwanka ingorane mutunzwe no kwicisha bugufi atarubujuju ariko vyuzuye ubwenge mva Juru!

  • We Burundi, buragona buri maso, uti ntanumwe muzosigaza. Mwe na peter imbere yuko muvuka uburundi bwariho, bwari bufise ababutwara, kandi abarundi bariho, niyo mutavuka, bwarukubandanya bubaho kandi muzogenda, mupfe, canke muhave igihugu kibandanye naho muzogenda mwononye ariko muzogenda nabi pe. Mugoke ibigori vyere

  • ICO MBONA NUKO ABARUNDI NABANYAMAHANGA PETERO NKURUNZIZA AKAJA MU MATORA TUZOBA TUBAYE ABAJA BIWE 100/100.

  • ko mera kwibanga bavyeyi bacu turabashigiye ,nabatashoboye kuza babakubitiye agasabisho ngo ntimuhure ningorane.mukovye uwugarura intumva agwiza ibintonko.mwakooooze caaane

  • Mtama turiinyuma zawe twebwe abomuri australia imana ikujimbere

  • Mtama turiinyuma zawe twebwe abomuri australia imana ikujimbere

  • nisawa mwana kwitaba akamo.ntiwishinge ico kitazi nyoko.biratangaje kubona usumbwa nuwo wavyaye.

  • ewe wamupolisikazi uranryoheye!!!ahamwishinga icokitazi nkurumbi ngo iyingwano ntituraba twese.uzosanga muzosanga umwe wese ariko arasa abiwe.Rabe murabishe kuwabatumye ntimwihekure.

  • ABOBAKENYEZI BAHIMVYE RUTWA NONE BAVUGA IVYO KUKO BISHAKIRA UBUTEGETSI BIBAGIRA ICIZA ABAVYEYI BATOBATO ICOYABAKORE. BIBAGIYE ABAVYEYI BAPFUNGIGWA MU BITARO. NIBAMWIYAMIRIZE MUMATORA

  • Reka kuba mufyinata hamwe NKURUNZIZA yaca amuta, mwe mwomurangira uwundi mugabo ?nuko muhaze mwa mbwakazi mwe!

  • Mwabakenyezinwe atarinumatora mushiborera kumwitamiriza ahonti mwibarabara ntibijunda, egobirakunda kubafata amaforo meshicane akanerekwa abahambaye naboroshe ariko ntacobihindura kukwitoza kwa Nkurunziza. Rekandababwire ibintubutatu mukwiye kwitega: Kumquyabiririza mugasadugu kamarora agatsindwa maze hakajaho uwatsinze amatora, kabiri kwemera akabatwara iyindimyaka itanu ntarengwa mugihe yoba yatsinze mumatora, gatatu kubahebera mukaguma mwibarabara imyaka itanu ariko vyokunda mugihe mwobamutariko murabuza abantu kwikorera udukorwatwabo twamisiyose kandintihagire uwubuzwa gushika aharihohose mugisagara ca Bujumbura cose, bitabayivyo hariho guhunga, gufungwa, nogupfa kuko nubw’Isi yokwiyubika aritoza ubuntitugikangwa nkakera mwagumuka mukikorera ukomwishakiye mubarundi ariko abarokotse bagashobora nokuronkamahirwe yoguhungira mubihugu vyohanze yu Burundi yasanga arubwoko bumwegusa ubuhoho mwitegeko amokoyose azotekera akaja kubonabonera muma sheeting.

  • URWANDA RURABASHUKA NTIMUZI IBYO MURIMO NGO NIMUJYE MUMIHANDA KWIGARAGAMBIRIZA PREZIDA WANYU MURIBESHYA.

  • abo bavyeyi bakomere kandi bakomeze basenga kuko Imana irumva amarira yabavyeyi!

  • komeza musenge bavyeyi bacu imana suko yabinaniwe ariko numusi utaragera ngwirimbure abanyavyaha

  • Uburundi Si Ubwu Umuntu Umwe Nabatwes.Amahro Agirira Akamaro Twese.Nimwikubite Agashi Mwembwe Ndongozi Zuburundi

  • HUBWO ABONTIBAZI AHO YADUKUYE KUMARONDE

  • Nonr ga yemwe nk’uwo mugore w’umupolisi yasabz umukobwa wiwe yagiye kwiyamiriz ico kiringo kitugez ahantu, yari ku murasa canke yari kumuter ivyuka, mbega hoho yamugaburiye ko ariwe amutunze mu buzima bwa misi yose? uwo mukobwa ndamutey intege kani na nyina avyumve ariko nta kundi ari kukazi kiwe. Imana idufashe.

  • HUBWO NIBAJEHAMWE BAGIRE URUNANI BAMUTSINDIRE MUMATORA BASHAKA BATERANYE UWOMUKENYEZI NUWO BIYUBAKANIYE NIMBA IZABO ZARASAMBUTSE NIBIYUBAHE BITIZE URUPFASONI BIHANGANE

  • Mbega Woribwa Ninzoka Ukitwara Kumamba?Nigute Denise Yohanura Umugabo Wiw Igihe Yabitegura Ntibarikumwe?

  • arko gayemwe imana nidufashe cane kand namba museng nimuseng nay’ahandiho turimubihe vyanyuma.murund pete siw ah’ubwo nishetani agomba kudusubiza muntambar.kuk imana twayisesemye igomba itudahwe.yezu naduhe amahoro.

  • Nashaka kwishura umuntu yiswe eme avuga ko Nkurunziza azokwitoza vyanka bikunda, ndunva ko umushigikiye, ariko nashaka kukubwira ko utegerezwa kuba wibaza ko muba ku kwezi, niba wibaza ko muba kwisi utegerezwa kuba utazi ico bita politique, kuko abashaka ko yitoza n’amaronko bamurondera ko gusa, kuko naho boba ari ibihangange nkuko mwiyumvira igihugu n’icabanyagihugu, bahagurutse ntakibasubiza inyuma, kuko nta avenir bafise, ivyo wibaza guhunga urihenda cane ntamahungiro akiriho igihugu nicabose bazokigwanira, twari twibaza ngo mwagwaniye igihugu none zari inda zanyu gusa, none umuntu arondera amajwi mubanyagihugu yatoteje ko uguma uvuga amatora atari uko bize uburyo bwo kwiba amajwi wibaza ko yoronka amajwi ayahe, ngo Kubera ico kiro c’umuceri ahaye umunyagihugu aramumaze inzara, mbe mwibaza ko abantu ari ibijuju, ikibabaje nuko bamwe bari biteze uwubakura mubuja none yabubashizemwo ahubwo, uribaza umurundi yicwa n’inzara, kera yararima akimbura akarungika abana mu mashure, Kubera intwaro z’inda ndende uburundi bwasubiye inyuma imyaka 50, aho rero ntukine kuko kuri indépendance abakenyezi basidukanye n’iyonka, nibo batumye Uprona ya Rwagasore itsinda, va ibuzimu uje ibuntu, ibintu vyarahindutse

  • Imana ibahezagire kandi yishure amasengesho yanyu bavyeyi,namwe bana bacu. Nd,Umuvyeyi mugenzi wanyu, Imana Yo Ifise Ijambo rya nyuma, Ihagarike ubu bwicanyi bwatumazeko IBIBONDO.

  • Mbe nkkuyo habonimana claude hiiii izina siryomuntu..nyagusweranyina aha arazi ingene abarundi tubabaye niyintwaro yabicanyi.

  • NDAZI KO ABANEZERWE UNO MUSI INGANDA ZIRIKO ZITIKIRA KUBERA UBURONGOZI BUBI EJO BAZORIRA. ABASHIGIKIYE KO AMATEKA N’AMABWIRIZWA Y’IGIHUGU, NI ABANTU BARI DEPHASES BATAZI AHO TURI. BASHIRA AMASO KURI KAHISE. JE REGRETTE. NI KOKO AFITA INKOHO ZO KURASA ABARUNDI ARIKO NDAZI KO ATAZOMARA ABARUNDI. UYU MWAKA NDAZI KO AJA GUPANGA I RAHE.
    BURYA INKONA IBA NINI IYINDI ITARAZA KANDI UKO INKENDE YURIRA IGITI NIKO YEREKANANA UBWAMBURE MBWAYO : PETERO WE BANDANYA URWIZE INKWI TUZOGUCANISHA. BURAKEYE TUVYEREKE ABAGABO. ICIMANA YAVUZE KU BURUNDI NTABWO COHINDUKA KUBERA IGIKENEYE CA PETERO NAKAGWI KIWE. TEHWA UTE . NA FARAWO YARATSINZWE.

  • NDAZI KO ABANEZERWE UNO MUSI INGANDA ZIRIKO ZITIKIRA KUBERA UBURONGOZI BUBI EJO BAZORIRA. ABASHIGIKIYE KO AMATEKA N’AMABWIRIZWA Y’IGIHUGU, NI ABANTU BARI DEPHASES BATAZI AHO TURI. BASHIRA AMASO KURI KAHISE. JE REGRETTE. NI KOKO AFITA INKOHO ZO KURASA ABARUNDI ARIKO NDAZI KO ATAZOMARA ABARUNDI. UYU MWAKA NDAZI KO AJA GUPANGA I RAHE.
    BURYA INKONA IBA NINI IYINDI ITARAZA KANDI UKO INKENDE YURIRA IGITI NIKO YEREKANANA UBWAMBURE MBWAYO : PETERO WE BANDANYA URWIZE INKWI TUZOGUCANISHA. BURAKEYE TUVYEREKE ABAGABO. ICIMANA YAVUZE KU BURUNDI NTABWO COHINDUKA KUBERA IGIKENEYE CA PETERO NAKAGWI KIWE. TEHWA UTE . NA FARAWO YARATSINZWE.

  • Ewe nchi ya burundi.... Mwenyezi yinusure Burundi sijui watu mnaona ao mnafikiri vipi? hata mtu hana macho hawezi kuona yanayojificha ndani ya mandamano kwanini tunaona kwenye picha hata kwenye video watu wa aina moja nyie wa kina mama mmepitiriza kabisa kwa matamshi yeu huyo mama mke wa rais amewakosea nini? Mmekua kama vitoto vya barabani visiyo kua na midhamu...

  • Gerenda Sinyishu.Rac Mwabapolice Ntimwice Benshi Kubera Umuntu Umwe.Muzobizwa!

  • Peter Menya Ko Ejo Wamera Nka Moubalak Mur Missili Ubu Arapfunzwe Kd Yari Nkaw.Mbe Iyo Myaka Itanu Wayitwara Niyohera?Woca Ujah?Woguma Urumurundi Kd Amabiyos Wakoze Yokujako

  • @macorombo
    I la haye ntazojayo kandi ntaco imana ivuga ku burundi,ivyo vyose wadondaguye nta na kimwe kizoshika ,tuzorizwa n’iki?Ntaco muzogira peter!Tuzoba turi he?Abatutsi amaraso mwakuze munywa ariko arabahumira musigaye muvuga ayabagwayi bo mu mutwe,ntitumuhindura!!!!

  • Mwa bagore mwe,genda muvyare kubuntu kuko mwebwe mutabonye abagabo nta vya politique vyanyu.Yarabagiriye neza kuvyara kubuntu nubundi azobongera mwivyarire mutariha ibitaro.Kiretse uwo vyaburiye aho ibujumbura turazi ivyo mujamwo iyo bugorovye .

  • Reka ndabagire inama mwabakenyezi mwe,aho bukera mwambare ibitenge mwese ariko atamakariso mwashizemwo hanyuma muzindukire muri yegereyegere mugeze mugisagara mwese mute vya bitenge musigare amenya mu muhenere nimubona Nkurunziza Petero na Denise wiwe badataye bakomoka muzoce muheba bazoba ari amadayimoni

  • Emwe Nabakenye!! Burundi Isiyanyereye Ntiyuma!!

  • Nanje ndabibasavye kweri bazigende bangan’uko nyene ndababona batwar’igitenge kimwe nugasakoshi birirwe baraheeeeeena mpaka toute la semaine azoc’avaho kbs kandi n’igipolice kizoca gikinjura muziba mukoze bakenyezi mweeeeeese atawusigaye kukw’abaaungu batanz’icash ryo gufasha imyiyerekano

  • Murwanda iwacu ngo abakenyezi b’i Burundi barashaka ubuhungiro mungo z’abasore!!! Musome igihe.com Rwanda. None se ko babeshya ko bahunze Nkurunziza none ubu bari mubiki? Ibi birerekana ko Nkurunziza ari umugabo kuko abo biyita impunzi ni iindaya kabuhariwe ziri gushakisha ifaranga mu Rda . Ese bazi ko mu Rwanda bazabona akantu? Baribeshya.

  • Hahahaaaaa burya narinziko biihoshorots ariko ntamahoro ku munyavyaha Mana’ dukingire aya mahano

  • yemwe,uwo duha Kagame akaturongora naho petero wewe,ntashoboye nuwokuntebe gusa

  • mbe ga abamushigikiye turindiriye iki ngo natwe tuje mwibarabara ngoduhangane nabo bagesera duheze turabe ingene bigenda ko batanguye guturira abahutu tugire gute barabesha sha intambara bashaka ntizosiginyuma abo baja mwibarara nibo izoherako mbabajwe nabahutu batabona

  • mbe ico kijuju ca cosom umenga abatutsi bamunyaye mu kanwa ciyibagiza ko se waco bamunize mu mirongwindwi na kiabiri yageze i buja yibagiriyavuka muri ya filet yigisanze aha rero wigirumututsi barakuzi sha ushatse woreka guhemukirumuryango wakuvyaye

  • MUREKE IMYIREKANO UBURUNDI BUBE MUMAHORO ABAZA MUMYIYEREKANO NABASAZI

  • Abakobwabarikobarabana Atacoyabaye

  • Ndabaza nti ko biyamiriza ikiringo ca3 ca nyenicubahiro Nkurunziza mbe Ndadaye we bamuhoye ibiringo bingahe!!!???murakoze,

  • jewe ico niyumvira nuko nkurunziza yokwemer ’imana nkuko Ariyoyamuremye Ntiyizere Firimasoni

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.