IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Dushigikire ishure nshingiro, umushinge w’iterambere rirama"

"Dushigikire ishure nshingiro, umushinge w’iterambere rirama"

jeudi 8 Myandagaro 2013

Mu ntara ya Gitega, niho Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yakiriza ikimuri c’amahoro ku civugo kivuga ngo : « Dushigikire ishure nshingiro: umushinge w’iterambere rirama.»

Ahejeje kwatsa ico kimuri kigiye kuzozunguruka igihugu cose mu minsi icumi, umukuru w’igihugu arikumwe na bamwe mu bashikiranganji bagize Leta y’Uburundi, abakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu, buramatari w’intara ya Gitega ari kumwe n’abamwe mu bakozi b’intara n’abadi baciye baherekeza ico kimuri c’amahoro gushika kw’ishure ritoya riri muri Yoba, imwe mu makaratiye agize iyo ntara ya Gitega. Aho naho, abanyagihugu bakaba bariko barubaka ibirasi bitatu vy’iyongera ku mashure yari ahasanzwe, mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi w’ishure nshingiro.

Uwo mugambi mushasha w’ishure nshingiro uzotuma abanyeshure bo mu mashure matomato babandanya kuva mu mwaka wa gatandatu gushika mu mwaka w’icenda. Abazoba bafise ikimuri c’amahoro, bakazoza baraca ahariko harubakwa amashure haba mu bikorwa vy’iterambere rusangi canke mu bindi bikorwa vy’abanyagihugu bari hamwe mu ntumbero y’ukwubaka amashure yiyongera kuyarahari mu mugambi mushasha w’ishure nshingiro. Muri urwo rugendo, abazoba bafise ico kimuri c’amahoro bazoba baherekejwe n’imiduga ipakiye ibikoresho vy’ukwubaka bigizwe n’isima, amabati, bikazotangwa aho hose bizoba bikenewe. Ishure nshingiro rizotangura muri uyu mwaka w’ishure buca utangura.

Ikimuri c’amahoro kikaba gifasha abarundi kubona kure mw’iterambere ry’igihugu. N’ikimenyetso kandi c’amahoro n’umutekano birangwa mu gihugu, inyuma y’imyaka n’imyaka hari indyane zitandukanye zarangwa mu Burundi.

#Photo: IWACU


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.