Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > E ell’s Boy na Jay Fire mu biteramo bahojeje amosozi abanyarumonge
 E ell’s Boy  na Jay Fire  mu biteramo  bahojeje amosozi  abanyarumonge
 E ell’s Boy  na Jay Fire  mu biteramo  bahojeje amosozi  abanyarumonge
				
				mardi 16 Ndamukiza 2013
Mu vy’ukuri abanyarumonge bamaze kumenya ko Mkombozi n’umurwi wa the Cousin batacitavye ivyo biteramo barashavuye bumva ko ataco baje gukora, niho rero Miss Arlaine yaciye yitabaza abandi baririmvyi batari bategekanijwe , murabo harimwo umuririmvyi E Ell’s Boy na Jay Fire, abo nibo baciye bateramisha abanyarumonge, babahanagura amosozi bari batewe mukubura Mkombozi n’ umurwi wa the Cousin.
Uyo  muririmvyi, E ell’s Boy , abanyarumonge  bari basanzwe bamwumva ariko batamuzi kuko igitigiri kinini c’abitavye ico giteramo bari bazi  indirimbo ziwe .
Igihe bamubona amaso mu yandi, vyari akaroruhore, kuko ntibipfuje ko yova kuri sene kugira aje kuruhuka.
Mu mwanya yaba afashe micro ariko ararimba SIWEZI canke NARI MU MAHANGA, vyaba bigoye kumenya namba ariwe ari kuri sene canke ari uwundi, kuko abajejwe umutekano baguma basubiza abantu inyuma,mukubuza abagomba kumukorako.
Jay fire nawe yaje kuboneka muri ico giteramo mu nyuma aririmbira abantu, barabikunda cane kuko babonye ko ataco bahomvye,babateramishije uko bikwiye.
Joel Sengurebe


