IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > EAC : Ibisata vyose bigiye kuronka abakozi

EAC : Ibisata vyose bigiye kuronka abakozi

dimanche 28 Ndamukiza 2013

Mw’ishirahamwe ry’ibihugu bihurukiye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko EAC,baherutse kwumvikana uburyo bwo gukwiza abakozi mu bisata vyose muri iryo shirahamwe.

Buca haba inama idasanzwe igira iya 11 y’abakuru b’ibihugu bihurikiye muri EAC ,abashikiranganji bajejwe ukwinjira kw’ibihugu muri iryo shirahamwe,barakoranye kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013, baraheza bumvikana uburyo bokwiza abakozi mu bisata bimwe bimwe usanga bidakwije abakozi.

Kubona mw’ishirahamwe hari hakiri ibisata bimwe bimwe bitararonka abakozi bakwiye ,vyavanye n’uko ibihugu nk’Uburundi n’Urwanda vyemerewe bitevye. ariko Abashikiranganji bakaba barumvikanye uburyo bwo gukwiza abakozi muri iryo shirahamwe na cane cane mu gihe mu bakozi haboneka igiharwe, bakaba biteguriye kunganisha abakozi kuko ivyo bihugu ukwo ari 5 ni ukuvuga; Uburundi,Urwanda,Uganda,Kenya na Tanzaniya vyose bitanga uburyo bungana mw’ishirahamwe, nkuko bimenyeshwa na Lewontina Nzeyimana umushikirnganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Umushikiranganji Nzeyimana abandanya avuga ko ugusaba kw’umucamanza Liboire Nkurunziza yari asanzwe ari umucamanza muri sentare nkuru y’igihugu isubiramwo i Bujumbura imanza kwemewe, kugira aje kurangura amabanga y’ubucamanza muri sentare ya EAC. Abandanya ashikiriza kandi ko mu nama y’abakuru b’ibihugu hazotorwa icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe hamwe n’abacamanza 2, hakaba hazoba harimwo umurundi umwe.

Muri iyo nama kandi ,hazokwihwezwa icegeranyo c’abashikiranganji kubijanye na sentare ya EAC hamwe n’icegeranyo c’integuro y’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu karera. Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyakubahwa Petero Nkurunziza akaba yaraye ashitse mu gihugu ca Tanzaniya muri iyo nama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.