IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > EAC:Intumwa zasavye abarundi bose kwirinda ivyotuma igihugu gisubira mu (...)

EAC:Intumwa zasavye abarundi bose kwirinda ivyotuma igihugu gisubira mu ndyane

mardi 16 Ruheshi 2015

Intumwa z’ishirahamwe ry’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko barabonanye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.Bari baje kuraba aho ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere yo kuwa 31 Rusama, bigeze mu kuja mu ngiro.

Izo ntumwa zari zigizwe n’abashikiranganji bajejwe ivy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu bihugu vyabo,bari barongowe n’umushikiranganji wa Tanzaniye ajejwe ivy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko Dr Harrison Mwakyembe.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru,umushikiranganji w’Ubuganda ajejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko Shein Bageine yavuze ko akarere ka Afrika y’Ubuseruko gafise igikorwa co gufasha Uburundi kuva mu bibazo,biciye mu kurondera inyishu ku bibazo,kandi ko abarundi ubwabo aribo bategerezwa gufata iya mbere mu gutorera inyishu ibibazo.

Shein Bageine yasavye abarundi bose kwirinda ivyotuma igihugu gisubira mu ndyane nk’izo caciyemwo hari haheze imyaka irenga 10.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu,babicishije ku cegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Louis Kamwenubusa,icegeranyo c’ivyavuye mu nama yo kuwa 31 Rusama,caramaze gushika,kandi ivyasabwe bimaze kuja mu ngiro ku bice birenga 80 kw’ijana.

Mwomenya ko inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,yabereye I Dar-Es-Salaam kuwa 31 Rusama,yari yasavye ko amatora yo kwigizwa inyuma mu kiringo c’ukwezi n’igice,gukura ibirwanisho mu babitunze batabifitiye uruhusha,hamwe no gutorera inyishu ikibazo c’impunzi zirenga ibihumbi 100 zahunze igihugu.

Messages

  • kubijanye nukwitoza kwa Nkurunziza ,vyavuzweko iki?

  • NIVYO NTAWUHANURA UWUTIHANUYE IBIBAZO VYABARUNDI NITWE TUZOBITORERA INYISHU

  • Abakirondera Ivy,ukwitoza Kwa Nkurunziza Ni Bavemwo Ibihugu Vyose Abakuru Barenga 60 Barabonyeko Nkurunziza Nta Kosa Afise Ku Kwitoza Kwiwe.

  • Kubakomeza kuvugango ikibazocumukuru wigihugu ngobakivuzehiki ngirango murintumva!? Ereka nubwomutubaha ubutungane bujejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro hariho abaziko kizira kubinjirira, eregaharyanihohugariye ibicavyemezako uburundi bwikikiye. Umva: Nuwuserukira Amerika wenyene ubwiwe amazekubonako ivyavuzwe nabashinzwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yavuzengo vyose biratewe nubutungane butingenga. Bishatse kuvuviki? Bishatsekuvugako bigoye guhenyuza ivyo abobajejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro kuvyobamaze gutangaza . Ariko jewe naribajije nti: Kuberiki ahokuvuga Ko abarundi bakwiye kwubahiriza ivyo abajejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro bavuze ariko akivugirango ivyovyose ngobitewe nubutungane butingenga? Ivyontakindi bisigura atarugushakako abarundi bashuhira icarimwe imitwe kukobirumvikana kwatashatse gufoboraneza kiretseko yivuhiye vyabindi aba oppose birirwabavuga ngubutungane ntibwigenga. Ariko haryanaho yavuze ngwivyovyose bitewe nubutungane butigenga bisigurako iyo ubutungane bwemera bugatora amahera akunze gutangwa na oppositions bakacaba bareka kwubahiriza ivyanditswe mwibwirizwashingiro bakavugishumunwango Nkurunziza ntaburengaziza bwokwitoza agifise Ko abobashaka kobajaho barikujaho bitagoranye, ngaho ahavuye ijambongo UBUTUNGANE BUTIGENGA.

  • ntaco babivuko naveko uwo muhirimbiri...!

  • WEWEGA NTIWUBAHA UMUKURUWIHUGU?EDWARE NKUNDA,NDAGUSAVYE MUGIHEWAREMWENIMANA UZE URUBAHA IMANANABOYAREMYE.NACANECANE ABIMANAYADUHAYENGOBATUBERE INDONGOZI.

  • ni bareke twitorr indongozi tugomba ntibatubuz,ok

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.