IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard NDUWIMANA : Ingwano y’ibihuha n’ibinyoma iracahari

Edouard NDUWIMANA : Ingwano y’ibihuha n’ibinyoma iracahari

mercredi 28 Nzero 2015

Abashikiranganji batatu ba Reta y’Uburundi baheruka kuja gushimira abanyagihugu bo muri komine Murwi, babakeza ingene bigenjeje mu ntambara ihitiye mu ntara ya Cibitoke. Abo bashikiranganji babwiye abanyagihugu ko ingwano y’amasasu yaheze, ariko hagisigaye iy’ibihuha n’ukuremeka inteba ishushe abandi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, umushikiranganji wo kwivuna abansi Général-Major Pontien Gaciyubwenge, hamwe n’umushikiranganji ajejwe umutekano, Gabriel Nizigama nibo bari intumwa za Reta y’Uburundi muri komine Murwi. Mu butumwa bwa Reta abo bashikiranganji bari bagiye bitwaje, Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko Reta ishigikiye kandi yabashimiye cane ingene abanyagihugu barwanije umwansi hamwe, muma komite y’umutekano, mu butandukane bwabo.

Edouard Nduwimana yabwiye abanyagihugu bo muri komine Murwi ko ingwano y’amasasu yaheze, ariko ko hagisigaye ingwano z’ibihuha, z’ukuremeka inkono ishushe abandi n’ingwano z’ibinyoma. "Mwime amatwi rero abantu baza bavuga ibinyoma, abantu baza barementanya, abantu bashaka gusubiza igihugu mu kaguma n’imigumuko."
Edouard Nduwimana yamenyesheje ko inzego z’umutekano zitazokwemerera umuntu wese azoza yigira akagaramaruganda mu gihugu, yitwaje icarico cose. "Reta, abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano ntibazokwemera ko hari uwigira akagaramaruganda, uwushaka kurengera inzego z’igihugu."
Uwo mushikiranganji yasavye abo banyagihugu kuja hamwe bakarwanya uwo wese yoza ashaka kubaryanisha n’ukubigisha ko amatora adakenewe mu gihugu, kuko uwo aba ari umwansi w’igihugu ashaka ko mu gihugu haba intambara.

Umutego w’abadashaka amatora mu Burundi

Inyuma y’uwo mubonano n’abanyagihugu, abo bashikiranganji batatu baragiranye inama n’abaserukiye abandi mu buzi no mu ntwaro, Edouard Nduwimana akaba yabamenyesheje ko kw’igenekerezo rya 29 Nzero 2015 ariryo sango umurwi CENI uzogira inama n’abandi bajejwe ikibazo c’amatora, kugira barabe ko bikenewe ko abatashoboye kwiyandikisha bohabwa ikindi kiringo, kugira bashobore kwiyandikisha bazotore.
Edouard Nduwimana yaragabishije abo babjejwe intwaro ko bosigurira abanyagihugu ntihagire uzogwa mu mutego w’abadashaka ko amatora aba, bagahamagarira abanyagihugu gusubira kwiyandikisha, kugira bace bitwaza ko bafashe abiyandikishije kabiri. Naho atatomoye abo badashaka amatora abaribo, Edouard Nduwimana yagize ati : "Hari abashaka kwerekana ko ivyari vyabaye vyagenze nabi, bagahamagarira abanyagihugu kwiyandikishe kabiri."
Nk’uko vyashikirijwe n’uwo mushikiranganji, iyo nama ntibaye kubera igikorwa ca mbere cari cagenze nabi, ahubwo ni ukugira bashire imbere inama n’ibiganiro.


Egide Nduwimana

Messages

  • Komera cane ba ministre mukomeze urugamba rwa demokrasitwebwe abanyagihugu turashigikiye ivyo mududhikirije

  • ego ivyo mudushikirij nivyo noshima muvuz abaty mu cibitok.

  • Burya jewe sishigikiye iyi leta, ariko aba bashikiranganji ivyobavuze nivyo intambara yamajambo iraturembeje kandiriko iratuma iterambere ryiyongera gakegake, ndafise umuntu abamubihugu vyaburaya aherutse kumbwirako yariyifujeko yojehino Burundi mbereyuko amatoraba ariko aherutse kuvugako abaye araretse kuzakubera yumvamuburundi hakomeje amajambo yurutavanyako nacanecane ngo yatangajwe nukuntu humvikanyeko hariho abarundi batanezerejwe nukuntu abasirikare bigihugucabo bahagaze gisoda koko igihe Cibitoke yaterwa nabitwaje ibirwanisho. Jewe rero nubwontashigikiye iyi leta sinojangaho ngondababeshe hagize uwowese azanikirwanisho mugihugu canje cu Burundi nzofatikanya nuwowese yemera kubarwanya kuko igisirikare kineshejwe nabateye ingorane turimwo zokwikuba ni 7 hagaca hatangura kwibonekeza ba Mr. Iyonamenya!.

  • Ayo ni yo makaru dukeneye. Abakeneye ingwano namwe mwatanzwe ngo mushireho commentaires! Ndizeye neza ko ivyo muvuga atari ibiri ku mutima kuko iyi ngwano duhitiyemwo twahigiye vyinshi: abantu bakunze kwiyerekana ko ari abagwanyi ku munwa, kuri internet ndetse no ku maradio iyo ruvuze ni bo batangura gusimba. Ingo twubake igihugu ntaco mutubesha mwibesha. Ico nobashigikiramwo mugwanishe amajambo,politique,mwiyamamaze, mugaye ivyo dd yakoze ku ntwaro yayo,namwe mwereke abanyagihugu akarusho muzanye. Aho muzoba muri abagwanyi bakomeye.
    Pour les 03Ministres,Chapeau!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.