Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwuserukira Turikiya muri Misiri yirukanywe
 Uwuserukira Turikiya muri Misiri yirukanywe
 Uwuserukira Turikiya muri Misiri yirukanywe
				
				samedi 23 Munyonyo 2013
Uwuserukira igihugu ca Turikiya muri Misiri yirukanywe inyuma y’amajambo umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turikiya, Recep Tayip Erdogan yavuze.
Nk’uko vyatangajwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu muri Misiri, uwuserukira igihugu ca Turikiya yirukanywe ahorwa amajambo yavuzwe n’umushikiranganji wo muri Turikiya. Inyuma yaho rero Recep Tayip Ardogan, umushikiranganji w’igihugu ca Turikiya avugiye ko abategetsi bashasha ba Misiri bacinyiza aba islamu, uwuserukira Turikiya muri Egiputa yaciye yirukanwa mu maguru masha kuri uno munsi, igenekerezo rya 23 Munyonyo 2013.
Ikindi naco, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu muri Misiri yavuze ko uwuserukira Misiri muri Turikiya yibukije kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro ko atazosubira i Ankala guserukira igihugu ciwe. Aho mugaca mwumva ko n’imigenderanire yari hagati y’ivyo bihugu bibiri igiye guca igabanuka, kuko hagiye gusa kuba uwutanga amakuru « Chargé d’affaires » mu buserukizi bw’ivyo bihugu bibiri.
Kubijanye n’ukwo kwirukanwa giturumbuka kw’uwuserukira Turikiya muri Misiri, umuvugizi w’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yasiguye avuga ko izo ngingo zafashwe inyuma y’amajambo yavuzwe na Erdogan. Ivyo bikerekana ukwita mu bitamuraba kwa Turikiya kandi bitemewe mu gihugu ca Misiri. Ukwo gushaka kwinjira mu bikorerwa mu gihugu kitari iciwe, mu gihugu ca Misiri bikaboneka nk’agasomborotso ari nayo mpamvu baciye bafata ingingo ikomeye.
Mariella Bukuru
