Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte : Abagabo batatu bashigikiye Morsi barishwe
 Egypte : Abagabo batatu bashigikiye Morsi barishwe
 Egypte : Abagabo batatu bashigikiye Morsi barishwe
				
				samedi 6 Mukakaro 2013
Mu gihe haheze iminsi ibiri gusa umukuru w’igihugu Morsi akuwe ku butegetsi bwa Egypte n’igisirikare, n’ubu ibintu ntivyifashe neza. Amakuru dukesha ikinyamakuru AFP amenyesha ko abantu batatu bashigikiye Morsi aribo bamaze kwicwa bari mu myiyerekano, mu ntureka, bahitanwe n’amasasu y’abasirikare bo muri Egypte.
Amasasu n’iyo yumvikanye ku musi wa gatanu igenekerezo rya 5 Mukakaro 2013, i Kayiro mu Misiri, abajejwe gucungera ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Egypte, iminsi ibiri gusa inyuma yo gukura ku nguvu ku butegetsi umukuru w’igihugu Morsi. Ibiziga bibiri vyaratowe vyambaye ishuka yera, hamwe n’uwundi yari akiriko arasambagirika umutwe wakomerekejwe n’urusasu, nk’uko bibandanya bivugwa n’ikimenyamakuru AFP.
Abashigikiye uwo mukuru w’igihugu yakombowe bahamagariwe kugira imyiyerekano ku munsi w’ejo kuwa gatanu, inyuma y’amasengesho.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko azokwiyamiriza yivuye inyuma umudugararo wobaho kandi navya biduga vy’ingwano bikaba biguma bitembera mu gisagara hose, bicungera umutekano.
Ubumwe bwa Afrika hakaba haheze amasaha make gusa buhagaritse igihugu ca Egypte muri uwo muryango.
Floxella Karire
