IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yizeza ko ingingo z’umutekano wo mu matora zamaze (...)

Reta y’Uburundi yizeza ko ingingo z’umutekano wo mu matora zamaze gufatwa

jeudi 11 Kigarama 2014

Ishirahamwe ry’ubumwe buraya mu Burundi hamwe na Reta y’Uburundi bahuriye kuri uwu wa kabiri mu nama ijanye n’ibiganiro vya poritike, nk’uko biri masezerano y’i Cotonou, mu gace kayo k’umunani. Muri iyo nama Reta y’Uburundi yiyemeje kuzokora ibishoboka vyose kugira amatora agende neza, mu mutekano.

Inyuma y’iyindi nama nk’iyo yari yabaye kw’igenekerezo rya 17 Gitugutu 2014, Reta y’Uburundi yatunganije inama hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, mu ntumbero y’ugukomeza ibiganiro vya poritike, hamwe n’ukubandanya kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015. Muri iyo nama, abagize ishirahamwe ry’’ubumwe bwa buraya mu Burundi, bakaba bagarutse umwanya munini ku gusaba ko Reta y’Uburundi yokwubahiriza urupapuro rw’inzira abanyeporitike bemeranije hagati yabo kugira bazoshobore gushika ku matora ahuza bose, kandi yo ku mugaragaro. Reta y’Uburundi yasabwe kandi kwubahiriza ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro, hamwe n’ugushiraho ingingo zotuma icuka kiba ciza imbere y’amatora, abanyeporitike bizerane kugira n’ibizova mu matora bizohurizweko.

Reta y’Uburundi yiyemeje muri iyo nama ko izokora ibishoboka vyose, kugira amatora yo mu 2015 azobe meza, ahuze bose, mu mwidegemvyo, kandi ku mugaragaro, ariko muri Reta bagasaba impande zose kuzokwubahiriza amategeko. Nk’uko vyamenyeshejwe muri iyo nama, Reta y’uburundi ivuga ko n’ingingo zose zamaze gufatwa kugira umutekano ntuzohungabane mu matora.

Tubamenyeshe ko abari bitavye iyo nama ku ruhande rwa Reta y’Uburundi ari : umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umukuru w’umurwi CENI utegura amatora, hamwe n’umuyobozi mukuru w’igiporisi. Ku ruhande rw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya hari abaserukira mu Burundi ibisata bikurikira : ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, igihugu c’Ubudagi, igihugu c’Ububirigi, igihugu c’Ubuhorande, igihugu c’Ubufaransa, hamwe n’intumwa y’uwuserukira igihugu ca Finlande mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Murindire katoya zanjavyi zumvise irijambo ryumukuru wigihugu rivugako amatora azogendaneza zicazihondagurahasi zitekurutare ziryivyara zicezihamagara ONU zivugango nimuhagarike amatora ibarariraguye ngobaraturiye ivyara!

  • kuba umukuru w’igihugu,avuga ko amatoro azoba meza!ndetse akarusha nayandi yabayeho birashoboka:mugi yoreka abanye politike babifitiye uburenganzira bose bakitoza ndetse washima nayamyanya yokwizamamaza bakayikoresha mumwidegemvyo kandi nkuko amategeko abivuga.hanyuma amatora akaba kumugaragaro.uwatsinzwe akemera aho intahe ishize.uwatsinze agatwarira bose.uburundi bwohinduka uburayi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.