IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abahinga ba ONU bemeje ko Imbonerakure za CNDD FDD zahora muri (...)

Abahinga ba ONU bemeje ko Imbonerakure za CNDD FDD zahora muri Congo

mercredi 7 Nzero 2015

Icegeranyo c’abahinga ba ONU kigiye gushirwa ahabona mu minsi iza kivuga ko hari urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwagiye mu mwaka w’2014 muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, rwambaye impuzu za gisirikare n’ibirwanisho vy’Uburundi. Abo bahinga bahamagarira Reta y’Uburundi n’iya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ko bokwisigura kubera batahengeshanije kubihakana.

Amakuru atangwa n’insamirizi y’abafaransa RFI avuga ko mu cegeranyo cakozwe n’abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bemeza ko abasirikare b’abarundi bahora muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bakaba baheruka gukurwayo bisabwe n’ubutegetsi bw’i Kinshassa, ariko ama Reta abiri, iy’Uburundi n’iya Congo, akaba atigeze avyemeza. Abo bahinga bavuga kandi ko hari n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi zajanwe mu myimenyerezo ya gisirikare mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, rwambitswe impuzu za gisirikare z’Uburundi, rwahawe n’ibirwanisho, abo bahinga ba ONU bakavuga ko urwo rwaruka rwa CNDD FDD rwabifashwamwo n’intwazangabo ikorera urwego rw’igendereza, Major KAZUNGU, hamwe na Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza ry’Uburundi. Abo bahinga bagatangazwa n’ingene Reta y’Uburundi n’iya Congo bagumye bavyamirira kure, n’uwabishize ahabona, Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH, akaba yaciye atabwa mu mvuto.

Amatohoza ku vyaha vyakorewe aho muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo

N’aho Reta y’Uburundi n’iya Congo zidahengeshanije guhakana ko hari abasirikare b’Uburundi bari muri Congo hamwe n’urwaruka rwariko rugirishwa imyimenyerezo ya gisirikare, icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kivuga ko hari ivyaha vyakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bambaye impuzu z’igisirikare z’Uburundi, muri ivyo vyaha bakavuga abagore bane bavuze ko bafashwe ku nguvu, harimwo n’umwigeme w’imyaka 16. Muri ico cegeranyo bati :"Ntiturashobora kumenya namba abo bakoze ivyo vyaha boba ari abasirikare b’abarundi canke urwo rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD". Ni naco gituma abo bahinga ba ONU basavye ubutegetsi bw’Uburundi n’ubwa Congo ko bwotanguza amatohoza abazokwagirwa bakurikiranwe mu butungane. Izo Reta zompi, iy’Uburundi n’iya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo zasabwe ko zokwisigura kubera zagumye zihakana ko ata basirikare b’abarundi n’urwaruka vyavugwa ko ari Imbonerakure za CNDD FDD bari muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe nwari ndanezegwa nabarya abanababo bagira ngo bariko barya,abo kwa nwari koco koco koco biryaryoshe vyabigugu vyaribimaze imisi bitaba ngo societe civile iriko irasara??ngonabarya 9 ngonugukuzako @hakiza ,john,so,sisi, mwaraye mwihekuye yaaaaaaaaaaaaaaahiiiiiooooooooooooooooooooo koco koco koco biraryoshe biko butamu hiiiii,abasi bigihugu bateye???????nabo nizabonerahafi zitashe??baca baziregeramwo koco koco koco

  • nibanyarutse batwereke abaribo tureke kuzira busa abarundi hari imisore myinshi jentakibona yobariyo yaroye?

  • Abobahinga ba ONU nda ibarize ikibazokimwe kandarinaco nyamukuru dukwiye kumenya nacanecane. Muravuze ivyivyegeranyo musanga abasirikare buburundi baragiye Congo mumwaka 2014 icambere nanje nobabaza mwayomatohoza mwasanze baribagihe guhangana nigisirikare ca Congo? Icakabiri mwayomatohoza mwasanze bagenda mumyitozo yagisirikare yokugira barwanye ibindi ihugu? Canke mwobamwasanze kwarukwungurana ubwenge mubasirikare bivyobihuguvympi? Mwayomatohoza mutatubwiye intumbero baribafise dusanga adamwiye kuko uwovyumva mengo bivyumvikanako abasoda biburundi mumwaka wa 2014 barateye igihugu kubanyi ca Congo! Uyundimwanya ukayoberwa imwitozo yizombonerakure icoyarigamije kuzoshikako ivyobitarimwo nukubumviriza tugaheza tukavugatuti ntawutihenda kiretse Imana rurema.

  • Imana ni dufashe igihugu cacu kironke amahoro abanya poritik bareke guhenda urwaruka.none twebwe urwaruka bazoturaga iki?Se barundi nahaguruke.

  • Nakamuna .......amashamba arashushe ewe Mana uri muzima .....reka babamaramaze abo ba DD NA CANE CANE UWICAHA CAGIRA BAMUSHIRE KUMUGARAGARO TWARI TUBIRINDIRANYE IGISHIKA GOSE...EWE aDOLPHE IKIBI WAKOZE UGOMBA UCISHURE ...

  • Reke kutubesha vyobona nde?ariko ntacahishijwe nakimwe kitazoja ahabona umusi niwagera.None nibatubwire iyo babashize nimba bari mugisoda tubimenye nimba naho aribo bateye hama bakicwa kugira ukuri ntikuje ahabona navyo mubitubwire

  • yemweyemw hinge turindir amatohoza kwazoba muga kubwanj ndibaza ntayazobe kubera kwimena igihute sivyorosh mbehoho mbonimpa bamurindirijiki kumweza ubutungana nibumwez bwongr bumuhe nindishi yakababaro kuko ivyubwo butegetsi bwibujumbura vyaramenyekany bwaribukwiy utanga imihoho ntibwaribukwiy kurindira kuzotsindwa mumatora.

  • Nwari Nagira Ndakubwirk Wibesh Kand Nayo Matohoz ONU Yakoze Harimwo Amahinyu Cokimwe Rero Na NINI Nagira Ndababwire Bamukurikiran Neza Ibivugwa Mumakuru Yavuzwe Kur Bbc Gahuza Bavugak Ari Abagwany Baba FNL Bariyo Barongow Nuwitwa Col NZABAMPEMA Kandi Aravyemera Anasabako Monusco Yogabany Ibitero Irik Irakor Kurabobant Uburero Karashizingan Uwuzokor Ikibi Wese Ngonimbonerakure! Bamureka Gutwarir Hejuru Ahindiho Muzohav Mumera Nkagahang Kavuga

  • None wewe Nwari ko atabwenge ugira Niki kikwemeza ko ivyo ONU ivuze vyose aba Ari ukuri.

  • @ bobo wewe ivyo uvuga ntanumwe atabizi monusco yagabisije imbere ibwira abagwana bose ?imbonerakure zanyu zica ziranyaga ?zije mucamuzikorako murabihinduka ??zabampema nawe yagira,ngonuguvyina none ararevye ??wewe ntavyuzi ivyurimwo dd imeze nkaca gisizimwe !

  • Ivyobamwe nabandi muriko muriyumvira kuvyo abobahingaba ONU bavuze ikibanza murikomurabishiramwo sico, rekandabafashe ONU ikorana na leta yu Burundi nigisirikare cu Burundi ivyikora mubimenye kandimubitahure ntanahamwe izigera ishigikira abobose bagifise umutima wogubungabanya umutekano wu Burundi nabarundi, nimwumvarero iriko iragira amakenga ku Burundi ntimuzoce mushorabana muntambara ngotwabonye kona ONU yanka igisirikare cuburundi’ kuko ikizobatangaza nuko muzogiraguti mukabona ONU iriko irafashanya nabobasirikare bigihugu cuburundi muguhasha abobose bajebarika uturwanisho ngobariko barahangana nigisirikare cuburundi! Ndangije mbwira uwoyitwa Nwari Ko ivyoyiyumvira Ko atahobisabisana nintumbero ya ONU.

  • Abo bavyemeje nibo bavuze ko ataziriyo mu mwaka uheze kubw’ivyo rero nta gishasha kiriyo

  • Ni bareke amajambo bazane ivyemezo ko bariyo!

  • Ryiki ?utugufa?twande?twa @bobo?ncanke?utwa hakiza?ryiki?utusoso?twande?twa so?ncanke?nuwera?ryiki? Umutwe?wande wibonerakure??ncanke umutima?wande??wabona nabo boye kugira mbomboke munda ryiki?ryikiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiibamwebasigeye 9 ryikiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii

  • ukuri ahabona none hari kindi muri buvuge?ONU iremeje ko Imbonerakuri zahora muri CONGO,intambara itangura narababariye ko ari babandi bahora muri CONGO bari barungitsweyo na NKURUNZIZA PETERO,mbe ko BARATUZA atanguye kuvuga ngo ni abamutama kandi tukaba tuziko mu Bndihari ba mutama benshi none abuzwa niki gutomako urutoki?NKURUNZIZA PETERO yitwa mutama,BUYOYA yitwa mutama,BAGAZA yitwa mutama,NDAYIZEYE yitwa mutama,Nimutubarire uwariwe.Bobo nagira nkubarire naho Nyoko yoba aroga ntiwigera uvyemera,nawe nuko ntiwogira ukuri uvuga kandi ari bene wanyu waraye ugandaguye kuko waruzi ko bamaze imisi mu myimenyerezo ugakeka ko bazoca bagusumvya ipete canke mukaringanya,uhitamwo kubita abagizi ba nabi kugira ngo ubikure kare,yewe na BARATUZA nuko.

  • mbe burya ONU bababwiye ko ari abamarayika? Ubu bobabwira ko CNDD-FDD izotsinda mwoca muvyemera. Mbe izo mbonerakure aho mwazitubwiriye biza bidushisha mu matwi bigeze ngaho

  • ivyarivyovyose abateye ARI IMBONERAKURE CANKE ABANDI NTAMUNTU NUMWE AFISE UBURENGANZIRA BWO KWICA URWAGASHINYAGURO’’(nko kubatema ,kubaca ibihimba vyumubiri,kubarasa bababoshe .....) UWOBAFASHE CANKE UWISHIKANYE.
    NI HABE AMATOHOZA atahoyegamiye ABABIGIZE BAHANWE BAMENYE KO UMUNTU ARI AKATIHABWA .(ntumvise akarorero nkuwiyita SHETANI)ni ukumugirako itohoza.

  • reka abavuga bavuge mu bahora iki nitwe twazanye ururbuga wew vuga icifuzo cawe gusa hama rurya gwaruka gwasigaye ndaruhaye pore bazobahenda gushika kuri amina abana babo bamerewe neza namwe ibizeze muri mwishamba nzi mwarimwarahuye nintambara garuka twubake uburundi mwa bana bacu bobo nawe vuge ivyawe ufise ku mutima

  • jewe narabarahiye ntabonye umwana wanje barungitse ikiriba!! ngo mbone na mwenewabo bajanye !!barungitswe na sewabo sinzovuga ngo iki nigihugu gitwawe n’umuntu.

  • @ Ndegeya, nambawere utemera kwigihugu gitwarwa nabantu twebwe abanye Cibitoke barayebatabaye bakadukuramo urunyirangane rwibirwanisho biraho vyaribiteyubwoba tuzokomeza kwiyemera kandi tubivige nomumakungu Ko igihugu cacu abajejwe umutekano bashoboye.

  • N IBABANDAYE BAKORA AMATOHOZA KUGIRA BARONKE INYISHU Z ITOMOYE

  • Je Ndumurund Ibiba Muburund Ndabiz Iciyumviro Canje Nuko Murayo Mareta Abir Yovugisha Ukur

  • Mugasanga arivyo amande ategugwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.