IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > France : Alain Juppé ku rutonde rw’abazohiganwa mu matora y’ibanze

France : Alain Juppé ku rutonde rw’abazohiganwa mu matora y’ibanze

mercredi 20 Myandagaro 2014

Alain Juppé amenyesha ko buca aja mu bazohiganwa mu matora y’ibanze mu gihugu c’Ubufaransa, nk’uko vyabonywe ku buhinga ngurukanabumenyi bwiwe.

Alain Juppé akaba azohiganwa n’abandi bagera ku ndwi muri abo hakaba harimwo umukenyezi Nathalie Kosciusko Morizet. Muri ayo matora y’ibanze azoshiraho uwuzoserukira UMP mu matora yo mu mwaka w’2017, bikaboneka ko Nicola Sarkozy aza mu kibanza ca mbere, kuko ibiharuro bitangwa n’abahinga vyerekana ko uwo yahoze arongoye igihugu c’Ubufaransa afise amajwi agera kuri 87, hagakurikira Alain Juppé ku majwi agera kuri 64, nayo Francois Fillon akagira amajwi 54, Nathalie Kosciusko Morizet agahabwa amajwi 36 gusa.

Mwomenya ko Alain Juppé amaze kuramutswa amabanga akomakomeye muri ico gihugu c’Ubufaransa, kuva mu mwaka w’1980 gushika mu mwaka w’2012. Muri ayo mabanga akaba yarigeze kuba umushikiranganji wa mbere, araba kabiri kose mu mareta atandukanye umushikiranganji w’imigenderanire, araba umushikiranganji w’ukwivuna abansi, umushingamateka n’ibindi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.