IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Monaco : Amwe mu masezerano y’ugufashanya n’Uburundi yateweko (...)

Monaco : Amwe mu masezerano y’ugufashanya n’Uburundi yateweko umukono

jeudi 6 Munyonyo 2014

Imigenderanire y’Uburundi n’igihugu c’Ubufaransa yifashe neza nk’uko bishikirizwa n’ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’uwuserukira Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa Dieudonné Ndabarushimana, amenyesha ko hateweko imikono mu gisagara ca Monaco kuri uwu wa 31 Gitugutu mu gisata c’ugufashanya hagati y’Uburundi n’Ubufaransa. Iyo mikono ikaba yateweko imikono na Sophie Thevenoux ku ruhande bw’Ubufaransa ari kumwe na Dieudonné Ndabarushimana ku ruhande rw’Uburundi.

Imigenderanire y’ivyo bihugu rero uko ari bibiri ikaba yifashe neza mu bisata vyo gufashanya, hagatangwa akarorero ku kigo CLAC gisanzwe gifasha ibijanye n’imico n’akaranga gifashwa mu migambi y’amashirahamwe AMADE na PEACE AND SPORT.

Mukamenya ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yagendeye mu mwaka w’2011 igisagara ca Monaco, aho ndetse yashoboye kwakirwa n’umwami Albert w’i Monaco. Petero Nkurunziza rero akaba yatumiye nawe uwo mwami kuzogendera Uburundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.