Accueil > Amakuru > Muri Afrika > François Bozize yitwariye igihugu ca Tchad
 François Bozize yitwariye igihugu ca Tchad
 François Bozize yitwariye igihugu ca Tchad
				
				mercredi 3 Ndamukiza 2013
Uwahoze ari umukuru wa Repubulika Centrafrica, François Bozize, yitwariye igihugu ca Tchad kuba carafashije umurwi wamurwanya kumukura ku butegetsi haheze iminsi icumi.
Bozize yabwiye abamenyeshamakuru ko abasirikare karuhariwe bo muri Tchad aribo bateguye ibitero vya nyuma , birimwo n’igitero cakozwe ku basirikare bo muri Africa y’epfo bari muri Centrafrika, cumi na batatu muri bo bakahasiga ubuzima.
Leta ya Tchad  ntaco iravuga  kuri  ivyo  birego vya  François Bozize.
Aho  muri  Tchad  hateganijwe  kuri  uyu  wa  gatatu  inama  y’abakuru  b’ibihugu  vyo mu karere, izokwiga ikibazo  co  muri Repubulika ya Centrafrika.
Umukuru wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma, vyitezwe ko azoba ari muri iyo nama.
Mariella Bukuru
