IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gabriel RUFYIRI yabeshuje ko ariwe yoba agira agirwe umuhuza (...)

Gabriel RUFYIRI yabeshuje ko ariwe yoba agira agirwe umuhuza w’abarundi

lundi 23 Munyonyo 2015, par egide

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel RUFYURI arabeshuza amakuru amuvugwako, ko ariwe agira ahabwe kuba umuhuza w’Abarundi (Ombudsman), asubire mu kibanza cahoramwo Mohamed Rukara ari kwivuza mu gihugu c’Ububirigi. Gabriel RUFYIRI avuga ko ivyo ari ibihuha bitagira ishingiro.

Amakuru amaze iminsi acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye yemeza ko izina rya Gabriel RUFYIRI ryoba rigiye gushikirizwa inama nshingamateka y’Uburundi kugira abe ariwe yemezwa nk’umuhuza w’abarundi (Ombudsman), afate ikibanza cahoramwo Mohamed RUKARA muri Reta bavuga ko yagiye kwivuza mu gihugu c’Ububirigi.

Mu gihe Gabriel Rufyiri yari asanzwe azwi nk’uwushira ahabona amabanga akomeye n’ubunyonyezi n’ibiturire bikorwa mu Burundi hamwe n’intwaro itabereye, ayo makuru yagiriza Gabriel RUFYIRI ko atigeze yifadikanya n’ayandi mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, ahubwo akaba yagumye aboneka mu manza zikomeye z’igihugu, aho aheruka kuboneka akaba ari mu gisabisho (Breakfast Players) gitunganywa rimwe mu mwaka na Reta y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Ayo makuru avuga ko Gabriel RUFYIRI aheruka kwakirwa na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ibitari bimenyerewe mu Burundi, aho abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike kenshi bafatwa nk’abarwanya ubutegetsi buhari.

JPEG - 83.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Nk’uko ayo makuru acishwa ku mbuga ngurukana bumenyi abivuga, kuva ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA bitanguye, Gabriel RUFYIRI ntagishira ahabona ubusuma n’intwaro itabereye vyibonekeza mu Burundi, akagirizwa ahubwo ko aguma akora ingendo z’ukuja kuronderera amahera Reta ikoresha, uruheruka akaba aheruka kurugira mu gihugu c’Uburusiya, kandi ko n’ishirahamwe arongoye ritari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike aheruka gufatirwa ingingo n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, y’uguhagarikirwa ububiko bw’amafaranga.

Mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa mbere, Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME arabeshuza ivyo avugwako, akamenyesha ko ibivugwa ari ibihuha bitagira ivyemeza. Gabriel RUFYIRI amenyesha ko ari mubatanguje urugamba rw’ukurwanya ubuzima buzimvye, kandi ko n’ishirahamwe arongoye riri mu mashirahamwe yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA (Campagne Halte au 3ème mandat).
Gabriel avuga ko ata bucuti na bumwe afitaniye na CNDD FDD, kandi ko n’ishirahamwe arongoye ryagirizwa ko rikorana n’abansi b’Uburundi.

Ku bijanye n’ingendo aguma akora mu bihugu bitandukanye, Gabriel RUFYIRI umukuru wa OLUCOME asigura ko aba yitavye amanama atandukanye ajanye n’ukurwanya ibiturire, ivyo akavuga ko abikora kubera asanzwe kuva mu mwaka w’2013 ari umurorerezi ajejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amategeko mpuzamakungu ngenderwako y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arwanya ibiturire.
Umukuru wa OLUCOME, Gabriel RUFYIRI amenyesha ko ata mugambwe n’umwe arimwo, kandi ko atawo ashigikiye, yaba uri ku butegetsi canke iyindi yose, kuko n’ishirahamwe arongoye ritabimurekurira.


IGIHE

Messages

  • Nti mubona yuko abantu babesha mugabo ndabatahura ntibamunzi uyo yamye arumushigantahe wicuja nijambo kwanka umuntu ntibisigura kumuremera ibinyoma wewe wamwandiste kwibinyoma IMANA ibikubaze kandi usabe imbabanzi nayandi nibara kuri wewe!!!uvuga ivyo utanzi wavuze go nturumuja nutabibeshuza uzoba uri umunja kuko

  • Rufyiri urigaba mwana Wa mama aho wapfuye abo bitwa basindumuja ba naze kuvuga uko bagira bakugire nkabo bamazeiminsi bicwa bagaca bitirirwa ko bishwe n’ubutegetsi bagurisha imivyimba kubabirigi ngoberekane ko ihonyabwoko riri mu burundi uharabire neza kandi. Abo bagusizeko kwayomajambo Yuko ujamumahanga kurronderera reta mahera ikoresha vyabavyiza ukabitwarira mubucamanza hakiri kare nabagumutsi kandindi ubiravye ibirego bakureze bisa nibijanye nivyamoko ko wobaushigikiye itwaro yabauhutu uharabe neza barakwishe abatutsi ntibafyina numututsi mwenewabo barica iyobadahurije kimugambi umwe wo gusambura, gusahura, nukwica UCA ucika umwansi wabo icondugusa ubashengeze mumagurumasha tuzoba wikingiye ubwawe.

  • UWOMUNTUARAKWIYEGUSABAIKIGONGWE, NYAKWUBAHWAURONGOYE, ORIKOME, JURASHIKAMUMABOHERO, MUDUSABIRE, BUGURURE,AMARADIYOYIGENGA NONEUBU ISHAVUBAYAFITIYE,NTIRIRAHERA, NUBUNDIAMARADIYOYIGENGA, ATUGURUWE,NIBINYAMAKUVYIGENGA, AHONTAKIRASHOBOKA,

  • Rufyiri urigaba mwana Wa mama aho wapfuye abo bitwa basindumuja ba naze kuvuga uko bagira bakugire nkabo bamazeiminsi bicwa bagaca bitirirwa ko bishwe n’ubutegetsi bagurisha imivyimba kubabirigi ngoberekane ko ihonyabwoko riri mu burundi uharabire neza kandi. Abo bagusizeko kwayomajambo Yuko ujamumahanga kurronderera reta mahera ikoresha vyabavyiza ukabitwarira mubucamanza hakiri kare nabagumutsi kandindi ubiravye ibirego bakureze bisa nibijanye nivyamoko ko wobaushigikiye itwaro yabauhutu uharabe neza barakwishe abatutsi ntibafyina numututsi mwenewabo barica iyobadahurije kimugambi umwe wo gusambura, gusahura, nukwica UCA ucika umwansi wabo icondugusa ubashengeze mumagurumasha tuzoba wikingiye ubwawe.

  • Means wa mama G. Rufyiri urigaba aho wapfuye about basindumuja bamazekugukorera inkono ishushe ngo nawe usigaye uronderera amafaranga reta ikoresha emama ngo ntiwigeze ufatikanya nabo mukwiyamiza ivyobita ikiringo naho biyamiriza itwaro yabahutu. Bagirabarondere inyendamuvano ngo baronke kuko bakwica naheze bavyomeke kurireta nawe bakugurishe ikiziga kubabirigi kugiramgo ihonyabwoko baririmba ribashe kuza riremerwa. Ico ndogusaba Niko wabashengeza imbere y’ ubutungane uwumvitije imvugo zabo ntahobitandukaniye mamacakubiri yamoko barimwo kukontibisigura ko abantubose bobategeka kubona nkuko bo biyumvirira inabi reta bass naho barikuvuga ko wahindukirye Kuri reta kuko kuribo nashaka umuntuwese ahari kugwanya reta ihari. Titaravye neza ikibaco cuburundi simanda ahubwo nukwanka itwaro kunyungu za bazungu bakoze ivyo kuva kubakoroni Gwagasore, Ndadaye baziziki? Harimanda bihagiye? Bazize ijambo bavuze ko " itwaro zabo ziziyamiraza abasuma nabambuzi, imihimbiri ishakakurya idakoze" mu ivyo bikaboneka binaye ko umuzungu azoba atashe zaroye nihobaca bacura umugambi WO kwiyoreta yohava. Twitinde ntitugwe muruwo mutego.

  • Ni kurindira tuzobimenya nimba arivyo. Imisi y’igisuma ni 40. Amenye ko aho yabusya twari musi y’urujo. Vyoba vyiza baramubeshaye sinon koba ari akamaramaza.
    Turindire twihangane. Ntidutwarire hejuru, kuko twahonye, abazosigara baze bamenye ukuri kwose.

  • None biraciye ingani nuwumaze urubanza guwiwe ans agiyeye gukina politise murabaza mwitonze icamujanye muri africa yepfo mureke kumwambika ibara kuko jewe niyomba naramubonye nahora na nka Pita nakagwii kiwe ubu naho nabuze uwo na nka nuwo nkunda

  • Rufyiri niwihamahoro narudorofo yaragusize wewe gumuraba ntibanyuruze itunga ryigihugu gusa nivyo wishinze

  • Akuri ntiguhiswa naho hari abvyibaza! J ndamuzi ko ari umugabo wijunja n’ijambo ariko je abarundi ndabazi ni bamahindagu aho wosanga arivyo! MUit gute?None konzi OLUCOME yabaye mumashira hamwe yambere ya rwanije 3è mandat, wonsigurira gute ingene bohagarika PARACEM, APRODEH.... bakareka OLUCOME?Reka tubitege amaso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.