IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Carama : Colonel Donatien NDABIGEZE yakomeretse, umugore wiwe (...)

Carama : Colonel Donatien NDABIGEZE yakomeretse, umugore wiwe aricwa

lundi 25 Ndamukiza 2016, par egide

Umutekano wahungabanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, muri karitiye ya Carama, mu gisagara ca Bujumbura, ku rugo rwa Colonel Donatien NDABIGEZE rwatewe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye.

Muri ico gitero, iyo ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi yakomeretse bikomeye ku kuguru, amakuru dukura mu giporisi akavuga ko ashikanwe kwa muganga ukwo kuguru baciye baguca. Umupfasoni wiwe nawe yishwe na gerenade abo bantu bitwaje ibirwanisho bateye mu cumba yarimwo, imbere y’uko basubira inyuma. N’uwundi muntu w’umushitsi yari kwa Colonel Donatien NDABIGEZE yasize ubuzima muri ico gitero.

Umutekano warahungabanye kandi kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, kw’ishengero GUÉRISON DES ÂMES, ahatewe gerenade mu bakirisu bariko barasenga.

Umwe mubari kuri iryo shengero avuga ko iyo gerenade yatewe mu kibanza carimwo umushikiranganji Martin NIVYABANDI ajejwe agateka ka zina muntu muri Reta y’Uburundi, umugore wiwe bari kumwe akaba ariwe yakomeretse.

Abantu indwi nibo bakomerekejwe n’iyo gerenade, muri abo hakaba harimwo batatu bakomeretse cane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.