IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gen Ngendakumana: Umuhuza Yoweri Museveni niwe mahirwe ya nyuma ku (...)

Gen Ngendakumana: Umuhuza Yoweri Museveni niwe mahirwe ya nyuma ku Burundi

samedi 18 Mukakaro 2015

Gen Leonard Ngendakumana ari mu bashatse gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama amenyesha ko umuhuza Yoweri Museveni atabaye maso Uburundi bugiye gusubira mu ntambara.

Mu kiganiro yagiranye na Chimp Reports, Gen Leonard Ngendakumana yavuze ko umuhuza Yoweri Museveni ariwe mahirwe ya nyuma Uburundi busigaranye.Yavuze ko bizera ko azogira ico akoze,ariko ko nka hamwe ananiwe Uburundi buzosubira mu ntambara nk’izo bwigeze gucamwo.

Gen Ngendakumana yahoze ari icegera c’umukuru w’urwego rw’igendereza mu Burundi,kandi yabaye umurwanyi mu mhari CNDD FDD ukirwana,yaheruka kumenyesha ko aribo bariko bagira ibitero vyabaye mu ntara zo mu buraruko bw’igihugu.

Abadashigikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bamwagiriza gushaka kubandanya arongora igihugu kandi ibiringo arekurirwa n’amategeko vyarakwiye.

Mu biganiro vyatanguye Yoweri Museveni ntiyashimye kugira ico avuze ku kiringo ca gatatu,ariko avuga ko nimba abarundi bashaka gutera imbere baaokwirinda kuvuga ibijanye n’imyaka umukuru w’igihugu amara ku btegetsi.


IGIHE

Messages

  • Komera kumuheto natwe muzodutumeko tuzobafasha turi imbonerakure twanka kwivuga kuko botumerera nabi aba turi kumwe SONGAMBELE NIYOMBARE. Turi muntara ya BUBNZA mwebwe turabashigikiye kuko ibi natwe ntituvyemera gusa nuko tubura aho tuvugira kandi turi benshi, Uyo muhuza nawe naje iwiwe ibisigaye bitahindutse bareke mandat 3 canke batange uwundi wo kwitoza, ibintu vyasubiye iwandabaga. Ahubwo abanyagihugu uwufise iyaja nabe arigira kuko akarimbere karahinda Komera General Godefoid na General Leonard raba uko mworuhurira abarundi kandi mukamufatisha intoke, muzomutwereke hama mukata ukuboko mumuha arya , kimwe kimwe mpaka aheze kuko badutegeka gukora amabi kunguvu songambele twikukire ubbugira kabiri.

  • YOWERI NTIYOREKO GUSHIGIKIRA MAND YAGTA.KUKO NAWE NTAVYANKA.UWOMWICANYI GEN.LEONARD NTIHAGIRE ICAVUGA YATUMAZE NAMAGERENADE URAGAPFA WUMVE!

  • non au 3e mandat.que Dieu nous aide

  • Mutama komera naho bariko bafata abungere,imbonerakur,n’impunzi babahendahendesha udufaranga ngo bace integ abakeney guhabuza amasezerana yi arusha n’ibwirizwa shingiro,twebaye abagwanyi ntantambara nimw hafatwa abantu bakomeye atankomere zirimwo,nirya rementanya ryamy riranga abayoboke ba faraon.

  • NONE GA HARICO MWARI MWITEZE KURI OUGANDA.3E MANDAT ITAVUZWE,NKURU AKITOZA,NINTAMBARA KANDI AMENYE KWATAZOTWARA.AZOJA GUTWARA IKUZIMU BAMWE YAGEMURAYO.

  • Wewe Ugomba Yuko Uburundi Bubura Amahoro Ese Imana Yoyima Wewe Leonard Nakagwi Murikumwe Hama Abarundi Bakaronka Amahoro

  • Nawe Nyene Ahava Avuruga Nabivuge Bigombe Bimukore

  • uyureonarituramunzi sumugwanyi yariyibereye imutabira yanjemuri bibinakabiri murabaza abamunzi godewentiyigera ajakurugamba ububagiyeguta siduhijemumutego gonanzaneibigwanishogobobona bagwanyi bamutayemurundubi ntacomuzoshikakoatarikwicisha abarundi

  • Generard Leonard Ngendakwashitani nta gateka yifuriza abarundi. Arimo arabafasha rosoferi Rukarabankaba Paul kagome kwiha inkumbi i Burundi. Ikizwi cyo ari mu Rwanda kuko hari abamubonye ejo bundi muri Hôtel Serena. Icyo kinyamakuru yabitangarijemo cy’ibugande (chimpreports) ni kagame ugitera inkunga kuko imbwa yitwa Andrew Mwenda yirwa imwamwamaza
    Ariho ikora . Ntawe bitangaje ko abarwanya uburundi bavugira mubinyamakuru bya Kagame. Abarundi mukomeze mube maso kandi mumenye uko umwanzi ateye nuko akora

  • TURAGOWE KABISA . EWE PETER NAWE, UREMEYE NTANGURE GUHUNGANA URUVYARO IMANA YARI YANYIHEREYE, NGO WIRUKA N’AMARONKA ? NONE NKUBU NTURAKWIZA ? NAJEWE MWARIMU ATACO NIRENGEJE NDIHA AMAHORO NTAWE NTEYE INGORANE ! NONE WEWE BITE ? DUTABARE,DUTABARE !

  • BARAVUGA NGO IMBWA ISAKUZA CANE BURYA NTIRYANA, NAMWE MURIGUSAKUZA CANE GUSA!!!

  • intambara mu burundi irakenew kugira habe changement mais twemere ko tuzosubira muri 15siecle abandi bageze muri 21 abazungu baratubesha nimb badashigikiy iyo faux mandant niba yany i systeme yo gufata uyo mu bile apana gutanga ibigwanisho murakoze

  • UWO LEÔARD NTAVYIWE.NIBAKOR TUBIBON.

  • Jewe Nibaza Ko Atarumuhuza Yorabaneza Ahubwo Nubutegetsi Bwankurunziza Kuko Nibwo Bushaka Gukora Ivyo Batumvikanye Nabandi Bakoresha Inguvu Gusa.Habwo Nimwipange Neza Hakiri Kare.

  • NDAGUSHIGIKIYE URI.UMUGABO.NIMBA IVYO.UVUZE.ARI.UKURI NEZA CANE 100%.

  • komera natw tuguma dusasira ah turi !!! tangura tuzobafash kuk n.urugamba rwabarundi bose !!!!!! kora ibishoboka kubury mundwi imw bizob vyarangiy igihugu kizob cagarukany iteka !!!!! abarund bensh baragow babuz n.umunt abahanagura na mosozi !!!

  • ahaaaa! mbe mwasaka mwene wabo akoriki? kuki ataco yavuz kukiringo ca3

  • Ivyo biringo vyanyu , jane hiyo. Kuva Uburundi bwikukira ,ni iryambere tumara imyaka 10 ata bwicanyi bufatiye ku moko bubaye. None mushaka ko dusubira inyuma! Aho have.

    Mbe ko urwo rwamo n’yo maruru ko atayo muvuza canke amakungu avuza kuri Kagamé, Museveni...? Aho mwabukaranga Abarundi bari munsi y’urujo.

    Ivyo biringo vyanyu muragenda mubigire n’abacolonisateurs banyu bariko babaha umurindi wo guturira igihu canyu.

  • Wew niwiyicarire m ubuhungiro. Ubwongu uteretse urutwe mu kEnya witeze kurwanya uburundi?ntubona bagenzawe aho biciraguye ko ATI bazotera urwanda wew wikuye muvyuya nkamavyi.uko wagiyeniko uzogaruka

  • Ushakarerontibazebatore?iryoniterabwoba abarundintibakangwanivyo.

  • None yoreka akaja kurya ivyafise ntiyogaruka haheze imyaka itanu kwabirekurirwa namategeko natwe tukaba twomwitorera.Arabizi kwabahutu twarenganywa tutaramenya ukwigihugu gitunganijwe,nayo ubu bizomukomerana uwuzoducinyiza!

  • None Tuvugeko Museveni Ahengamiye H ? Kwa Nkurunziza Cank ? Kuber’ik’ivyo Mu Burundi ? Dupfe Tuzira Inda Z’abandi ! Ni Mwe Mubwirwa !!!

  • None Tuvugeko Museveni Ahengamiye H ? Kwa Nkurunziza Cank ? Kuber’ik’ivyo Mu Burundi ? Dupfe Tuzira Inda Z’abandi ! Ni Mwe Mubwirwa !!!

  • None Tuvugeko Museveni Ahengamiye H ? Kwa Nkurunziza Cank ? Kuber’ik’ivyo Mu Burundi ? Dupfe Tuzira Inda Z’abandi ! Ni Mwe Mubwirwa !!!

  • Museveni Ashigkiy Nkurunziza Canke ? Dupfe Tuzir’ubusa ! Nkurunziza Tang’ikigongwe Abapfuye Barapfuye...

  • aha ubundikwibiganiro vyahagaritswe wumva kubwiwabo atari amata avyaye amavuta nibakore ivyobashaka kowumva intambamyi baribafise yari museveni ikindi abatavugarumwena leta bazokwemera kubanya ibiganiro amatorayaheze?

  • Ese uburundi buzokwama muntambara mana dufashe

  • NONEMUSEVENIYASICEKUKI,NIBAREKE,PEREZIDA,ATONGWANIMANA

  • Yemwe.Ntagakiza.Tubazigako.

  • Nkurunziza nimba asenga vyukuri niyiyumvire abantu bariko bapfa bazirawe nimba nho ataruko azoba ar’uguhumamaso amakungu ngo arasnga

  • yemwe araha bera magabo koko

  • Mubyukuri. Abarundi bakwie kureba icyo yabamarie ntibite kubiringo igihugu nibwo kikiva muntambara hakenewe umwanya muremure kugitunganya

  • nje ndumva ko uyu gen. yifuza vyose igihe yabigerageza vyaranze nareke kuko benshi baharwa, kandi atavyo ashoboye,
    mukanwa canke kururimi atamusozi uhaba ariko bitandukanye nibiri kuri terrain

  • Abarundi Bo Barabona Ico Nyakubahwa Nkurunziza Yabamariye Nico Gituma Bamukunda Ntawundi Dukeneye Ko Adutwara Atari We Nyene Iterambere Dufise Turikesha We Nta N’uwundi Yoza Akora Nkivyo Yakoze.

  • Umva ivyo bitwaza vyose nkurunziza ntabwo
    yakunzwe cne kurusha rwagasore cnk ndadaye
    Nimba vyukuri akunda abarundi n’abarundi
    natange igihugu kuko aboshobora kugitunganya
    siwe wenyene cnk azotwemeze ko ari intumwa
    Y’imana mw’isi, narabire kuwutwara FIFA aho
    Yatorwa a riko akanga kubera hari abatamushgikiy
    Abatware bacu nibansumire inda gusa

  • Nibabarek nukuyasamvya benshi barindiy icimana yikorera

  • HARWYA BAVUGAKO ,IRYANTEBEIRYOSHE ARIKO,NARABE AYIVEKO,NABANDI BARASHAKA KURYA MBEGAKO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.