IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gervais Rufyikiri yoba yahunze igihugu?

Gervais Rufyikiri yoba yahunze igihugu?

vendredi 19 Ruheshi 2015

Amakuru ariko araca ku buhinga ngurukanabumenyi ko icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yahunze igihugu yabeshujwe n’umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Kuva muri aka gatondo, igenekerezo rya 19 Ruheshi, abatari bake bakaba bandika ku mbuga ngurukanabumenyi ko, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yahunze igihugu, ageze mu gihugu c’Ububirigi. Ayo makuru akavuga ko icegera ca kabiri yajanye na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo aha mu Burundi, eka mbere n’uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure, nawe yahunze.

Ayo makuru yose yaciye abeshuzwa na Willy Nyamitwe, ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter. Avuga ko Rufyikiri ari mu gihugu c’Ububirigi, ariko ko atagiye ahunze, azogaruka mu ndwi iza, igenekerezo rya 24, nayo Laurent Kavakure akaba yitezwe kugaruka ku wa 25, ko ari mu gihugu ca Suisse.


IGIHE

Messages

  • erega peter kuba yarigeze gufukamira Imana izabimurindira.nubwo yaba yarayikoreye amakosa yayigarukira hanyuma abamurwanya BAGASUBIRA INYUMA,ndavuga les NIYOMBAREENS,

  • abatutsi vyanse musigaje kuvuga ko peter yahunze! igihugu nica bene gihugu si ca rufyikiri nimba yarihutuy nagombe ahunge arabe ingene bamusubiriz, abahutu bumutima turi maso. ngo mwanka amatora murabesh tuzoyakora. rebellion yanyu nayo turiteguy kubamesa atakinya, atagisoba eka atacamira.

  • Erega Vyose Birashoboka.None Babonye Aho Baca Bakagira N’uburyo Bwo Kugera Iyo Baja,ntacobuza Bigira.Erega Ubu Butagondwa Bw’abayobozi Bacu Buriko Butujana Habi Cane.

  • Ukuri gutsind ikinyoma turindir uwavirindiriy azobibona

  • Nubwo boba bahunze muribaza ko bovyemera? Murababarirwa ntimubazi reka bigendere babonye ko bari mumazi amirabagabo.

  • ahaaaaa! biriko biraza nyamitwe iyonimitwe yokwikurayo ahubwo dusigaje kumvako nkurunziza yimanitse kuko atarinyamitwe na eduard na nyabenda na gerase abandi bose bamuhezeko imana arakunda uburundi abobicanyi irabadukiza ni falao ningabo ziwe bazoherera mukiyaga gitukura.

  • ahaaaaa! biriko biraza nyamitwe iyonimitwe yokwikurayo ahubwo dusigaje kumvako nkurunziza yimanitse kuko atarinyamitwe na eduard na nyabenda na gerase abandi bose bamuhezeko imana arakunda uburundi abobicanyi irabadukiza ni falao ningabo ziwe bazoherera mukiyaga gitukura.

  • Kuki baja kwivuriza hanze kandi bemeza ko bateje imbere Uburundi ?

  • None Uwo Nyamiswa Niwe Muvugizi Wa Rufyiki Ko ARiwe Yabibeshuje,konaheruka UWuvugira URwo Rwego ARi Melchior Simbaruhije,nyamyobo We Yitayemwo Gute?

  • Emwe Ni Yigire,iki Gihugu Ko Gitwarwa N’intahanurwa Nta Mahoro Kigiye Kuronka.Kubera Ko Abategetsi Bacu Bashize Ipampa Mu Matwi Imbere Y’impanuro Zirenga Ibihumbi Bahawe,ejo H’uburundi N’abarundi Ni Habi Cane,uwogira Uburyo Yokwigira.

  • Uyo mugabo nyamitwe atwarande ko yishir imbere ntabonako atacoyanze ibinyoma vyose avuga ntibifata non ntiyogezaho? vyukur twarushe.

  • Icombonaco nuko uworonka ahaca yogenda kuko ikirikokirategurwa ntawukizi mbega uwobabizi kuva uburundi bubaho nubwambr muri PAF ivyuma vyaribwiger biruha naw nyamitw ntawutazi imvugoyiw ntiyokwigera yemera kobahunz nubwo vyobavyo.

  • Muri ibi bihe hari ibihuha vyinshi kandi vy’agaca-vutu. Biragoye kumenya amakuru y’ukuri mu gihe n’ivyitwa ko ari amasôko y’ukwizigira atagitinya gutangaza ibinyoma kugira ngo yikamire mu coze. Yamara ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka. Ukuri kuzomenyekana. Twihangane.

  • Harabuze nabamwe baha akayabukamahera umutegetsi yiyadukije agahunga yobanyeramahera bagaca bagumayo nkareba kohoboneka ikibanza cuyundimuntu nawe akabararyako.

  • na gaciyubwenge yagiye bavuga ngo ari mukaruhuko ngira bazogarukana

  • Turabahaye ikaze mu buhungiro! N’abandi nibihungire bave i Babuloni kuko hagiye gukomvomvorwa!

  • NSAVYE ko mutosubira guca ivutu abarundi mukoresheje iki kinyamakuru.abahunga nibisanzwe.

  • Mbega Hamwe Abo Bategetsi Bokwigumirayo Vyogenda Gute?Erega Bimwe Bavuga Ko Hoba Hagiye Gutera Ingwano Bizoba Arivyo Kuko Bobo Babona Kure.

  • Sha Muraraba Neza Basha Mumenyeko Willy Atoshoka Yemera Kuko Ni Umutegetsi,ategezwa Kuvuga Amajambo Yubaka Ntiyoca Agumura Abantu Sawa Mwese.

  • Asha vyahaye ariko naho muhunga muzotegerezwa kubibaza

  • @rutumo jean
    "abatutsi vyanse musigaje kuvuga ko peter yahunze ! igihugu nica bene gihugu si ca rufyikiri nimba yarihutuy nagombe ahunge arabe ingene bamusubiriz, abahutu bumutima turi maso. "
    Reka gutuka abahutu sibo bipfuza kwimika umwami Nkurunziza! Aho abandi bami bari babagejeje barahazi! Aho bahora babagomeza ingomero z’inka ntibahibagiye! Risubize iyo urikuye!
    Abashaka kumwimika bari nico bashaka gushika ko ataho gisaniye n’ineza y’abahutu!

  • NiMugire,indero,kurubuga,nacanecane,Abo,bitwaza,Amoko,Uwahoze,arumuboyi,azosubira,kuba,Umuboyi,uwahoze,arigisuma,Azoguma,ari igisuma,Nkurunzinza,ntaco,azobafasha.

  • Turiyamirije abo bansi b’igihugu barota babesha ibinyoma mbe ntibibukako uburundi tubusanghye? barabesha turabandanya kubatwara milele na milele .

  • @EDISON NKURIKIYE
    "erega peter kuba yarigeze gufukamira Imana izabimurindira."
    Aho niho ugeza mu vyiyumviro? Biracakugoye ndakurahiye!

  • Uyomugesera,asubiriye kuvuga,ivyubwoko hamwenomufata yaba,umuhutu yaba,umututsi turibamwe,saba reta yuburundi,ikwiriikirane,abavuga kubijanye nubwoko,kuko,inimerozabo zirazwi namazina yabo.

  • Nimube Mureka Kubesha Muz Murvga Ivyomwatohj Murk Kugumura Abanyagihugu

  • NONE IBIBERA MUGIHUGU CUBUNDI TUBIHE INTUMBERO IYAHE IYO NKURU NIYO CANKE SIYO ?BANDANYA MUDUTOHOREZE MUDUHE AMAKRU AHUMURIZA BISHITSE MUHUMURI ZE ABA NYWANYI MBE IMYIYEREKANO YARAHAGAZE IMARADIOGUTE

  • ariko yemwe abatutsi murabanka none muzobashira he ko imana yabaremye agakomye kwose ngona batutsi emwe murabesha mutegerezwa kubana muvyanke canke mubikunde, none rufyikiri yoba yahunze abatutsi ?

  • Reka Bihungire Nn Ko Imana Ibahay Bakaronk Aho Baca! Nibukbuk Knd Ni Kabiri Na Rimw Mukumva Nzobonariba Na Nkurumbi Nabo Bateshaguj.

  • ABONABAGOMBA KO UBURUNDIBUSUBIRAMUKAGA MBEGANONE YOBAYAHUNZE AKABIMENYESHA IGIHUGU? UBU TWARAHINYUYE KO ABO BABITUBWIRA KO ARABAHUNZIB AMAHORO IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI NABARUNDI BAJABUKE IKIRARO ABONABAGOMBA KO UBURUNDIBUSUBIRAMUKAGA MBEGANONE YOBAYAHUNZE AKABIMENYESHA IGIHUGU? UBU TWARAHINYUYE KO ABO BABITUBWIRA KO ARABAHUNZIB AMAHORO IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI NABARUNDI BAJABUKE IKIRARO BARIKO

  • ibili muli icyi guhugu ni hatali.

  • Naho atari mugihugu,ntawoshiragati mu ryinyo yizey ijana kw’ijana ngo azogaruka

  • Wiri Nyamitwe Ategerezwakubihakana Kuko Sebujayohava Amukura Nabahoramuri Ceni Bemeyekobahunze Haciyigihe .Babonyeko Bitakinyegezwa Ngobikunde.

  • IVYA NYA MITWE NI NYA MITWE NYENE!NIMBA IYO NKURU ARI YO MURIBAZA KO YOKWEMERERA ABANTU NGO YAHUNZE.WAIT TIME WILL US THE TRUTH.

  • EMWE JENDABONA HAGIYE KUBABA AHO MWOKWEMERA IVYO NYAMITWE AVUGA NTIMUZI KWIMVUGO ZIWE ARIBINYOMA GUSA IYAVUGA KOBARI MUBURUNDI AHO AMAKENGA YAHERA NAYAHANDIHO BIRAGOYEKWEMERA EMWE MURADUTOHOREZA NUMVISINKURU ZIVUGAKO NUMUKURU WINTWARAMIHETO ATAKIRI MUBURUNDI ARIWE PLIME NIYONGABO MBEGA YEMWE BIZOHERERAHE?

  • Bovyemeragute Kandi Babahereyeko Nkibuji.Emwe Ejonihabi.

  • Harababura Icobakora Bagasara Mbegaho Bohunga Myunvise Kwari Ijuru Ryoba Ritobotse? Mbega Komuvuga Abahutu Abatutsibo Ntibohunga?

  • NdababwiruKuri Kofarawo yansekurekura ....... Agiyeguhonera Mukiyaga Gitukura Ningaboziwe.

  • @bakari uvuge ureke murumirwa imigambi yanyu vyanse ikibazo s abatutsi ambara harabavye nguhe akabanga mugabo

  • Bantu mutanga Ibitekerezo Za Mugerageza guhina Imvugo.Erega Womengo Nukwishima ku bandi.kandi mucafuza imigambwe muvamwo.Reka politike tuyihebere beneyo dufatane munda,twe dupfa ubusa rwaruka.

  • ABAFIS IYO BAJA MWIGIRE DUSIGARE TURACUNAGURYA.MANA,DUKIZE IYI KALISI.

  • uwuwucanye arawota. iyo wokeje inyongori wokora ubusurira.

  • UFISE IYAJA YOGENDA ARIKO UHUNGA UBWOBA URUPFU MUKAJANA ICIZA TWOTABAZA IMANA .MANA WAVUZEKO UZODUTABARA,TUGEZE KUNKOMBE Y’URUZI INGORERO UDUTABARE.

  • Nukubesha nimubihariree ababeshi

  • emwe ivyiburundi namayobera!icika ihinda.nayo guhunga yamaze guhunga.nabandi bagiye gutyo.

  • MANA NAHAWE HO KUDUKIZA FARAWO TWEBWE ABADAFISE IYO BAHUNIRA

  • hasigaye guhunga willi nyamitwe bena edward nuko babuz ubuhungiro mugabo nibamuhanure peter asokor hakirikare abarundi turonkamahoro

  • ivyo nibihuha kbs kugira bahuvye amatora

  • NONE NASHAKE AGENDE.ICO COTUMA AVYIYUMVIRA MWUMVA TWOBIMUKURAMWO CKE ABO BAKUJIJE IGIHUHA WOSANGA ARI ABAGENZI BIWE.

  • Ahubwo musengere basigaye kuko basa nabatakiriho Amen

  • erega nyamitwe n’umusazi, narindire ejo aho bukera azokwisanga mumazi, asigaranye na kakagwi k’abicanyi.ahuabwo dusaba amakungu kuza arakwirikiranira hafi abategetsi bahunga, kuko birashoboka ko bagenda batwaye amatungo y’igihugu kandi ko boba barafashije peter muguta igihugu mumanga zatumye abarundi dutakaza ivyacu tugahunga stop nkurunziza laisser ce mandat aux autres

  • nyamitwe nawe araza kugenda

  • bakari,ukoresha ubuh buhinga kugira umeny ko umuntu ar’umuhutu canke umututsi uravye ivyanditse?indome nizo wabonye ko ar’intutsi?tubwire tubimenye.canke abatutsi nibo bakoresha imbuga ngurukanabumenyi?warariye uburozi bw’amacakubiri gerageza uburuke

  • abagize icobavugakuriyinkuru mwesendabashimiye uretse<rutumo jean>mugenzi urikebukamwenasowanyu ubusigihecamoko!hama abomwiteguriyekumesa:uruciramukaso rugahitananyoko.vibuzimu uje ibuntu!

  • Mbega willy yoba arumuvugizi wa leta canke wibiro vy icegera ca kabiri c umukuru w igihugu?ariko vyose biva kuriw.reka tubirindire kandi bikunze nyene kuvugwako yahunze azoshikiriza ko arivyo canke atarivyo.

  • ivya nyamitwe birazwi, ariko mbonye munyamacakubiri amusumba yitwa rutumo, yemwe ni rutumo nyene,ha kwishima woshimwa nabandi, kandi ntakwishimira ubwoko, kuko sibwo bwica hica intwaro mbi!

  • bemeze kuko bafise intumbero

  • mbere willy nyamitwe burya si conseiller wa president akongera akaba president lui meme .none ga basha ntimubona ko willy ariko arabesha none yabaye umuvugizi wa rufyikiri kuva ryari?mbe rufyikiri ntafise uwumuvigira ajewe communication mu biro vyiwe? nagomba kubabwira ko jewe nemera neza gane ko yahunze.kuko mwibuke nigihe gaciyubwenge yahunga bavuga ngo yagiye kwivuza.mube maso rero

  • nibidakunda uwariw wes yokwihungira kuk uburundi ubu nurudubi gusa kandi abo baswa baguma bazanamwo ubwoko nababono gus imana nivyose izoturinda abo banyamyoma bigira ngo barasenga sana.

  • Ariko mana yanje abatutsi muri inzigo,ubu murota abategetsi bose b’aba dd bahunga,vous les encouragez meme comme si ari urukundo mubafitiye naho ntibamenyeko ari ukugira baje kurya ubugura nkamwe,mbega bamwe mumaze iminsi muhayagiza ngo babaye abashigantahe,abagabo b’ijunja n’ijambo ko bitandukanije n’abagenzi,ubu barihe?Bariko bagwara akabonge dans un coin,ba mureka gukokeza!Ubu Niyombare iyo mutaja ngaho ngo mumuhende aba ari mu gihugu,none ubu ariko arayerera mu gihugu ari en danger,mbega mwa bahutu mwe ko mwananiye ihanura ntimwumva!!!Raba ubu godefroid bariko bamugereka àla tete d’une rebellion kugira abo batutsi nibatwaduka batwica bavyitirire umuhutu,mwe ntimubonako bariko babahenda?
    Ikindi ntimubonako bashaka ko abahutu bamara benewabo,muhagabire,mbe ko buyoya atoja àla tete de cette rebellion,atinya iki mwe bahutu mudatinya?
    Kumbura mukanure nyabuna,mwebwe ntimubonako ubu batanguye kuvugako ngo abantu bishwe mu myiyerekano bishwe nabo kwa rwasa ,aho ntaco bibabwira,alors que tuzi ko bishwe n’abatutsi!
    Nawe ashobora guhunga kugira anezereze abantu bamwe bamwe,ariko mwese mumenye ko igihugu abantu batabuze ntihagire abazoza banezerwa n’utuntu duto nk’utwo,

  • nyakubahwa mukuruwigihugu uraraba uduzamaboko hakirikare abobarikobakwerekako bagukunda nibobakashako utakaza nutwowarondeye uhagabire ubunandibarinyuma uzosanga usigayewenyene

  • Ahubwo numugabo ndamweye pe,arakabona ahunze kuko azi ico ahunze,reka y’ihungire nakare ntaco yarakirindiri mu Burundi ntagisigayeyo atari umugambi wogusesa amaraso ntakindi,muta ugize ico umara niwihungire ntibaze bakubaze amaraso azoseseka waragiye..ariko rero wotera akamo amakungu ugasigura ivyo uzi kubwicanyi buteguwe mu gihugu kuko muvyo wahunze vyoba birimwo

  • willy nyamitwe ntimumuzi??ivyavuga ntimubizi???iyo nimitwe nyene ariko arafundikanya kugira bisubizeko agahuzu.muga ntibitevye kuja ahabona.ukuri kuzotsinda kabisa.

  • willy nyamitwe ntimumuzi??ivyavuga ntimubizi???iyo nimitwe nyene ariko arafundikanya kugira bisubizeko agahuzu.muga ntibitevye kuja ahabona.bazoza bariyomora atawubabwiye igihugu gisigarane beneco.abo bari abacangero bokwoza ibigega.ukuri kuzotsinda kabisa.

  • Mbe turetse Rufikiri Willy Nyamitwe wewe na Edouard Nduwimana ntibahungiye muri Belgique?

  • Abobantu bahunga kandi igihugu baragitaye mumanga,twemereko mugih2nd vice president amaze ko atamakosa yabonye ubu akabariho ayabonye? Cankaboyeko ahoyarasoroma vyaheze ati:"ntaconsha nokora, crise nayigumane abatagiriyobaja"iyahungakare harico twari kumenya.

  • NIYIGIRE ARABONAKO BOMUGIRIRA NABI,GUSA MUBURUNDI PITA AZOSIGARANA NA BA DD NABANYAGIHUGU BATOBATO MAIS LES INTELLECTUELLES BAZIHUNGIRA BOSE!MANA FASHA UBURUNDI KKO BUGEZE AHUMWANSI ASHAKA!

  • mbe kwaba dd bavuga amatora azoba vyaciye muyihnzira?ya democratie cank? yigikenye cank?barabashuka! azobagute abotutavuga rumwe naba dd tugumaduhunga? vyongey nabagenzibo banka gukoramaraso barahunga emwe icabona nimana yomwijuru tuzobiraba bagarama bavyuka amatora ntazoba nabivuz icabona niyo mwijuru}ufis icuterera kwiyinkuru andika sokora.com.org

  • MBEGA KO HARIKO HARAHUNGA ABAFISE ABABACUNGERERA UBUZIMA TWEHO ABANYAGIHUGU BATO BATO IVYACU BIZOHERERA HE?

  • Yesu nashimwe benedata bo kururu rubuga nimukomeze. Gusenga ntimuhakomeze critic kukw, lmana yishurira kugihe. Irateba muga yishura vyiza nimurindire mwihanganye. Vyose bigiye guhera vuba. Abahutu, abatutsi, abatwa twese turab, lmana. Hashigwe hejuru. Yehova shalom. hatsindwe shetani nabamukorera bose. Yesu yongere, ahabwikuzo, imyaka yose, amen.

  • Yesu nashimwe benedata bo kururu rubuga nimukomeze. Gusenga ntimuhakomeze critic kukw, lmana yishurira kugihe. Irateba muga yishura vyiza nimurindire mwihanganye. Vyose bigiye guhera vuba. Abahutu, abatutsi, abatwa twese turab, lmana. Hashigwe hejuru. Yehova shalom. hatsindwe shetani nabamukorera bose. Yesu yongere, ahabwikuzo, imyaka yose, amen.

  • Inkuru zica ku rubuga ngurukanabumenyi facebook zitera ubwoba kuko vyinshi ni imvugo za politike umwe n’uwundi yandika afise ihangiro ashaka gushikako...

  • kohatanguyeguhungaabategecsibumunzegozohejuru.uburundi.bugiyekubaubwandekarashizeinganimandayagatatuidusamburireigihugu??nimwikubiteagashi.kukotwarituzeye

  • ibyobyose.bitegwa nabampemayuzuye mwamenye.kabanabigihungu barikobarapfiranabi.mugwana korera marariyayigikatu.ibamerenabi mwibukeko arukwanbur’agacyiro.igihoungu eseubundi musigaye intwarombi irapuu nuwokubaterer,avoka koko ubundi katabahamahorongo muyasarure. haa.....

  • Wewe yarose ahahungira kandi murundi niyigire ntanico yagirizwa mbega Nkuru wewe azojahe kwaguma nubu yica uwuzoramba azobona ivyiwe.

  • burira ntibutera kumpeshi.Wait and see

  • NONE NIMBA YAHUNZE’NIVYO MUREKE YIGIRE,NONE MWEBWE;IYI NTWARO NTIMUYIBONA?NATWE TUBUZE IYO TUZA,AKAGISIGARAMWO,KO ATAHANUGWA,NTAMWAMI,YATWAYE,BAHUNGA

  • mbega muburundi bazovugisha ukuri ryari gayemwe buca bibatekurukana burira ntibutera kumpeshi

  • Mon cher ami"Bitariho"plz imvugo yivyamacakubir irashaj caaaan nukur yihagarik,jew ndi umututs ariko ico nokubwira nuko haguhungir kwa Eduard Nduwimana nohungir kwa Mbonimpa.tur bene burundi twese ntaho tuzoshirana.rek twibanir nkabavukanyi.nukur ndasavy amacakubir ntakibanza afise.

  • Mon cher ami"Bitariho"plz imvugo yivyamacakubir irashaj caaaan nukur yihagarik,jew ndi umututs ariko ico nokubwira nuko haguhungir kwa Eduard Nduwimana nohungir kwa Mbonimpa.tur bene burundi twese ntaho tuzoshirana.rek twibanir nkabavukanyi.nukur ndasavy amacakubir ntakibanza afise.

  • Mon cher ami"Bitariho"plz imvugo yivyamacakubir irashaj caaaan nukur yihagarik,jew ndi umututs ariko ico nokubwira nuko haguhungir kwa Eduard Nduwimana nohungir kwa Mbonimpa.tur bene burundi twese ntaho tuzoshirana.rek twibanir nkabavukanyi.nukur ndasavy amacakubir ntakibanza afise.

  • Mon cher ami"Bitariho"plz imvugo yivyamacakubir irashaj caaaan nukur yihagarik,jew ndi umututs ariko ico nokubwira nuko haguhungir kwa Eduard Nduwimana nohungir kwa Mbonimpa.tur bene burundi twese ntaho tuzoshirana.rek twibanir nkabavukanyi.nukur ndasavy amacakubir ntakibanza afise.

  • Sivyizako Abantu Babaho Ubuzima Bwibinyoma N’ibihuha Kuko Buca Rimwe Kikazimangana.Nakare Barayamaze Bati: Ikinyoma Kimara Umusi Umwe Ntikimara Umwaka.Hagezaho Twese Abarundi Twiyamiriza Abansi Bacu Atakindi Barota Atari Gutuntuza Imitima Y’abenegihugu Arijo Kandi Ntibitangaje Kuko Nikobama Nakare Ngo Ntawugutuka Agutorera.Igihanurwa Nicumva Icerekwa Nikibona .Nibagezaho.

  • ufite amaguru niyiruke ishamba rirahiye

  • FIDELIT-WEWE KUKI URI INJIJI CANE UKIGENDERA KUVYA MOKO? UGOMBA KUZUBAZA ABARUNDI?URIHENDA KANDI UGOMVYE WOBIREKA KUKO UBU TWESE TURAZINANYE ,INTWA YITWAGA IYABATUTSI IMAZE KUVAHO ABAHUTU TWARI TUZI NEZA KO TUGIYE KURUHUKA,ARIKO KUVAHO ABITWA BA NKURUNZIZA BINJIYE MU GIHUGU KANDI ARI ABAHUTU,NONEHO ABAHUTU TWAR’ISHWE ZA MUYINGA,GATUMBA,GITEGA,HAFI YA HOSE MU GIHUGU NONE GA SHA FIDELIT-NIWEWE WIYUMVISHA KO UFISE UBWENGE BWO GUHENDA IMILIYONI ZABARUNDI NGO IKIBAZO N’ABATUTSI?NA NKURUNZIZA YAGERAGEJE BIRAMUNANIRA AHO YABUZE ICO ABWIRA ABARUNDI,AZANA POLITIQUE ISHAJE YAMACAKUBIRI ABARUNDI BASEZEREYE KEEEERA AGERAGEZA KUZUBAZA ABAMUHINYUYE NGO ABARIKO BARANGA IKIRINGO CIWE CA 3 NGO ARI BABANDI BISHE NDADAYE?SASA PETIT FIDELIT-ABAHUTU,ABATUTSI,N’ABATWA,KUBA BARAFASHE IBARABARA BAGAHEBA AKAZI KABO,UBUZIMA BWABO,MISTA SIMIKINOOOOO NUKO BABABAYE SASA INGORANE S’AMOKO INGORANE NI IKIRINGO CA3 CA NKURUNZIZA ABO BAGABO BIGENDERA NABO NIBAGENDE ARIKO NIMBA HARICO BAGIRIZWA?IYO INTWARO ABARUNDI BARIKO BIYAMIRIZA NIMARA KUVAHO BAZOZANWA BABIBAZWE.......NTITUZOHEBA IMYIYEREKANO .REKA MBARIRE N’ABANDI BATARAZA MU IMYIYEREKANO WANGU (WANGA GUSESA AMARASO KUBW’IGIHUGU CAWE,IMBWA Z’IKAYASESA NONE NAWE NGWINO .......INKOTANYI NIZO ZAVUZE NGO
    ....WENGI WAFE WACHACHE WABAKI WAJENGE INCI...NONE TWEMERE BADUTWARE NKIPUNDA?CANKE AMAKINGA ADAFISE IFIRE ....NOOOO...... JEWE AHO GUPFA BANYICA BANSA MUNZU IWANJE ......BAZONSANGE MUMYIGARAGAMVYO

  • NONE KOBAVUGAKO GERVAIS RUFYIKIRI YOBAYAHUNZE BAMWEBAKABIBESHUZA NONEVYOBAVUGANIVYO? YOBARIMUBURUNDI?HOHO IVYOBAVUGAVYOBAVYAVUYEKUKI?

  • ivyo nivyo gukurikirana petit a petit turabe ikizovamwo kuk urukurukuru niyonkuru

  • Uyu Mukino Wa Cndd Fdd Na Oposition Uraturambiye,abatagira Iyabaja Canke Uburyo Burengeje Duteze Umutwe Nkabamobwa.Abarundi Dusigaye Dutunzwe Na Rasiyo Yibihuha Bikura Umutima.Na Hawe Wewe Mana Yehova Tweza Amaso .

  • Ntibibitangaj Nibugurur Amaradio Niho Radio Munwa Izohagarara Abarundi Turakeney Amakuru Yukur

  • vyari vyatangaje cane abanyagihugu .twari twasimvye imitima,kwumva ko abategets bakurubakur bahunze.ok murakoz kuturemesha

  • Yagiye iyongweyamukuyemunamankuruyinararibonye.wibazakwitomwishe.niyigiremurundi.kuvahobariribaramuburagurije.nagendentibamtgirenkabandi.aboturabazi.ntawobatubwira.

  • None Oyo Bagiye Guikora IKi?Sinavyumva Nikuki Bagiye Muri Iyi Minsi Ko Twumva Bavuga Vyinshi?Ivyo Bitwereka Ko IBivugwa ARivyo Ko Hagnda ABumva Vyinshi Kuturusha

  • Ntibikabe Kumuvyeyi Wacu Yogenda.

  • ntabundi buhungiro dufise aha mwi si atari kumana!nne urupfu narwo rurahungirwa mu mahanga?nta si idahamba!

  • KO BATAVYEREKANYE KR RTNB UWUGIYE MU NAMA BAVYEREKANA. ? ???

  • Abarundi barazi gutohoza amakuru nivyo cank sivyo uburundi buri mubigeragezo bitoroshe sitwe tuzobona turavuye mu bihe vy amatora amatora aheze benshi bazohindura ingendo

  • bareke bazovuga baruhe

  • reka turindir kuriyo genekerezo ntaza tuzoca twmera ko yahunz.ark imana nigarukire uburundi n’abarundi kk turagow pe !!

  • nkuri kuba yohunga vyonshimisha kuko ibishobora kwaduka nyuma yibi tubona bishobora guhitana benshi bakazorengutswa mumasentare atandukanye canke nabafa bafe kandi atabuze icomubeshaho nincabwenge no mubihugu vyaburaya ntakazi azobura mukurindira uwuza gusiga uramurindira ko badahanurwa.

  • Yayaya Guhunga Murabikka Kweri?Uruhinja Ntirurira Cn Kko Burya Rubagwapfuy Namw Uwutazi Agapfa Ahaya Ko Uruhinja Ryapfuy"tuzoba Turaba Igaruka Ryabo

  • Nukuri tuba dukeneye inkuru nyazo na cane cane zikavurwa nabo zerekeye babifitiye ubutenganzita. Ivya nyamite nivyo kuguma abesha abantu ukamango nibijuju. Yamenyereye ivyo mmuko dd mais ikinyoma kimara umunsi ntokimara umwaka.

  • reka turindire iryo garuka ryabo ikinyoma kizoca kija ahabona

  • none.gervais.rufyikiri.yarahunze.cankenububeshi

  • nimuze twige kuùg inkur dufitiy ivyemezo.siko?

  • BAGABO.BAMAMA!AKARINYUMA.KARAHIRA.TUZOKWIGWAH?

  • Nahoyohungayoba,agiyehageze,natwetwabuze,iyotuja,ahubwo,imana,imuje,imbere

  • nyamitwe we subira uvuge ko azagaruka hhhhhiiiiiiiii

  • komera nyamitwe uri umugabo uvuga ukuri

  • ngo yoba yatangaje kuri radio france 24 ko yatanze imihoho?

  • ari muri mission azagaruka le 24 juin arihe Pi!!!!!! nyamitwe

  • @ fidelite rufyikiri n umuhutu n umututsi bucumi ni umututsi cankw n umuhutu onesime n umutwa canke n umututsi na abandi bashi uzasanga ahubwo abahutu aribo mu bazwi bahunga ari benshi gusa amoko shira inyuma kavakure arihe yaje wamukurahe hhhhhhaaaaa

  • KO NYAMITWE YAVUGAKO RUFYIKIRI YOGARUTSE EJO UBWO NTIYIBESHE?NIZEREKO ABARUNDI TUTAGIHENDWA NA BAVUGA UKO.

  • HAAAA!!! NIBAHUNGE BAZOGARUKA TUTABAHAMAGAYE

  • ndibo sinorota ngaruk haaaa,nibar

  • Ashaaaa igihugu kigeze habi naho bokwihungira birakwiye natw 2rinyuma tzohava bahunga.

  • Abarundi Biratugora Kuvugisha Ukuri.Arko Siko Bizokwama.Kandi Nizindimpunzi Ziracari Inyuma.

  • nibareke kubesha yarahunze noneho yaravyiyemereye avuga ati :<<ntamutekano muburundi uriho ikihari nintambara gusa.>>

  • Urigitabanga c’umugabo sha murindi zina rikubereye uri banya hurima. Wananze amasobe usanze wahonyoye amavyi.

  • nanje ndiwe sinogrk aaah ubundi nahi mana.

  • NONE GERVAIS RUFYIKIRI yagiyeajanyen’umuryangowiwe ubuhohoakora akazikamezegute atunzweniki

  • None Ubu Gervais Rufyikiri Ari Hehe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.