IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega: Abanyagihugu barashimira urwego rw’igipolisi

Gitega: Abanyagihugu barashimira urwego rw’igipolisi

jeudi 20 Ruheshi 2013

Umupolisi umwe yaraye yitavy’Imana uwundi arakomereka mu gihe bari baroye gutabara kw’ibarabara riva i Gitega rija mu Rutana, aho akarwi k’abantu bitwaje ibirwanisho kari kahagaritse imiduga, n’uruja n’uruza kuri iryo barabara.

Abapolisi rero baranyarutse kugira baje kubohora abari baguye mu minwe y’ako karwi, maze bashitse ku musozi wa Rubamvyi muri komine ya Gitega, niho ako karwi kariko karahunga kaca gatana mu mitwe n’abapolisi umwe aca aritaba Imana mu gihe uwundi nawe yaciye akomereka nk’uko amakuru ava mu ntara ya Gitega abivuga.
Abanyagihugu bo muri iyo komine ya Gitega, barashimishwa n’ubukerebutsi bwakozwe n’igipolisi mu gutabara abo banyagihugu bari baguye mu vyara vy’ako karwi, maze ibarabara ryari ryugawe rigaca risubira kurengana.

Ubu rero muri ako gace bivurwa ko ubu ibintu vyifashe neza, kuko ako karwi k’abantu atawuzi abo aribo kaciye gahunga, ndetse abajejwe umutekano, intwaro n’abanyagihugu bakaba bariko barakorera hamwe kugira bagatuze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.