IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Gitega: Abigisha bariyamiriza ifatwa ku nguvu ry’abanyeshure

Gitega: Abigisha bariyamiriza ifatwa ku nguvu ry’abanyeshure

samedi 8 Kigarama 2012

Abigisha ku mashure abiri matomato yo muntara ya Gitega barahagaritse akazi biyamiriza ugufata ku nguvu abanyeshure b’abakobwa. Basaba ko abakora icaha bohanwa hisinzwe amategeko.

Kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 kigarama umwaka w’i 2012, abigisha bo kw’ishure ryisumbuye ry’inyagisenyi n’abo kw’ishure ry’intango ryo ku w’ Inteko muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega bari muri yegereyegere. Abo bigisha biyamiriza irekurwa ry’umudandaza yitwa Evariste BARAYAMABARA yagirizwa gufata ku nguvu umwana w’umwigeme yiga mu mwaka wa gatatu kw’ishure ritoya ryaho kuw’inteko.

Abo bigisha bamenyesha ko uwo mugabo yaramaze imisi afungiwe mu gasho ka komine Bugendana, ariko inyamiramabi ikorera aho i Bugendana ngo yaciye imurekura. Abo bigisha bakavuga ko arakatabonetse kubona uwo mugabo arekurwa kandi yakoze icaha nk’ico. Iyo nyamiramabi yoyo irahakana ivyo yagirizwa vyose ikamenyesha ko yashikirije dosiye y’uwo muntu muri parake y’i Gitega.

Uwujejwe indero muri komine ya Bugendana asaba impande zose kwihangana n’ukudatwarira hejuru. Abavyeyi b’ico kibondo cakorewe ivya mfurambi, uwujajejwe inyigisho muri Bugendana abasaba kubandanya urubanza mu butungane.

Ivyo bibaye mu gihe haheze indwi imwe mu ntara ya Bubanza naho nyene abarongoye indero muri iyo ntara bagiye hamwe n’abigisha kugira biyamirize abayobozi bagirizwa gufata ku nguvu abana bareze canke abigisha bakora ku mashure bayoboye. Mu ntara zitandukanye z’u Burundi, muri iyi myaka iheze hamaze imisi hibonekeza ingeso y’abigisha canke abayobozi bafata ku nguvu abana b’abanyeshure. Kenshi na kenshi baca bafatanya n’abo mu gipolisi bakabesha abavyeyi b’abo bana bakabaha igifuka munwa kugira ntibabajane mu rukinja mu butungane.

Iyo ngendo y’ukumvikanisha abakoze icaha n’abavyeyi b’abagikorewe iriyamirizwa n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike akorera mu gisata c’agateka ka zina muntu. Bamenyesha ko ivyo biteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu n’ay’u Burundi yubahiriza agateka ka kiremwa muntu.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.