IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Urugo rwa Musitanteri rwatewe gerenade

Gitega : Urugo rwa Musitanteri rwatewe gerenade

jeudi 8 Gitugutu 2015, par egide

Mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu, urugo rwa Musitanteri wa komine Gitega rwaratewe gerenade n’abantu bataramenyekana. Imana yarakinze iyo gerenade nta muntu yahitanye, abantu babiri b’ababanyi b’urwo rugo bakaba baciye bafatwa ku mvo z’amatohoza.

Iyo gerenade yatewe urugo rwa Valentin Nahimana, musitanteri wa komine Gitega, yononye imiduga ibiri muri ine yari muri urwo rugo, amakuru ava mu giporisi akaba avuga ko iyo gerenade yatewe iva mu rugo rw’umubanyi wa Valentin Nahimana, musitanteri wa komine Gitega. Abaporisi bacunga umutekano kuri urwo rugo baciye barasa amasasu, mu nyuma uwujejwe igiporisi muri ako karere, OPP1 Thaddée Birutegusa arahashika, ari kumwe na bamwe mu bakozi b’igendereza muri iyo ntara, bakikuza urwo rugo bivugwa ko iyo gerenade yatewe iriyo iva.

JPEG - 31.9 ko
Valentin Nahimana, musitanteri wa komine Gitega

Abaporisi barasatse urwo rugo rwarimwo abanyeshure batatu bariko bategura ivyigwa, igiporisi gica kigenda gitwaye babiri muribo, ku mvo z’amatohoza, bakaba bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi muri iyo ntara.

Urugo rwa Valentin Nahimana, musitanteri wa komine Gitega rukaba rwari rwarigeze guterwa mu mwaka w’2013 gerenade yahitanye umukozi w’umukobwa yarera umwana.

Valentin Nahimana atewe mu gihe ari mu mahanga mu rugendo rw’akazi, akaba yaheruka kwongerwa uburongozi bw’imyaka itanu aramutswa komine Gitega asanzwe yari amaze imyaka cumi ariwe ayirongoye.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.