IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Global Inspirational Leadership Award’’ agashimwe kahawe umupfasoni (...)

"Global Inspirational Leadership Award’’ agashimwe kahawe umupfasoni Nkurunziza

jeudi 19 Kigarama 2013

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi umupfasoni Denise Nkurunziza yaganutse, aho yahora mu gihugu ca Dubai kuronswa agashimwe kajanye n’ibikorwa afasha abantu bari mu ngorane zidasanzwe.

Ashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura, akaba yakiriwe n’isinzi ry’abantu baje kumwakira, muri abo hakaba harimwo bamwe mu bashikiranganji ba Reta y’Uburundi, umuryango wiwe, abari muri Fondation asanzwe arongoye ndetse ari nayo yatumye aronswa ako gashimwe ’’BUNTU’’, ndetse benshi muri abo bakaba bari bambaye n’impuzu ziriko amasanamu y’umupfasoni Nkurunziza akanyamuneza kamusya.

Kuri ako gashimwe umupfasoni w’umukuru w’igihugu yaronse Pastori Denise Nkurunziza kakaba kitwa ’’Global Inspirational Leadership Award’’ . Muri ivyo birori vyo kuronswa ako gashimwe, bikaba vyatumiwemwo n’abandi batambukanyi b’abakuru b’ibindi bihugu nk’uw’igihugu ca Tanzaniya, Namibiya, Zimbabwe, umupfasoni w’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Maleziya hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ihuriro ry’abakenyezi bo mu bihugu vy’abarabu, eka n’abandi nko muri Ghana n’ahandi kw’isi.

Tukabamenyesha ko umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yatowe nko kuba ari uwurongoye Fondation ikiri nto, ariko imaze kurangura ibitari bike na cane cane, harimwo gusubiza ubuntu ababa barahebwe, n’ukwitwararika impfuvyi haba iza sida, eka n’ugufasha abana kubandanya amashure, aho abatari bake bamaze gufashwa kubandaniriza amashure yabo mu bihugu vyo hanze.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ndanezerewe cane bimwebivuye kumutima kandi mubinezereza Imana ibibibaye kwuyumuvyeyi umutambukanyi w’umukuruwigihugu cacu c’Uburundi birimwo.

  • aho yahora mu gihugu ca Dubai .abazi géographie mwomenya DUBAI ari igihugu canke ville?nivyiza kwandika inkuru watohoje neza en tant qu un joulnaliste.

  • Huyu mupfasoni wuburundi ndamwikundira kuko yubaha Imana . ariko muntu wimana nkumu kristo haribitareneje kuko ntabyera ngo deeeeeeeeeeee. Impunzi zirwanda zahungiye iburundi muzibuza uburenganzira

  • NIVYIZA NACANE CANE IGIHE N IMANA IBISHIMA BITARIMWO POLIKE NIGIHE UMUGABO WIWE YOVA KUNTWARO YOGUMANA AMASIGISE NKAKURYA KWA MAGI.VYOBA VYIZA GUSUMBA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.