IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > GRADIS : Igice kinini c’abarundi bashaka gutwarwa n’abo bitoreye

GRADIS : Igice kinini c’abarundi bashaka gutwarwa n’abo bitoreye

jeudi 26 Ruhuhuma 2015

Umurwi ujejwe amatohoza GRADIS (groupe de recherche et d’appui au développement des initiatives démocratiques) wasubiye kugira amatohoza, aho werekana ko abarundi benshi, bagera ku bice 85 kw’ijana bipfuza gutwarwa n’abo bitoreye.

Mu kiganiro umukuru wa GRADIS yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Christophe Sebudandi avuga ko abarundi bagera ku bice 70 kw’ijana bemeza ko bari mu ntwaro rusangi, ariko ko hari utugorane dutandukanye muri iyo ntwaro rusangi. Abarundi bagera kuri 85 kw’ijana bipfuza ko botwarwa n’abo bitoreye, habanje kuba amahiganwa y’abanyamigambwe bose, mu matora atunganijwe neza, kandi ataho ahengamiye. Muri abo barundi babajijwe na GRADIS, 75 kw’ijana, baripfuza ko amahiganwa y’imigambwe myinshi ari nkenerwa, kugira umunyagihugu yihitiremwo uwo ashaka ko amurongora, ariko rero nk’uko Sebudandi abandanya abishikiriza, abarundi bagera kuri 70 kw’ijana, bamenyesha ko abanyeporitike baza kubaresha, kugira babatore, bashobore kwishikirira ivyo bipfuza. Mu majambo make, abo banyagihugu bakabagiriza ko bazanwa n’amaronko yabo.

Ishirahamwe GRADIS rero kuva mu mwaka w’1999 gushika mu mwaka w’2013, rikaba rimaze gutunganya amatohoza agera kuri atanu. Irya gatandatu ryo mu mwaka w’2014 ushira 2015 rikaba riri mu nzira. Tukabamenyesha ko amatohoza agirwa na GRADIS afatira ku bisata bitandukanye nka poritike, imibano, intwaro ibereye, n’ibindi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Umushingantahe Sebudandi,Abarundi unyumve neza ntibaramenye icitwa democratie ndetse si mu Burundi gusa,turacatora ubgoko, intara ni bindi bidahuye ni ntwaro i bereye,ahubgo ni dusubire muri transition kugira basigurire abanyagihugu neza,kuko ni vuba intwaro ya NKuru kijuju irasezeterwa.

  • MURABABESHERA GUSA NUKO TUTAZI GUSOMA ,,AHANDI HO BARABIZI ..KUKO IRUHANDE Y IMIGAMBI BASHAKA NUWO BIZERA ,,NUKO BIRI NTA TRANSITION IDUTEVYA MW ITERAMBERE

  • Jewe kuribi ndemeranyanababantu abarindi barishimiracane kwitwaritwa nabobitoreye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.