Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Gufungura ifungurwa "sushis de maquereaux" vyatumye amara imyaka (...)
 Gufungura ifungurwa "sushis de maquereaux" vyatumye amara imyaka 115
 Gufungura ifungurwa "sushis de maquereaux" vyatumye amara imyaka 115
				
				mardi 5 Ntwarante 2013
Umuyapanikazi Misao Okawa,niwe yatangajwe n’ikinyamakuru Guinness World Record, ko ariwe ashaje kw’isi yose,mu gihe ahimbaje imyaka 115 y’amavuka.
“Sinari nibaza ko noshaje ,ni kubwanyu mwese”,yabivugiye kw’imboneshakure yigenga TBS Misao Okawa;uyo muyapanikazi asanzwe ava mu muryango w’abadandaza muri Kimonos m’uburengero bw’i gisagara ca Osaka.
Muguhimbaza umunsi w’amavuka yiwe,bamuzaniye isahani y’ibifungurwa asanzwe akunda arivyo “sushis de maquereaux”.
Misao Okawa yavutse igenekerezo rya 5 Ntwarante 1898, aca yubaka urwiwe mu 1919, avyara abana babiri(umuhungu n’umukobwa) bakaba bose bakiriho,bafise imyaka irenga 90 y’amavuka.
Uwo mutamakazi yamenyesheje ko Atari bwigere agira ingorane z’amagara ,Atari igihe yarafise imyaka 102 aho yavunika ukuguru.
Mwomenya rero ko n’umugabo asanzwe ari uwa mbere afise imyaka myinshi nawenyene aba mubuyapani i Kyoto akaba azokwiza imyaka 116 mu kwezi kwa Ndamukiza.
Mariella Bukuru

