Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinée : Ku bantu 396 bafashwe na ebola 280 baciye bitaba Imana
 Guinée : Ku bantu 396 bafashwe na ebola 280 baciye bitaba Imana
 Guinée : Ku bantu 396 bafashwe na ebola 280 baciye bitaba Imana
				
				vendredi 27 Ruheshi 2014
Ibitigiri vy’abahitanwa n’indwara ya ebola biguma vyiyongera mu bihugu vya Guinée, Liberia na Sierra Leone nk’uko ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS ribimenyesha.
Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu rero, rikaba ryatumyeko inama yihuta y’ibihugu cumi na kimwe biri mu karere Guinée, Liberia na Sierra Leone biherereyemwo. Iyo nama ikaba ari iyizoraba uko ibihugu bindi vyokinga bitaronerwa nk’uko biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona. Kuri iyo ndwara nyene igisibije muri ivyo bihugu, ishirahamwe MSF rikaba ku wa 23 Ruheshi ryari ryagaragaje amakenga, ku ngorane yo gukinga ico kiza ca ebola.
Mwomenya ko mw’ishirahamwe OMS bavuga ko barajwe ishinga bimwe bidasanzwe n’iyo ndwara ya ebola, aho iriko irasasika inganda ku murindi uteye ubwoba muri ivyo bihugu vya Guinée, Liberia na Sierra Leone. Muri Guinée honyene, ku bantu 396 bafashwe n’iyo ndwara 280 baramaze kwitaba Imana.
Aristide Nizigire
