IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gupfunga abanyeporitike ni kimwe mu bigwanisho vy’ubutegetsi bwa CNDD (...)

Gupfunga abanyeporitike ni kimwe mu bigwanisho vy’ubutegetsi bwa CNDD FDD

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Ipfungwa rya Tasiyano Sibomana umudasigana yariko afasha mu bijanye n’ukwiyunga kwa UPRONA, kurateye umutima uhagaze bamwe, ndetse bikaboneka ko iyo ngendo yo gupfunga abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD ari nk’ikirwanisho c’ubutegetsi.

Uwo munyaporitike apfungiwe muri BSR yagirizwa ivyaha bitatu, harimwo gutegura kugumuka ku mugaragaro, kugumuka hamwe no kugomora abaja kunigana n’abajejwe umutekano. Kubw’uwumuburanira Anatole Miburo, avuga ko ivyo vyaha vyose ata na kimwe c’ukuri kirimwo, kuko ari imvo yo kudendekanya ivyaha, kugira uwaburanira atabwe mu mvuto. Avuga ko ata migumuko yarimwo, kuko yafashwe ariko arizimya akanyota. Abandanya avuga ko Tasiyano Sibomana adapfunzwe kubera ivyaha, ahubwo apfunzwe kubera umukeko wa poritike.

Bamwe mu baporona bakubiswe barashaya ku Mugumya

Uwo munyeporitike ava mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA yafashwe mu gihe abavuga ko bawurongoye bamenyesheje ku munsi w’ejo igenekerezo rya 16 Ruhuhuma ko batakiri muri Reta, ndetse ata n’umushikiranganji n’umwe bafiseyo, uhereye ku cegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Muri uwo mwanya ku munsi w’ejo, abadasigana bari ku Mugumya basaznwe bahurikiye muri iyo UPRONA itakivuga rumwe na CNDD FDD, barakubiswe barashaya, barasukwamwo n’ivyotsi bikoroza amosozi, bamwe baravunika abandi barafatwa bajanwa gupfungwa.

Pierre Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe asaba abajejwe umutekano, cane cane abaporisi kutaza barakoreshwa n’abanyeporitike canke ngo bahendwe n’abandi mu gusinzikariza ubuzima abanyagihugu. Abasaba nyabuna kwerekana ko badakora akazi kabo bafise aho bahengamiye, narirya bizwi ko bamwe mu bajejwe umutekano baje bava mu mihari yarwana. Ivyo rero hamwe vyoba, umwe wese agakora akazi kiwe ashaka gushira imbere umurwi yavuyemwo, igihugu coba kigiye gusubira inyuma nk’ibirenge. Nayo abahendwa bagahohotera ubuzima bw’abanyagihugu, bamenye ko hazogera aho bashengezwa, kandi intahe ikazobokera.

Tasiyano Sibomana akaba ari umwe mu banyeporitike kugeza ubu bari mu busho butandukanye bagirizwa ivyaha bitandukanye, harimwo ivyo kugumuka, gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Aho mwokwibuka na Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu apfunzwe yagirizwa gushaka gutanga ibiturire, hamwe n’abandi bapfunzwe bagirwa ibindi vyaha, bamwe mu bakurikirana agateka ka zina muntu bakavuga ko usanaga ari n’amarementanya bamwe bagirirwa, kugira bakurwe ku rubuga rwa poritike.


Aristide Nizigire

Messages

  • MUGERAGEZE MUSHIREKO AMASANAMU ZA VIDEO KUGIRA IVYO BAKORA AMAKUNGU ARONKE IVYEMEZO BIKWIYE VYABO BAGIRIGWA NABI NA CANE CANE ABANYAGIHUGU

  • Adolphe nshimirimana hamwe na petero nkuru baraye batagohetse mu nama yo kuraba uko bagandagura Tasiyano. Kuba batatumiye Eduard nduwimana nuko batakimwizera ijana kw’ijana. Uyo mushingantahe ariko arakorerwa torture ku musaga aho bamukubita mu gatondo sasita no ku muhingamo hama mw’ijoro akarara amanitse amaguru hejuru. Umuryango wa Tasiyano nube urategura ikigandaro basi nta kundi

  • Ndashimiye bivuye kumutima ikinyamakuru IGIHE ,n’abamenyeshamakuru mwese kukuntu mudahengeshanya gushira ukuri kukabarore!!Keep-up guys!! Uyu muvyeyi arambaraye aho iyaba yari nyina wa Petero vyamugwa neza??Please Peter reka kubesha Abantu nguri Pasteur,Sinzi ko nimana bizokunda ukayibesha muta!!

  • Kamwenubusa, urakwiye kumenyako ivyiwifuza kovyoba bijanye nikumirana ryamoko menyako mugihevyoba ntacowokwunguka nagito, Uwo Edouard Nduwimana aba CNDD FDD bazomukunda mazeze muvyimbe cankemureke, tumazimisi wewe Kamwenubusa tubonawitayehoko ibibazo vyabanyamigabwe bananirana ko wobihindura bikaba ivyamoko nimuriyontumbero uriko urabicishamwo yokugira mwerekane ko aba CNDD FDD batizeye umushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu ngokubera aruwo mubwoko bwabatutsi ivyovyose bifatanye nivyomwama mumwagiriza ko akoranabi muntumbero yokugira bamwake amabanga yashinzwe maze nibamukura mucemusimbira kwisunzuryinzu muvugengo bamukuye kubera arumututsi, harucutazi uwonumuvyeyi waba Tutsi nabahutu nabatwa. Kubijanye nuwo Tasiyano siwemuntumubi yotuma abowavuze bararabicaye kuberawe, nambababonye kwatanguye kuzana imicomibi ubu hariho abamubanjirije mbere bamusumvya arikontibatumye abowavuze bararabicaye. KAMWENUBUSA NUGENDE URANKA ABATUTSI BIMWEVYIMAZEYO! UKAVYEREKANIRA MUCIRORE CUKUVUGA KUBAKUNDA MUKUVUGA KO BARIKO BARABAGAMBANIRA UBWORERO UGASHAKA BAKWUMVIRE ABOMUKORANA MUCEMURONKA AHOMUBAKURA, NDAKWIBUTSE IKIKIBAZO SICABATUTSI NICUMUGAMBWE UPRONA NKUKONIYINDI MIGABWE IFISIBIBAZO BISA.

  • arstide nizigire uraduha amakuru meshi ya politique komera n’abandi bose ba igihe. muri canada tuguma dusoma kumwanya wose amakuru yiwacu kuri facebook

  • Mu Rwanda nuku vyatanguye muri 94, UMULIYONI URENGA W’ABATUTSI URAHONA mu minsi 100 gusa, none PETERO nkuru ndabona ashaka guheraheza ab’i burundi ahereye ku ncabwenge zo muri UPRONA

  • Kamwenubusa na Karikurubu mpejeje kuronka umuntabwira ko arumuntumwe yiha ayomazina abiri, ariko kwihayomazina sivyovyaribibi ikibi namajambo amuvamwo yogushaka kwita ibintu ukobitari kuko ashaka kwemeza ko UPRONA arumugambwe wabatutsi kandi agashaka guhimiriza abatutsi kwishiramwo ko barikobararonderwa, icoyomenya nuko uyumuntu yadufashije kugiratumenye ko ayamazina navuze ahoharuguru arumuntumwe ayiyita numututsi kandi arikwarababazwa namajambo avurwa na Karikurubu vyogushaka kuvugako abatutsi bashaka kwica Perezida wigihugu ngohanyuma bicebimera nkukwo vyagenze mu Rwanda.

  • Hari abantu muguma mwihenda cane,mwebwe KARIKURUBU,NAYUBURUNDI,KAMWENUBUSA,muvyiyunviro vyanyu ndabona ko mukiri muri yamyaka1960 gushika1993 Aho bica RWAGASORE na NDADAYEna Bafasha babo,nababafasha mumabanga,Ndabasabe mwunve izi mpanuro uwo yitwa MAMA yabahanuye,ndababwire ukuri uwohirahira akica PRESIDANT NKURUNZIZA naba mwungirije yobo yibagiye intambara twaciyemwo,kandi mwebwe muvuga ivyo mwishakiye,mukandika ivyo mwiyunvira,mwebwe ntashamba mwaciyemwo,muri IBITAZI,uwuzosubira gutera intambara ntazogenda ahungiye hanze ngo tumwemerere,ntazosimbumutaru.mwebwe rero navuze nabandi biyunvira nkamwe cira birarura,ubu nsinkakera.UMUTUTSI ,UMUHUTU,UMUTWA,bose basigaye bazi inkoho icarico,kandi bazi kurasa bose,kari AKAGOHE ndabavunuye,ntimwigerezeko kirazira.

  • Nyakwubahwa witwa MAMA uyu muntu aguma yihindura amazina kugira agumure abatutsi ngo ibintu muburundi biracika,ariko twamaz kumuhinyura,nabatutsi bagenziwe bamuhinyuye,nakubitize agatima mpemberokubatutsi banyarucari,bagorewe za CAMPAZI,RYANYONI,RUHORORO,TANZANIYA no mubindi bihugu,nahandi henshi ntiriwe ndavuga,abo BATUTSI na BAHUTU umenga ntamutima bafise wogukunda UBURUNDI na BARUNDI nukubiyamiriza twivuye inyuma,ukaza wunva ngo IKIBIRI,Ngo NYAKURI,FRONABU-TABARA,bakabesha ngo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike,ariko paciphique,naRUPYIRI ivyo bashikiriza kumaradio ukunva bitandukanye nivyo bajejwe mwayo mashirahamwe yabo,basigaye ari abanya poritike gusunvya abanya migambwe,ndavuga nsinvura yemwe,nibahinduke bajane nibihe turimwo.

  • @mama ushake ube wanafotoye biragusha jewe ndi KARIKURUBU sinterwa ubwoba nutwo tujambo twawe, ikiboneka nuko jewe mvuga ibintu vyibonekeza kandi unashatse kenshi ndatanga n’ingero. Hinge ONU itangure amaperereza ataho abogamiye turabeko dd itadagadwa. keep silent plz

  • Demokarasi rusigaye ari ururirimbo, ariko nyakururirimba umenga ntazi ico iryo jambo risigura. None Pierre Claver Mbonimpa arinze agera mu zabukuru atazi ko inteko zikingira umutekano n’abasirikare b’igihugu bakurikiza ivyo abategetsi babo bababwiye? Yomba ari ukwitonesha kuri izo MPORONA za Nditije na Ngayimpenda. Mbe bibaye nk’uko abivuze, nti abona ko igihugu coba gisubiye kurwa mu kaga? Turetse ivyo, na Kizigenza w’igihugu yoca arara atewe n’umunyagihugu wari we wese. Iyo mvugo ni yo ihakwa gutezarubwa Mbonimpa kimwe na Alexis Sinduhije. Yaba umunyepolitike canke abo bose bigira ko bataharanira ivyicaro vya politike, imvugo n’ingiro yabo, igana amaronko.

  • ABO BA MAMA NIMBA ARIBO BAVYAYE IVYO BINYWAMARASO TWE TUVUGA KO IHONYABWOKO RYATEGUWE NAKAGWI GATO EREGA RIRASHOBORA GUKOREGWA AMOKO YOSE RIKITWA JENOCIDE . YATEGUWE NA CNDD FDD CANKE ABANYAGIHUGU BAGASUBIRANAMWO KUBERA. NKURUNZIZA , NA KAGWI KIWE GATO KUKI ATINYA KO ABANTU BAVUGA IVYIYUMVIRO VYABO ? TURI MURI TANZANIA YAVUGAKO ATAWUZOZABUKA RUMPUNGWE NONE EHE RABA UBU NAHO ARINDIRE BENSHI INTOKI ZIRACAHETAMYE AHO IYO NZIRA YO GUTOTEZA WIBAZA KO HARUWOYEMERA ABO BAKONANGWE BAGARUTSE KURYANISHA ABARUNDI TWESE TURABIYAMIRIJE NKURUNZIZA. NIKINYWA MARASO100-0 NAKAGWI KIWE KA BA ADORPHE NA MAKUNGU ARABIZI IF PRESINDENT NKURUNZIZA IS PREPARE GENOCIDE IN BURUNDI, HE NEED TO KILL EVERY ONE FROM HIS OPPOSITION USING STRATEGIES OF DIFFERENT OFFENCES But no true every one need to stand and say NO WE NEEED TO CALL NATION UN , OR ORGANISATION NO GOVERNEMANTAL TO STOP ALL HELP FOR THIS GOVERMENT BECAUSE IS NOT DEMOCRATIQUE GOVERMENT THEIY ORGANISE JENOCIDE FROM THE HELP THEIY GET OR THEY ASK

  • Nimba dusenga mukuri twemera ko Imana iri hejuru yacu twese ndabasavye musome muri Matayo5:17-37 umwe wese ace yibona aho ahagaze.Imana ivuga ngo murabikora nkihorera mukibaza ko mpwanye namwe...
    murakoze

  • Mbega uwumuvugizi mushasha agauma avuga ko bagire bice umukuru wigihugu yagwaye mumutwe adusobanurira ishamba icarico nibiki duhe amahoro twebwe twandika ibihari biboneka nimpumyi ibona /mugabomushobora kuba mukibeye kwinera mwishamba kuko muzu twabaheye birabagora kuko utegerezwa kwihanagura haaaaaaaaaahiiiiiii

  • Karikurubu ntanumwe ngaha yemerewe kubuza umuntungontavuge iciyumviro ciwe, ariko ntidushobora kwemera uwushaka kugereka ingugo kubatutsi ko bagombagukora ibimeze nkivyakozwe ni Nkotanyi mu Rwanda igihezamanuru indege yarimwo abakuru bibihugu Buburundi nu Rwanda kandibakabigira baziko hariho abantu iyobafishije uwabo karyakagene bashobora kwiyahura canke bagakora ibintu bitigeze birangwa muribo ndetse nomumiryango yabo. Abatutsi rero bommu Burundi nabahutu ububasigaye bafitaniye vyishibumvakumwe bijanye nokwirinda uwowese yokora nkivyabaye mu Rwanda barya banya Rwanda bafuye bomumoko yose ntamututsi wiburundi numuhutu bitasesereje, nicogituma ubona muburundi abatutsi nabahutu bahagurukiye icarimwe kugira bakomeze inzego zigihugu hanyuma ivyobadahurirako bavyige babanje gukwiza amapine yimodoka barimwo kuko batayakwije bakayatsa haburamwo ipine zimwe bocababuravyosenkingata imenye. Kurivyovyamazinanavyo nakubwiye ko ukoresha abiri ntibijanye nokukugiriranabi ahubwo harihibindi uryamuhinga yaribonye vyishi ukoresha hanyuma umwanya ucurahera yambwiye ko niyasubira kuronka umwanya azobimbarira nawe nzoheza ndabikugezeho, kwiy’Isi yuyumusi uwoshaka yovuga ibintu ashobora kwemanga ntahendwe nuko abona yinyegeje kugasimu canke kuga computer atawumubona bagushatse bocabakwegera bakakubaza atibiryawanditse ubonavyuba? ntiwitwaze nguriza Buraya canke Amerika Australia Asia nahandi abonyene urihamahera yiyo simu canke computer muricogihugunyene urimwo nibobakubwira ati uraronderwa wanditserero ibintu ufitiyivyemezo ntangarukambibikugirira, arikuvuzeco perezida Nkurunziza arikwarashaka kwica abatutsi twebwenyene abatutsi nitwebwe tucatukwibariza impamvu urikurashaka kutugumura nkuwagumuye berewacu baba Cogoman bomubwoko bwabatutsi bigatumabibakwegera kutasubira kwishira nokwijana mubushobwabo bwinka mumicungararo yahitwa ku Murenge kandi batarabagumura bashaka barara munzu canke bakirari mwishamba iyobagiye kurangira inkazabo atankomakomwi’ uwoshaka nicagumye yocorosha kuko ahubona UNU ihanzwenavyishi sinzikomubibona. Mbiswama wamugani wa my friend Kanyombya womugihugu kibanyi.

  • Aho haruguru mu rwanda urya mukenyezi ko mutabwira mwenewanyu amurekure?amuhora iki?reka basha iyo bumenya umwe bwari ikindi.nibabahe inyobozo namwe izo mwabakubise muhonya nubwenge vyabahutu kuva muri za 50 nuko bobo bemera ko musabikanya ubutegetsi.mwebwe uwobabaza ico mwiciye Ndadaye mwogisigura?

  • reka reka gupfa ubusa muri bene burundi dutore umuti kuko uri hafi cane kandi tuwirengagiza tuwubona. ndaba burira kuko intambara ntawo yereye muri mwebwe nimba mwarabuz abanyu muntambara kumpand zose uyu sumwanya wokwihora cank kurihishanya.ivyabaye vyarabaye twese twarabuz muze twubake uburundi bwacu bwiza.nayinzira yugusesa amaraso ya mugenzawe ndakurahiye nuticuza mwihrezo ryawe! ikintu nyamukuru gabavukanyi banj mwese nobahanura kugira iherezo ryiza atawugutunga urutoke;cank ngwakwimyoze ;ugaheza winyegeza ;udatora agatiro nibindi..,nahuzobutunze uvyuzuye impange, cank ukaba general cank colonel BIZOGUPFAKO ubusa .uzo rutwa nuwariye aka jumbu yironderey .twiyumvire ejo hazoza heza .nayo (ese iyo menya ntagaciro igira) murantunga

  • Muri kahise Mumisi yahera ;
    #umuhutu yishe umututsi kwari ukutamenya
    #umututsi yishe umuhutu kwari ukutamenya
    subiza hamwe ufise nuwudafise turonderere hamwe tureke kuzomarira akaranga mutima kabarundi mukutizerana no kudakundana.samaraso nukwinubana bizoganza iki gihugu cacu cuburundi oya ugushirahamwe inguvu nububasha dufise tuka mamara mumakungu.
    kirazira ko umurundi aharihose yumva ishari ninzigo rya mugenziwe ;ntukagire umutima uhaganze ngo mugenzawe arafise naw utara ronka naw uzoronka umutima uri munda hezagra mugenzawe naw uronke imigisha mufashanye murime abubaka bubake mukore imirimo itandukanye musenyere kumugozi umwe niryo terambere ryabarundi nubBURUNDI.

    Uyo mwanya mufata muguterana amajambo kuriki kinyamakuru IGIHE ;iyaba mushirako imigambi irashe(itomoye) yiterambere.

    harageze ko twubaka ikigihugu ciza cane tugashira hamw ingumvu mugapanga gahunda ngaha kukimenyesha makuru yivyo korwa biga shikwako.
    ndazi harabagira bati kumbure inguvu nigikenye bizotsinda oya.

    ikinezereza nuko mubarundi benshi batahura ukuri ariko ndabagore kand munkundire TURANYOTEWE amahoro nokuywana kwabarundi bene mama.ndabibutse mwebwe mwese banywanyi bakino kimenyesha makuru ko MUBIFISEMWO URUHARA RUNINI gwo guterera uyubakwa ryu Burundi

    ndashimira nakino kimenyesha makuru IGIHE kitumenyesha ibigezweho ndagiteye intege!!!!

  • NKURUNZIZA Nareke Abobose Bahanganye Nabobidegevye,arekubahora,ivyiyumviro Vyabo,barekeno Kubapfunga Ivyiyumviro,vyabo Ayonamakosa,akora Kandi,atabereye.

  • NKURUNZIZA Nareke Abobose Bahanganye Nabobidegevye,arekubahora,ivyiyumviro Vyabo,barekeno Kubapfunga Ivyiyumviro,vyabo Ayonamakosa,akora Kandi,atabereye.

  • NONE KOBAMUFASHE BAZOMUREKURA RYARI?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.