IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Gutunga imbwa bifise akamaro akahe ku magara y’umuntu?

Gutunga imbwa bifise akamaro akahe ku magara y’umuntu?

vendredi 19 Nyakanga 2014

Abashakashatsi baravuga ko umuntu n’imbwa vyabanye imyaka irenga 30 000. Imbwa ikaba yafasha umuntu yaba munruhugi, kuraba ibitungwa, kumutabara n’ibindi. Mbe mwoba muzi kw’imbwa, naho benshi bayitinya canke bakayanka, ko ifise akamaro ku magara y’umuntu?

Dusanzwe tuzi ko imbwa ari igikoko gikunda uwugitunze iyo agifashe neza kandi kikamwumvira. Ariko ico gikoko kirafise akamaro kenshi ku muntu agitunze. Abashakashatsi bavuga ko ibipimo vyakozwe ku vyerekeye umwitwarariko mwinshi (stress) ku bakenyezi ugabanuka iyo barikumwe n’imbwa, kandi ko umuntu ashobora gukora, n’umwitwarariko muke, ikintu camusaba umwitwarariko mwinshi, iyo hari imbwa gusumba ko hoba umugenzi canke umufasha wiwe kuko imbwa yoyo itamucira urubanza muvyo aba ariko arakora.

Ivyirwa vyerekana ko gukorakora (caresser) igiko c’intugano, imbwa canke akayabu, bikingira umuntu indwara z’umutima kuko bigabanya ingene umutima utera canke uguhema.Gutunga cane cane imbwa birafasha kunonora imitsi, kuko uwutunze imbwa biramusaba kuyitaho cane, bigatuma atambuka cane kurusha uwutayifise, ivyo navyo biratuma agira amagara meza.

Ivyirwa vya vuba birekana ko ibikoko bigendanira abantu, nk’imbwa, bituma umuntu adahahamuka (dépression) canke yikumire bitewe n’uko arwaye indwara idakira canke afise ingorane zitandukanye. Kandi gutunga imbwa bifasha abana gutezimbere uburyo bwabo bwokuvuga badakoresheje amajambo, bakiga kugira urukundo, umutima wokuyoboka abandi (loyauté), no kugira umubano mwiza.

Ikindi n’uko imbwa ishobora kumva ko uwuyitunze ageramiwe, igaheza ikamutabara canke ikamutabariza, ikamumenyesha ko haje ikintu kimugirira nabi canke ko arwaye nka canceri bigatuma ashobora kwivuza kare. Imbwa irashobora kuyobora impumyi canke igatabara umuntu agire asome nturi. Iyo amazu yabomotse imbwa zirafasha gutora abantu bakiri musi yibihomoka.

Gutunga imbwa rero birafise akamaro ariko ni kumenya ko kuwuyitunze bisaba kuyitwararika, akayitaho cane mukuyigisha ingene ikwiye kubana n’abantu.


Nadege Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.