IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hagiye kwubakwa inzu z’abakozi ba Reta

Hagiye kwubakwa inzu z’abakozi ba Reta

dimanche 30 Kigarama 2012

Umurwi w’ishirahamwe rizotanga uburyo bwo kugira uyo mugambi uranguke urarindiriwe I Bujumbura kugira utere umukono,ibikorwa bizokurikiranwa n’ubushikiranganji bw’ibidukikije.

Reta y’UBurundi irategekanya kwubaka inzu zo kubamwo ku bakozi ba reta.Abasoda, abapolisi hamwe n’abagisha akaba aribo bazoba aba mbere bazironswa.Nkuko amakuru amwe abivuga inzu imwe yose izoba igizwe n’ivyumba bitatu uwuyibamwo akazoriha amafaranga imihumbi ijana na mirongo itanu ku kwezi kandi akaba ari nawe azoriha ishirahamwe Regideso.

Nkuko ayo makuru abandanya abitumenyesha ngo mu gisoda no mugipolisi abasoda b’amapete manini nibo uwo mugambi uraba ngo kuko abasoda bato bato basanzwe baba mu makambi. Ku bigisha badashikana ibihumbi ijana na mirongo itanu ngo ibikoresho vyarategekanijwe kugira bazokwubake mu bibanza reta isanzwe yarabahaye bakaba bazoriha ku nyungu itari nini.

Ayo makuru nyene amanyesha ko hategekanwa kandi isanurwa ry’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge no gushirayo ivyuma bigezweho, hazokwubakwa kandi ibibuga vy’inkino,amazu y’amakoraniro eka mbere n’urugomero rw’umuyagankuba rwo ku Mpanda rukaba ruzoherahezwa, uwo mugambi ukaba uzotwara amafaranga angana imiriyoni 500 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Nkuko umuyobozi mukuru ajejwe gutunganya ibisagara Jean Bosco Nsabumuremyi yavyiganiye bagenzi bacu babanyamakuru, ngo ntaco yobivugako kuko bikiri mu cirwa ariko kubwo amtohozwa yakozwe uwo mugambi woba uri ku rutonde rw’ibizokwirwa mu nama nshikiranganji yo muri ino ndwi tugiye gutangura.Ishirahamwe Trust rikaba ariryo rizoba rijejwe ivy’inyubako nayo uburyo bukaba buzova mw’ishirahamwe ry’abongereza Biz planners and advisors rikaba rizokorana n’ubushikiranganji bwo gutunganya ibisagara.

Mw’ikete umushikiranganji w’ikigega car Reta Tabu Abdallah Manirakiza yandikiye umuyobozi wa banki nkuru y’igihugu yamumenyeshejeko uwo mugambi wamaze gushika mu gisata kiraba ivyo amafaranga mu bushikiranganji atwara kandi ko washitse no mu gisata kiraba ivyo amategeko mu kigega mpuzamakungu FMI.

Bikaba bivurwa ko mbere umurwi w’ishirahamwe Biz planners and advisors urindiriwe kugira uzoshire igikumu ku masezerano y’ingurane izorihwa atanyungu.
Abakozi bamwe ba Reta bakaba bashima uwo mugambi ngo kuko n’ubundi inzu y’ivyumba bibiri isanzwe ikoteshwa amafaranga ibihumbi ijana na mirongo itanu.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.