Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Haiti: Inyuma y’imyaka ine nyamugigima ibaye, ntibaribagira ivyabaye
 Haiti: Inyuma y’imyaka ine nyamugigima ibaye, ntibaribagira ivyabaye
 Haiti: Inyuma y’imyaka ine nyamugigima ibaye, ntibaribagira ivyabaye
				
				lundi 13 Nzero 2014
Imyaka ine irarangiye, igihugu ca Haiti gikubiswe na nyamugigima idasanzwe yamaze amasegunda 35 gusa, aho yahitanye abantu n’ibintu bitagira uko bingana.
Nyamugigima yakubise mu gihugu ca Haiti, abahinga mu bijanye n’ibindagurika ry’ibirere bavuga ko yari ikomeye cane, ifise inkomezi ziharurwa mu vyo bita magnitude indwi. Hari kw’igenekerezo rya 13 Nzero umwaka w’2010, aho nyamugigima yakubita mu gihugu ca Haiti, abantu barenga ibihumbi 300 000 barakomereka hamwe n’abarenga umuriyoni n’igice babuze aho bakika umusaya ico gihe, abandi nabo bagapfa.
Kuva ico gihe gushika ubu, umubabaro w’ababuze ababo n’ivyabo ukaba utarashobora kuzimangana. Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 12 Nzero 2014, imisa yo gusabira abitavye Imana ikaba yarasomwe. Marie-frantz Joachim, umuyobozi w’ishirahamwe ry’abakenyezi aribuka amakuba yashikiye ico gihe igihugu ca Haiti, aho catangura guharura abahitanywe bose n’iyo nyamugigima. Agira ati: “ Baranyakuye bambwira igitigiri c’abapfuye gushika naho hageze aho ntagishobora kwandika, candabiheba kuko vyari bigoye kwihanganira”.
N’ubwo ico gihugu ca Haiti cahuye nayo makuba, cagumanye inkomezi zo gusubira kwiyubaka nk’uko bivurwa na Michaelle Jean, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe Unesco. “Igihugu kiragandaye nivyo, ariko gifise ishaka rigaragara ryo gusubira kwiyubaka no kwiteza imbere”.
Mwomenya ko abarokotse muri iyo nyamugigima bagiye hamwe kuri uyu w’Imana barasubira bariyibutsa ivyo bategerezwa gukora kugira basanure igihugu cabo bashize n’umutima hamwe.
Mariella Bukuru
