IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iyinjira ry’Uburundi mu mashirahamwe y’akarere, kimwe mu biriko (...)

Iyinjira ry’Uburundi mu mashirahamwe y’akarere, kimwe mu biriko birigwa

mardi 29 Gitugutu 2013

Mu nama y’abafasha Uburundi iriko ibera mu gisagara ca Bujumbura, abayitavye bariko bakorera mu mirwi, aho ibisata bimwe bimwe babigabuye mu mirwi ine, abari muri iyo nama rero bakaba bariko barahanahana ivyiyumviro.

Muri iyo nama umurwi wa mbere uriko uvugana ku bijanye n’intwaro ibereye n’ugutsimbataza amahoro, abari muri uyo murwi, barabirahamwe ibijanye n’uburongozi bubereye mu bisata vy’ubutunzi, ubutungane, ukwegereza ubutegetsi abanyagihugu. Umurwi wa kabiri nawo uriko urabira hamwe ibijanye n’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda sida, umurwi wa gatatu uriko uraba ibidukikije, ubutare n’agataka mu gihe umurwi wa nyuma uriko urabira hamwe iyinjira ry’Uburundi mu mashirahamwe y’akarere.

Iyo mirwi yose ukwo ari ine irimwo abashikiranganji baraba igisata basanzwe bajejwe. Abatari bake rero haba abitavye iyo nama n’abandi bakaba, bavuga ko uravye ivyo abafasha Uurundi basaba kugira babufashe, hari ibisata bimwe bikiri kure nk’ukwewi ndetse hamwe abategetsi batabiviriye hasi, bishobora n’ugutuma na nyamfashanyo bemerera igihugu batazozitanga. Muri ivyo harimwo ukutihanganiranira mu vyapolitike bisa ni vyananiranye gutuzwa, bamwe mu banyepolitike baburabuzwa mu bikorwa vyabo vya politike, abahohotera agateka ka zinamuntu badahanwa, bafashwe naho bakambikwa izera hadaheze na kabiri, abanyuruza amatungo ya Leta hamwe n’imfashanyo badatuzwa bimwe biboneka kandi badasiba kudomwako urutoke, n’ibindi vyinshi.

Kuri vyo rero n’ ibindi vyama vyavuzwe, abatari bake bakaba bibaza ko bigiye gutuzwa na rirya mw’ijambo ryiwe ry’ukwugurura ibikorwa vy’iyo nama, umukuru w’igihugu yagarutse ku tunenge tumwe tumwe twibonekeza haba muri politike, mu mibano, mu butungane,mu gisata c’ubutunzi, n’ibindi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.