IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hasabwa kugirwa amatohoza ku rupfu rw’umupolisi mu Cibitoke

Hasabwa kugirwa amatohoza ku rupfu rw’umupolisi mu Cibitoke

lundi 20 Rusama 2013

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama 2013, hari umupolisi yatowe mu gatondo yitavye Imana mu ruzi rwitwa Nyamagara mu ntara ya Cibitoke.

Ndikumana Yuvinari batazira Murere yatowe ikiziga n’abarimyi bari bazindutse kurima mu mirima yabo. Mu gipolisi aho mu Cibitoke, bemeza ko Murere yaguye mu ruzi kubera yari yasomye akarwa igihe yariko aja ku kirindiro gishasha bari mushizeko citwa Cishemere, ico kirindiro naco kikaba arico kijejwe gucungera umutekano w’abakongomani b’impunzi.

Ariko rero abahora bakorana n’umuhisi, bavuga ko iyo mvugo y’uko mugenzi wabo Ndikumana batazira Murere yahitanywe n’uruzi kubera yari yanyoye, bemeza ko idafashe, kuko atanumwe yamubonye ariko aranywa inzoga.

Ubu rero ikiziga ciwe kikaba kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vyo mu Cibitoke kugira hakorwe ibipimo kuriwe, mu ntumbero yo kumenya icamuhitanye vyukuri.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.