IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hassan Sheikh MOHAMUD, umukuru w’igihugu ca Somariya ari mu rugendo mu (...)

Hassan Sheikh MOHAMUD, umukuru w’igihugu ca Somariya ari mu rugendo mu Burundi

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Umukuru w’igihugu ca Somariya, Hassan Sheikh MOHAMUD ari mu Burundi mu rugendo rw’akazi kuva ku munsi w’ejo kuwa kabiri. Uwo mutegetsi wa Reta ya Somaliya amenyesha ko azanwe n’ugushimira igihugu c’Uburundi, ku bikorwa vy’abasirikare b’abarundi bari kugarukana amahoro muri Somariya.

Mu rugendo azosozera ku munsi w’ejo kuwa kane mu Burundi, Hassan Sheikh MOHAMUD avuga ko azobonana n’abategetsi batandukanye b’igihugu c’Uburundi, bose bakazoganira ku bikorwa vy’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Somariya, bisanzwe mbere birongowe n’intwazangabo y’umurundi, Lieutenant Général Silas Ntigurirwa, aramutswa ingabo za AMOSOM (African Union Mission in Somalia).

JPEG - 102.1 ko
Hassan Sheikh MOHAMUD, umukuru w’igihugu ca Somariya

Nk’uko umukuru w’igihugu ca Somariya, Hassan Sheikh MOHAMUD yabimenyesheje ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa gatatu, aho yakirwa n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri, urugendo rw’akazi yajemwo mu Burundi ruzomubera n’akaryo keza ko gushimira abategetsi b’Uburundi, kw’izina ry’abanyagihugu bo muri Somariya bashima ibikorwa birangurwa n’abasirikare b’abarundi, mu bikorwa barimwo vy’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Somariya kimaze imyaka irenga mirongo itatu mu ntambara z’urutavanavanako.

Twobamenyesha ko kuva mu ntango z’uwu mwaka w’2014, ingabo za AMISOM zashoboye kwigarurira ibisagara bigera kuri cumi na bitanu, bigashirwa mu minwe y’ingabo z’igihugu ca Somariya.


Egide Nduwimana

Messages

  • Komera nyakwubahwa president wa Somalia mperutse gutemberera mugihugu cawe nihonabonyeko igihugu cawe arico Somalia ko iyahataba intambara Somalia ibirimubihugu vyambere bikomeye ngahamuri Africa kandibikabonekanako ubarinzira yibidandazwa bitaribike, muvyukuri ntihahomvye aba Somalia gusa hahomvye Africa yose, arikoturizerako Somalia amahoro agiyegukomeza yiyongera burikumusi utashe Komera nyakwubahwa presidenti wa Somalia.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.